Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Umunyamibembe akizwa

Umunyamibembe akizwa

Ku bw’urwaruka

Umunyamibembe akizwa

Ibimenyeshejwe: Uyu mwimenyerezo, nuwukorere ahantu hatekanye. Igihe usoma ivyanditswe, nubone yuko ufise uruhara muri ivyo biriko biraba. Niwihe ishusho y’ibiriko biraba, wumve amajwi. Niwiyumve nk’uko abantu nyamukuru bavugwa muri iyo nkuru biyumva. Nubone ibivugwa muri iyo nkuru nk’ibiriko biraba koko.

Abantu nyamukuru bavugwamwo: Namani, Elisha hamwe n’akigeme k’Akisirayelikazi katavugwa izina

Incamake: Umukuru w’ingabo w’Umusiriya, ari we Namani, arakizwa indwara iteye ishishi inyuma y’aho Akisirayelikazi gaseruriye iciyumviro c’uko yoja kubonana na Elisha.

1 NIWIHWEZE IBIRIKO BIRABA.​—SOMA 2 ABAMI 5:1-19.

Ako Kisirayelikazi gategerezwa kuba karumva kamerewe gute, uzirikanye ku kuntu kari karakuwe mu muryango wako watinya Imana?

․․․․․

Wibaza ko Namani yari afise umubabaro umeze gute, kubona yari umugabo akomeye ariko afise indwara isinzikaza?

․․․․․

Wibaza ko Namani n’abasuku biwe bumva bamerewe gute igihe bariko baraganira, nk’uko tubibona ku murongo wa 11 gushika ku wa 13?

․․․․․

Ubona Namani ahindura gute inyifato uhereye ku murongo wa 15?

․․․․․

2 NURUSHIRIZE KWIMBA.

Ni ibiki vyoba vyaratuma Namani agira ubwibone? (Subira usome umurongo wa 1.)

․․․․․

Ukoresheje ibikoresho vy’ubushakashatsi woronka, nurondere amakuru ajanye n’imibembe mu bihe vya Bibiliya. a (Nk’akarorero, iyo ndwara yari ikaze ku rugero uruhe? Yoba yarandukira? Uwuyirwaye bamufasha gute kugira akire?)

․․․․․

Kuba Namani yarakize wibaza ko vyoba vyatumye ka Kisirayelikazi kumva kamerewe gute?

․․․․․

Ni mu buryo ki ivyo Elisha yatumye ngo babwire Namani bishobora kuba vyarabereye Namani ikigeragezo? (Raba umurongo wa 10.)

․․․․․

3 NUSHIRE MU NGIRO IVYO WIZE. ANDIKA IVYO WIZE KU VYEREKEYE . . .

Ingeramizi z’ubwibone.

․․․․․

Ubutinyutsi igihe uvuga uburanira ivyo wemera.

․․․․․

Ububasha Yehova afise bwo gukiza indwara.

․․․․․

4 NI UMUCE UWUHE W’IYI NKURU UHAMBAYE CANE KURI WEWE, KANDI KUBERA IKI?

․․․․․

NIMBA UDAFISE BIBILIYA, NUYISABE IVYABONA VYA YEHOVA CANKE UYISOME KU MUHORA WA INTERNET, KURI www.watchtower.org

[Akajambo k’epfo]

a Indwara y’urukoba bita imibembe mu bihe vya Bibiliya, irimwo n’indwara muri iki gihe yitwa la maladie de Hansen.