Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

‘Izoreka uyironke’

‘Izoreka uyironke’

Niwiyegereze Imana

‘Izoreka uyironke’

1 NGOMA 28:9

WOBA uzi Imana? Kwishura ico kibazo bisa n’ivyoroshe ariko ntivyoroshe. Kumenya vy’ukuri Imana birimwo no kumenya neza ivyo igomba be n’inzira zayo. Tubigenjeje gutyo, turagiranira na yo ubucuti bwa hafi bikagira ikintu kinini cane bihinduye ku buryo tubayeho. None mwene ubwo bucuti bwa hafi bwoba vy’ukuri bushoboka? Nimba bushoboka, twobushikako gute? Inyishu z’ivyo bibazo turashobora kuzironkera mu mpanuro Umwami Dawidi yahaye umuhungu wiwe Salomo, tukaba tuzisanga mu 1 Ngoma 28:9.

Iyumvire ukuntu ibintu vyifashe. Dawidi amaze imyaka hafi 40 ategeka Isirayeli, kandi iryo hanga ryarasagamvye mu kiringo c’ubutegetsi bwiwe. Salomo, ari na we agiye vuba kumusubirira, aracari muto cane. (1 Ngoma 29:1) None ni impanuro iyihe Dawidi asiga ahaye umuhungu wiwe?

Dawidi afatiye ku tuntu n’utundi yiboneye mu gukorera Imana, atangura avuga ati: “Salomo mwananje, umenye Imana ya so.” Dawidi ategerezwa kuba atariko avuga gusa ivyo kugira ubumenyi bwerekeye Imana. Salomo asanzwe asenga Imana ya Dawidi ari yo Yehova. Hafi ica gatatu c’Ivyanditswe vy’igiheburayo biramaze kwandikwa, kandi Salomo nta gukeka ko azi ico ivyo vyandikano vyeranda bivuga ku vyerekeye Imana. Incabwenge imwe ivuga ko ijambo ry’igiheburayo ryahinduwe ngo “kumenya” rishobora gusobanura “kumenya ikintu mu buryo bwimbitse cane.” Egome, Dawidi ashaka ko umuhungu wiwe atsimbataza ico Dawidi ubwiwe yamye aha agaciro, ni ukuvuga ukugiriranira ubucuti bwa hafi n’Imana.

Mwene ubwo bucuti bwa hafi bukwiye kugira ikintu kinini bukoze ku kuntu Salomo abona ibintu no ku buryo abaho. Dawidi ahimiriza umuhungu wiwe ati: “Uyikorere n’umutima ukwiye be n’umutima uhimbawe.” Urabona ko yasabwe gukorera Imana amaze guhimirizwa ngo ayimenye. Kumenya vy’ukuri Imana bituma umuntu ayikorera. Ariko rero ntishaka ko umuntu ayikorera ahigimanga n’umutima wigabuye, canke ngo ayikorere yiyorobeka afise imitima ibiri. (Zaburi 12:2; 119:113) Dawidi asaba umuhungu wiwe amwinginga ngo akorere Imana n’umutima wiwe wose kandi abikunze.

Ni kubera iki Dawidi ahimiriza umuhungu wiwe gusenga abitumwe n’imvo nziza kandi afise ivyiyumviro bigororotse? Dawidi asigura ati: “Kuko Yehova asesa imitima yose kandi akamenya impengamiro yose y’ivyiyumviro.” Salomo ntakwiye gukorera Imana arondera gusa kunezereza se Dawidi. Imana irondera abipfuza kuyikorera ata buryarya.

None Salomo yoba azokurikiza akarorero ka se akiyegereza Yehova? Ivyo bivana na Salomo. Dawidi abarira umuhungu wiwe ati: “Niwamurondera, azoreka umuronke; mugabo niwamuheba, azogushibura ibihe bidahera.” Kugira ngo Salomo abe umusavyi w’Imana afitaniye na yo ubucuti bwa hafi, abwirizwa kugira utwigoro tuboneka kugira ngo amenye Yehova. a

Impanuro ya kivyeyi Dawidi yatanze iradukura amazinda yuko Yehova ashaka ko tumwiyegereza. Mugabo kugira ngo tugiranire na we ubwo bucuti bwa hafi, turakeneye ‘kumurondera’ mu gusesangura mu Vyanditswe kugira ngo tumumenye neza. Kumumenya bikwiye gutuma twipfuza kumukorera n’umutima wacu wose kandi tubikunze. Ico ni co Yehova yiteze ku basavyi biwe kandi arabibereye.​—Matayo 22:37.

[Akajambo k’epfo]

a Ikibabaje ni uko naho Salomo yabanje gukorera Imana n’umutima wiwe wose, atagumye ari umwizigirwa.​—1 Abami 11:4.