Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Bibiliya yoba yari yaravuze ivya Leta ya Isirayeli y’iki gihe?

Bibiliya yoba yari yaravuze ivya Leta ya Isirayeli y’iki gihe?

Bibiliya yoba yari yaravuze ivya Leta ya Isirayeli y’iki gihe?

MURI kino gihe, isi irarajwe ishinga n’ibibera mu karere k’ibihugu vy’Abarabu. Ibitero vy’abarasana ibisasu bikomeye, ugutana mu mitwe kw’imigwi y’abitwaje ibirwanisho hamwe n’ibitero vy’amabombe aterwa na ba gaterabwoba usanga biba kenshi. Aho ntitwokwibagira yuko bishoboka rwose ko hakoreshwa ibirwanisho ruhonyanganda. Ntibitangaje rero kubona abantu bo mu mihingo yose bahagaritse umutima!

No muri Rusama 1948, isi yari irajwe ishinga n’ivyariko birabera mu karere k’ibihugu vy’Abarabu. Ico gihe, ubu hakaba haheze imyaka 62, ikiringo Ubwongereza bwari bwahawe co gutegeka ico bita ico gihe Palesitina cariko kirarangira, intambara na yo ikaba yari hafi. Umwaka w’imbere y’aho, Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryari ryatanze uburenganzira bwo gushinga Leta y’Abayahudi yigenga mu gice kimwe c’uturere bari barigaruriye. Ibihugu vy’Abarabu vyari bikikuje ako karere vyari vyarahiye birarengwa ko bizokora ibishoboka vyose ngo biburabuze uwo mugambi. Urunani rw’Abarabu rwagabishije ruti: “Urwo rugabano rushizweho nta kindi kizoruranga atari umuriro n’amaraso.”

Hari ku muhingamo wo ku wa gatanu igenekerezo rya 14 Rusama 1948, isaha 10. Mu masaha makeyi, ca kiringo Ubwongereza bwari bwahawe co gutegeka cari kigiye kurangira. Mu nzu y’iratiro ry’ivya kera iri i Tel Aviv, umugwi mutoyi w’abarorerezi 350 bari ng’aho batumiwe mw’ibanga kugira ngo bumvirize itangazo ryari ririndiranywe igishika, na ryo rikaba ryamenyesha icese ko Isirayeli yo muri iki gihe ibaye Leta yemewe. Umutekano wari ucungerewe bimwe bikomeye kugira ngo abansi injojo b’iyo Leta nshasha ntibahungabanye ivyo birori.

Uwitwa David Ben-Gurion, akaba ari we yari arongoye Inama nkuru ya Isirayeli, yarasomye Itangazo ryerekeye ishingwa rya Leta ya Isirayeli. Muri iryo tangazo harimwo amajambo agira ati: “Twebwe abagize Inama nkuru y’abanyagihugu, tukaba kandi duserukira umuryango w’Abayahudi bo muri Erezi-Isirayeli, . . . twishimikije uburenganzira duhabwa n’amamuko yacu be na kahise kacu, twishimikije kandi ububasha bw’ingingo yafashwe n’Inama nkuru ya ONU, turatangaje icese ko hashinzwe Leta y’Abayahudi muri Erezi-Isirayeli, ikaba igiye kwitwa Leta ya Isirayeli.”

Bwoba ari ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwari burangutse?

Abaporoti bamwebamwe bo mw’ishengero rya Evanjelike bemera ko ishingwa rya Leta ya Isirayeli yo muri iki gihe ryabaye iranguka ry’ubuhanuzi bwo muri Bibiliya. Nk’akarorero, umukuru w’idini umwe yitwa John Hagee aravuga mu gitabu kimwe (Jerusalem Countdown) ati: “Ico gihe c’intibagirwa cari caranditswe n’umuhanuzi Yesaya, uwavuze ati: ‘Igihugu kizovukira umusi umwe.’ (Raba muri Yesaya 66:8.) . . . Ni co gihe gihambaye kuruta ibindi vyose mu bijanye n’ubuhanuzi bwarangutse mu kinjana ca mirongo ibiri. Cabaye ikimenyamenya nyaco cereka abantu bose ko Imana ya Isirayeli ikiriho.”

Ivyo none vyoba ari vyo? Ibivugwa muri Yesaya 66:8 vyoba vyashaka kwerekana ko hoshinzwe Leta ya Isirayeli yo muri iki gihe? Mbega igenekerezo rya 14 Rusama 1948, coba cari co “gihe gihambaye kuruta ibindi vyose mu bijanye n’ubuhanuzi bwarangutse mu kinjana ca mirongo ibiri”? Asangwa Leta ya Isirayeli yo muri iki gihe ikiri ihanga Imana yatoranije ikaba kandi iriko irayikoresha kugira ngo ishitse ubuhanuzi bwo muri Bibiliya, vyoba vy’ukuri ari ibintu abatohoji ba Bibiliya bo mu mihingo yose boshima kwitwararika.

Ubwo buhanuzi bwo muri Yesaya bugira buti: “Ni nde yumvise ikintu nk’ico? Ni nde yabonye ibintu nk’ivyo? Mbega igihugu covyarwa mu bubabare bw’ibise mu musi umwe? Canke, ihanga ryovukira rimwe? Kuko Siyoni yagiye mu bubabare bw’ibise yongera iribaruka abana bayo.” (Yesaya 66:8) Ico canditswe biribonekeza ko kiriko kiravuga ko ihanga rizima ryovutse bukwi na bukwi nk’aho ari mu musi umwe gusa. Ariko none ni nde yotumye iryo vuka riba? Umurongo ukurikira uradufasha kubitahura. Ugira uti: “‘Nayo jewe, mbega notuma igitereko ciyugurura sintume haba ukwibaruka?’ ni ko Yehova avuga. ‘Canke, mbega ndatuma haba ukugomba kwibaruka mugabo nkugara vy’ukuri igitereko?’ ni ko Imana yawe ivuze.” Yehova Imana aratomora neza ko iryo vuka ritangaje ry’ihanga cobaye igikorwa ciwe.

Isirayeli yo muri iki gihe itwarwa nka Leta ya demokarasi itegamiye ivy’idini, kandi nta ho yigera ivuga icese ko yisunga ya Mana ivugwa muri Bibiliya. None mu 1948, abo muri Isirayeli boba baramenyesheje icese ko Yehova Imana ari we yatumye batangaza ko Leta yabo ishinzwe? Haba namba. Mu nteguro ya mbere y’iryo tangazo, nta na hamwe hari handitswe izina ry’Imana canke mbere ijambo “Imana.” Ku bijanye n’integuro ya nyuma y’iryo tangazo, igitabu kimwe c’ivya kahise k’Abayahudi (Great Moments in Jewish History) kivuga giti: “Mbere no kw’isaha indwi z’umuhingamo igihe Inama nkuru y’igihugu yakorana, abari bayigize ntibashobora guhuriza ku majambo agize itangazo rijanye n’ishingwa rya Leta. . . . Abayahudi bumira cane ku mico yabo bashaka ko muri iryo tangazo havugwa ivyerekeye ‘Imana ya Isirayeli.’ Abatanegwa ivy’Imana bobo barananye. Kugira ngo Ben-Gurion yoroshe ibintu, yaciye afata ingingo y’uko ijambo ‘Gitandara’ ryokoreshwa mu kibanza c’ijambo ‘Imana.’”

Kugira ngo Leta ya Isirayeli yo muri iki gihe ivuge yuko ikwiriye kubonwa ko ari Leta, yishimikiza ingingo yafashwe na ONU, ikishimikiza n’ico yita uburenganzira ihabwa n’amamuko y’Abayahudi be na kahise kabo. Ubwo vyoba vyumvikana umuntu yiteze ko Imana ivugwa muri Bibiliya yokora igitangaro kijanye n’ubuhanuzi gikomeye kuruta ibindi vyose mu vyarangutse mu kinjana ca 20, ikagikorera abantu banka kuyiha icubahiro?

Isirayeli ya kera n’iyivugwa ko ari Leta ya Isirayeli y’iki gihe, hari ico bisa bisana?

Ukutibanga Imana kwa Isirayeli yo muri kino gihe kurahushanye rwose n’ukuntu vyari vyifashe mu 537 B.G.C. (B.G.C. bisobanura imbere y’igihe cacu) Ico gihe, ihanga rya Isirayeli vy’ukuri ryabaye nk’aho risubiye kuvuka mu musi umwe inyuma y’imyaka 70 yari iheze Abanyababiloni bariteye bakongera bakarinyaga abanyagihugu. Ico gihe, ibivugwa muri Yesaya 66:8 vyararangutse bimwe biboneka igihe wa Muperesi Kuro Mukuru yigarurira Babiloni yarekura Abayuda ari bo Bayahudi ngo basubire mu gihugu cabo c’amavukiro.​—Ezira 1:2.

Uwo mwami w’Umuperesi ari we Kuro yaremeye ko Yehova ari we yakoze ivyo vyabaye mu 537 B.G.C., kandi n’abasubiye i Yeruzalemu basubiyeyo bafise umugambi utomoye wo gusubizaho insengo ya Yehova Imana no gusubira kwubaka urusengero rwiwe. Leta ya Isirayeli y’iki gihe ntiyigeze ivuga icese ko ifise icipfuzo mwene ico canke umugambi mwene uwo.

Ryoba rikiri ihanga ryatoranijwe n’Imana?

Mu mwaka wa 33 G.C. (G.C. bisobanura mu Gihe Cacu), ihanga ry’Abisirayeli bo ku mubiri ryaratakaje agateka ko kwitwa ihanga ryatoranijwe n’Imana igihe ryatera akagere Umwana wa Yehova ari we Mesiya. Uwo Mesiya ubwiwe yabivuze muri aya majambo agira ati: “Yeruzalemu, Yeruzalemu, wewe wica abahanuzi ugatera amabuye abagutumweko . . . Ehe inzu yanyu murayitanywe.” (Matayo 23:37, 38) Ivyo Yezu yavuze vyararangutse mu 70 G.C. igihe inteko z’Abaroma zasambura Yeruzalemu, urusengero rwaho be n’ubuherezi. Ariko none, vyogendeye gute wa mugambi w’Imana w’uko yogize ‘inyegu idasanzwe mu bindi bisata vyose, ubwami bw’abaherezi n’ihanga ryeranda’?​—Kuvayo 19:5, 6.

Intumwa Petero, ubwiwe akaba yari Umuyahudi wo ku mubiri, arishura ico kibazo mw’ikete yandikiye abakirisu, baba Abayahudi canke abatari Abayahudi. Yanditse ati: “Mwebwe muri ‘ubwoko bwatowe, ubuherezi bwa cami, ihanga ryeranda, igisata c’inyegu yiharijwe,’ . . . kuko kera mutari igisata, mugabo ubu muri igisata c’Imana; mwari abatari baragiriwe imbabazi, mugabo ubu muri abagiriwe imbabazi.”​—1 Petero 2:7-10.

Abakirisu barobanujwe impwemu nyeranda rero begukira ihanga ryo mu buryo bw’impwemu, kandi kuba mu bagize iryo hanga ntibivana n’umuryango canke igihugu umuntu yavukiyemwo. Intumwa Paulo yaradondoye ico kintu ati: “Kwaba ukugenyerwa canke ukutagenyerwa [n]ta co bivuze, ahubwo ikiremwa gishasha ni co kiri n’ico kivuze. Kandi abo bose bazogendera ku rutonde bisunga iyo ngingo ngenderwako, amahoro n’imbabazi bibe kuri bo, egome, kuri Isirayeli y’Imana.”​—Abagalatiya 6:15, 16.

Ihanga rya Isirayeli ryo muri kino gihe rivuga ko ryiteguriye guha ubwenegihugu Umuyahudi uwo ari we wese w’imvukira canke uwahindukiriye idini ryabo, ariko ubwenegihugu mu co Bibiliya yita “Isirayeli y’Imana” bwobwo buhabwa gusa ‘abagamburuka kandi bamijagiwe amaraso ya Yezu Kristu.’ (1 Petero 1:1, 2) Mu kuvuga ibijanye n’abagize Isirayeli y’Imana, ari bo Bayuda canke Abayahudi bo mu vy’Imana, Paulo yanditse ati: “Uwuri Umuyuda inyuma [si] we Muyuda, eka n’ukugenyerwa kw’inyuma ku mubiri si kwo kugenyerwa. Mugabo Umuyuda ni uwuri we imbere, kandi ukugenyerwa kwiwe ni ukw’umutima biciye ku mpwemu, bidaciye ku mategeko yanditse. Ishimagizwa ry’uwo ntiriva ku bantu, ahubwo riva ku Mana.”​—Abaroma 2:28, 29.

Uwo murongo uradufasha gutahura iciyumviro Paulo ashikiriza kitabonwa kumwe na bose. Mw’ikete Paulo yandikiye Abaroma, yarasiguye ukuntu Abayuda b’imvukira batizera bari bameze nk’amashami y’igiti c’umwelayo c’ikigereranyo yahanyuwe kugira ngo “amashami” y’umwelayo w’“umunyeshamba” agereranya abatari Abayuda, ashobore kwomekwako. (Abaroma 11:17-21) Mu gusozera ico kigereranyo, avuga ati: “Ugukomantaza umutima kwashikiye Isirayeli, ariko atari yose, gushika igitigiri cuzuye c’abanyamahanga cinjiye, kandi muri ubwo buryo Isirayeli yose izokizwa.” (Abaroma 11:25, 26) Paulo yoba yariko aravuga ko umusi uri izina amasinzi y’Abayahudi yohindukiriye ubukirisu? Biribonekeza ko ikintu nk’ico kitaraba.

Mu kuvuga ngo “Isirayeli yose,” Paulo yashaka kuvuga Isirayeli yose yo mu buryo bw’impwemu, ni ukuvuga abakirisu barobanujwe impwemu nyeranda. Yariko aravuga yuko kuba Abayuda b’imvukira batemeye Mesiya bitotesheje umugambi w’Imana wo kuronka ‘igiti c’umwelayo’ co mu buryo bw’impwemu cuzuyeko amashami yama ivyamwa. Ivyo birahuye n’ukuba Yezu ubwiwe yarigereranije n’umuzabibu, uwo amashami yawo atama azohanyurwa. Yezu yavuze ati: “Ni jewe muzabibu w’ukuri, Dawe akaba ari we murimyi. Ishami ryose ryo muri jewe ritama ararikura, iryama ryose na ryo akarityorora kugira ngo rirushirize kwama.”​—Yohani 15:1, 2.

Ishingwa rya Leta ya Isirayeli yo muri iki gihe ntiryari ryaravuzwe muri Bibiliya, ariko ishingwa ry’ihanga rya Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu ryoryo nta gukeka ko ryari ryaravuzwe! Niwamenya iryo hanga ryo mu buryo bw’impwemu ukongera ukifatanya na ryo muri iki gihe, uzokwironkera imihezagiro y’ibihe bidahera.​—Itanguriro 22:15-18; Abagalatiya 3:8, 9.

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 29]

Ikigereranyo Paulo yatanze c’igiti c’umwelayo casobanura iki?

[Ifoto ku rup. 27]

Uyu ni David Ben-Gurion, ku wa 14 Rusama 1948

[Abo dukesha ifoto]

Todd Bolen/Bible Places.com

[Abo dukesha ifoto ku rup. 27]

Israel Government Press Office, Uwafashe ifoto ni Kluger Zoltan