Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Kubera iki Shetani yakoresheje inzoka mu kuvugana na Eva?

Kubera iki Shetani yakoresheje inzoka mu kuvugana na Eva?

Abasomyi bacu barabaza . . .

Kubera iki Shetani yakoresheje inzoka mu kuvugana na Eva?

▪ Ushobora kuba wemera ko Shetani ari we yakoresheje iyo nzoka yavuganye na Eva, nk’uko vyerekanywe ku rupapuro rwa 8, kandi ni vyo Bibiliya yigisha vy’ukuri. Ariko woshobora kwibaza uti: ‘Kubera iki none ikiremwa c’impwemu c’ikinyabubasha covuga kibicishije ku nzoka?’

Bibiliya ivuga ko uburyo Shetani akoresha ari “amayeri,” kandi ico kintu cabaye kuri Eva kiravyemeza. (Abanyefeso 6:11) Ivyabaye muri Edeni si umugani wigana ivyerekeye igikoko kivuga; ahubwo ni akarorero gateye agahinda k’umugambi w’uruyeri wateguwe mu ntumbero yo kwonkora abantu ku Mana. Uti gute?

Shetani yahisemwo gutumbera Eva abanje kuvyiyumvira yitonze. Eva ni we yari ikiremwa kimaze igihe gito mu bindi biremwa vyose bifise ubwenge kw’isi no mw’ijuru. Afatiye ku kuba Eva atari bwamenye utuntu n’utundi, yaciye arondera kumuhenda no kumuryosharyosha. Mu kwihisha inyuma y’inzoka, iyisanzwe ari ikiremwa ciyubara cane, Shetani yarahishije ku rwenge imigambi yiwe irimwo ukwita imbere n’uguhahamira ubukuru. (Itanguriro 3:1) Rimbura n’ivyo yashitseko mu gutuma inzoka iboneka ko iriko iravuga.

Ubwa mbere, Shetani yarakwegereye ivyiyumviro vya Eva aravyigarurira. Eva yari asanzwe azi ko inzoka zitavuga. Umunega wiwe yari yarahaye amazina ibikoko vyose ushizemwo n’inzoka, kandi uko biri kwose yabigize abanje kuvyihweza yitonze. (Itanguriro 2:19) Nta gukeka ko na Eva yari yaritegereje ico kiremwa ciyubara. Ubwo buryo bw’urwenge Shetani yakoresheje bwatumye Eva agira inyota yo kumenya. Vyatumye Eva ashira ivyiyumviro vyiwe kuri ca kintu kimwe yari yarabujijjwe mu vyari mw’itongo vyose. Ubwa kabiri, nimba iyo nzoka yari itunye mu mashami ya ca giti cari kibujijwe, ni iciyumviro ikihe Eva yari gushobora guca ashikako? Ubwo ntiyari guca yiyumvira yuko ico kiremwa co hasi kitavuga, ubwaco cari cariye ku camwa c’ico giti bigatuma gishobora kuvuga? Nimba ico camwa cari cashoboye gutuma inzoka ivuga, ubwo Eva we nta co cari kumumarira? Ntitwoshobora kumenya neza ivyo Eva yiyumviriye canke ngo tumenye nimba nya nzoka yari yariye kuri ico camwa, ariko ico tuzi co ni uko igihe iyo nzoka yabwira Eva yuko ico camwa cotumye amera “nk’Imana,” vyari vyoroshe ko Eva aca yemera ico kinyoma.

Amajambo Shetani yakoresheje na yo nyene ari n’ico ahishura. Shetani yarabivye inkeka mu muzirikanyi wa Eva, amera nk’uwumwereka yuko Imana yamwimye ikintu cogira ico kimumariye be n’uko yamubuza umwidegemvyo bidakenewe. Umugambi w’urwenge wa Shetani wokunze Eva aramutse yikunze kuruta uko akunda Imana yo yari yaramuhaye ivyo yari afise vyose. (Itanguriro 3:4, 5) Ikibabaje ni uko umukenyuro wa Shetani wakunze. Yaba Eva yaba Adamu nta n’umwe muri bo yari yaratsimbataje mu mutima wiwe urukundo yari akwiye gukunda Yehova be n’agatima ko kumukengurukira yari akwiye kuba afise. None ubwikunzi nk’ubwo be n’ugufatira mu rwara icaha mwene ukwo, si vyo Shetani aremesha muri iki gihe?

Tuvuge iki none ku ntumbero Shetani yari afise? Yashaka gushika ku ki? Muri Edeni, yaragerageje guhisha akaranga kiwe n’intumbero yiwe. Ariko yahavuye yigaragaza. Igihe yagerageza Yezu, yari azi neza ko kwiyoberanya ata co vyari gushikako. Ni co gituma yaciye abwira Yezu adakikiriza, ati: ‘Niwikubite hasi unsenge.’ (Matayo 4:9) Biragaragara ko Shetani yamye anohokera ugusenga guhabwa Yehova Imana. Nta co atokora kugira ngo yikeberezeko canke atosekaze ukwo gusenga. Biramuhimbara gusenyura ugutungana kwacu.

Si agaseseshwarumuri, Bibiliya irerekana yuko Shetani azi gutegura imigambi y’uruyeri igenewe kwica abo arondera. Ariko igishimishije ni uko atari ngombwa ngo Shetani aduhende nk’uko yahenze Eva, “kuko tutayobewe imigabo yiwe.”​—2 Abakorinto 2:11.