Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nuremeshe ababuze, nk’uko Yezu yabigize

Nuremeshe ababuze, nk’uko Yezu yabigize

Nuremeshe ababuze, nk’uko Yezu yabigize

LAZARO, uwaba i Betaniya, yararwaye arasinzikara. Bashikiwe Marita na Mariya baciye barungika intumwa ku mugenzi wabo somambike, ari we Yezu. Mugabo iyo ndwara yaruhiye guhitana Lazaro. Lazaro bamaze kumuhamba, abagenzi n’ababanyi baraje kuraba Marita na Mariya “kugira ngo babirure.” (Yohani 11:19) Yezu yahavuye ashika i Betaniya, aca aja kuraba abo bagenzi biwe yikundira. Twihweje ivyo yavuze n’ivyo yakoze, birashobora kugira ico bitwigishije ku vyerekeye ukuntu tworemesha ababuze.

Kuba ari ho uri birerekana ko ubitwararika

Kugira ngo Yezu ashike i Betaniya, yategerezwa kugenda nk’imisi ibiri, akajabuka Uruzi Yorodani aca mu nzira iduga igenda ikata amakorosi iva i Yeriko. Marita yaciye agenda ningoga gusanganira Yezu aho ico kigwati gitangurira. Mariya amaze kwumva ko Yezu yaje, yaciye na we nyene anyaruka kumuraba. (Yohani 10:40-42; 11:6, 17-20, 28, 29) Kuba Yezu ari ho yari ari bitegerezwa kuba vyararemesheje abo bagore bavukana bari bishwe n’intuntu.

Nk’uko kwa Yezu, kuba ari ho turi birashobora kwirura abatuntujwe n’ukubura. Scott na Lydia, ababuze agahungu kabo Theo k’imyaka itandatu kahitanywe n’isanganya, bavuga ivyo bibuka bati: “Twari dukeneye incuti n’abagenzi boshobora kudufata mu mugongo. Baciye baza mu gicugu badusanga ku bitaro.” None abo bagenzi bavuze iki? Scott na Lydia bavuga bati: “Muri uwo mwanya si amajambo twari dukeneye. Kuba ari ho bari vyari bihagije; vyaratweretse ko batwitwararika.”

Bibiliya ivuga ko igihe Yezu yabona abariko barizwa n’urupfu rwa Lazaro yaciye “abura amahoro” maze “arakorora amosozi.” (Yohani 11:33-35, 38) Yezu ntiyibwiye yuko ngo ‘amosozi y’umugabo atemba aja mu nda.’ Yarasangiye na bo umubabaro. Ivyo none bitwigisha iki? Igihe tugendeye ababuze, ntidukwiye kugira isoni zo kurirana n’abarira. (Abaroma 12:15) Ariko kandi, ntitubwirizwa guhata ababuze ngo barire vyanka vyakunda. Hari aboshima kuririra mu mwiherero.

Nutege yompi ubigiranye impuhwe

Yezu ashobora kuba yari afise mu bwenge amajambo yo kuremesha Marita na Mariya, ariko biboneka ko yaretse ngo abe ari bo babanza kuvuga. (Yohani 11:20, 21, 32) Igihe yavugisha Marita, yaramubajije ikibazo maze atega yompi.​—Yohani 11:25-27.

Ubaye umuntu azi gutega yompi vyerekana ko witwararikana vy’ukuri. Kugira ngo duhumurize ababuze, turakeneye kubatega yompi. Turashobora kwerekana ko turi abantu bazi gutega yompi mu kubaza ibibazo bituma uwabuze arushiriza guserura iryo agona. Ariko rero, dukwiye kwiyubara ntitubahatire kuyaga nimba bo bishakira kuguma banumye. Boshobora kuba biruhiye bakaba bakeneye kuruhuka.

Abatuntujwe n’ukubura boshobora kwumva badundumiwe, rimwe na rimwe bakaza barasubiramwo ivyo bamaze kuvuga. Bamwebamwe usanga basuka ibiri mu mutima wabo. Yaba Mariya canke Marita, bompi babwiye Yezu bati: “Mukama, iyo uza kuba wari hano musazanje ntiyari gupfa.” (Yohani 11:21, 32) None Yezu yaciye akora iki? Yarateze yompi yihanganye kandi abigiranye impuhwe. Ntiyagerageje kubabwira ukuntu bakwiye kwiyumva. Nta gukeka ko yatahura umubabaro ukomeye ababuze bashobora kugira.

Nimba utabona neza ico wovuga igihe ugendeye uwabuze, woshobora gutanguza ikiyago mu kubaza uti: “Wumva umerewe gute?” Nuce rero utega yompi ivyo akwishura udasamara. Niwitunire cane ku vyo uriko urumva. Numurabe mu maso, ugerageze gutahura ukuntu yiyumva.

Gutahura ukuntu uwabuze yiyumva ntivyoroshe. Lydia asigura ati: “Ivyo dukeneye ntivyagumye ari vya bindi. Rimwe na rimwe vyaranka ko twigumya tugaturikisha tukaririra imbere y’abatugendeye. Twaba gusa dukeneye ko abandi baba abantu babona ibintu mu buryo bwiza. Abagenzi nta ko batakoze kugira ngo batahure ukuntu twiyumva.”

Ivyo Yezu yarabikoze ata gahaze. Yari azi ko umwumwe wese afise “icago ciwe n’ububabare bwiwe.” (2 Ngoma 6:29) Yezu ntiyishuye kumwe ba bagore bavukana baza kumusanganira, ahubwo yahuje n’ukuntu ivy’umwe wese vyifashe. Kubera ko Marita yabandanije kuvuga, Yezu yaciye amuganiriza. Ariko kubera ko Mariya yariko ararira, Yezu ntiyamuvugishije kanini. (Yohani 11:20-28, 32-35) None akarorero ka Yezu katwigisha iki? Vyoba vyiza uretse uwabuze akaba ari we wisunga mu kiyago. Ugize umutima ukunze wo kumutega yompi igihe aserura intuntu afise, vyoshobora kumuremesha cane.

Nuvuge amajambo avura

Igihe Mariya na Marita babwira Yezu ngo “Iyo uza kuba wari hano,” nta we yaciye atako umwikomo canke ngo amushavurire. Yishuye Marita amusubiriza umutima mu nda ati: “Musazawe arazuka.” (Yohani 11:23) Muri ayo majambo make, Yezu yaramufashije kuraba ibiri imbere, aramwibutsa abigiranye umutima mwiza ko hariho icizigiro.

Igihe uganira n’ababuze, niwibuke yuko amajambo atarimwo uburyarya kandi aremesha yoshobora kugira ikintu kinini afashije naho yoba ari make. Amajambo yirura urashobora kuyavuga canke ukayandika. Kubera ko amakete n’udukarata umuntu ashobora gusubira kubisoma, birashobora kumara igihe kirekire biza biramuremesha. Haciye amezi icenda Kath abuze umunega wiwe Bob, yarasubiye gusoma udukarata twose bari baramwandikiye. Yavuze ati: “Ico gihe twaramfashije rwose kuruta igihe naturonka. Ico gihe ni ho naza naronka indemesho koko.”

Wokwandika iki mu gakete kagufi ko kwirura uwabuze? Woshobora kugira ivyo wanditse ku vyerekeye uwo muhisi, ukavuga ivyo mwaciyemwo muri kumwe canke kamere washima cane kuri we. Kath avuga ati: “Amajambo arimwo igishika avugwa ku vyerekeye Bob no ku vyerekeye ukuntu yari ameze atuma numva nshaka gutwenga no kurira vyose icarimwe. Inkuru zitwenza zimwerekeye zituma ntwengera mu mutima, zikanyibutsa ubuzima buhimbaye twasangiye. Udukarata twinshi naronse twarimwo imirongo yo muri Bibiliya, nkaba nsigaye ndadukunda cane.”

Nubafashe mu buryo buboneka

Kugira ngo Yezu afashe umuryango wa Lazaro, yakoze ico twebwe tudashoboye: yarazuye Lazaro. (Yohani 11:43, 44) Ariko rero turashobora gukorera ababuze ibintu biboneka dushoboye, nk’akarorero kubategurira udufungurwa, guha indaro abaje kubaraba, kubamesurira, kubafasha kuraba abana batoyi, kuja kubaronderera utu na turiya canke kubafasha mu vyo kwiyunguruza. Ibikorwa bisanzwe ariko biranga urukundo nyakuri, ababuze ntibazobura kubishima cane.

Birumvikana ko abatuntujwe n’ukubura boshobora gukenera akanya ko kuba ari bonyene. Ariko urashobora kwibwiriza kuguma uhanahana amakuru na bo. Umuvyeyi umwe yigeze kubura yavuze ati: “Nta kiringo twovuga ko umuntu atorenza agituntuye, eka kandi nta wovuga ngo ku musi kanaka uwabuze azoba yasubiranye.” Hari abagerageza kwibuka ababuze, bakabibuka ku misi ihambaye, nk’umusi bene kubura bibuka ubugeni bwabo canke umusi uwabo yapfiriyeko. Ubaye ari ho uri mu bihe nk’ivyo, woshobora kuba umugenzi kirumara mu bihe bigoye.​—Imigani 17:17.

Indemesho Yezu yatanze yarimwo n’icizigiro yari yarigishije abigishwa biwe. Yavuze ati: “Lazaro umugenzi wacu araruhutse, mugabo ndagiyeyo kumukangura mw’itiro.” (Yohani 11:11) Yezu yareretse neza abayoboke biwe yuko izuka ry’abapfuye rizoba. Yabajije Marita ati: “Uremera ivyo?” Na we ati: “Egome, Mukama.”​—Yohani 11:24-27.

Woba wizera ko Yezu azozura abapfuye? Nimba uvyizera, nubwire ico cizigiro c’agaciro ababuze. Nubafashe mu buryo buboneka. Ivyo ubabwira be n’ivyo ubakorera ntibizobura kubaremesha.​—1 Yohani 3:18.

[Ikarata ku rup. 9]

(Ushaka igisomwa cose, raba iki kinyamakuru)

PEREYA

Uruzi Yorodani

Yeriko

Betaniya

Ikiyaga c’Umunyu

Yeruzalemu

SAMARIYA