Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nuhe agaciro ibintu vyeranda

Nuhe agaciro ibintu vyeranda

Ku bw’urwaruka

Nuhe agaciro ibintu vyeranda

Ibimenyeshejwe: Uyu mwimenyerezo, nuwukorere ahantu hatekanye. Igihe usoma ivyanditswe, nubone yuko ufise uruhara muri ivyo biriko biraba. Niwihe ishusho y’ibiriko biraba, wumve amajwi. Niwiyumve nk’uko abantu nyamukuru bavugwa muri iyo nkuru biyumva. Nubone ibivugwa muri iyo nkuru nk’ibiriko biraba koko.

Abantu nyamukuru bavugwamwo: Izahaki, Rebeka, Yakobo na Esawu

Incamake: Esawu aragurisha kuri Yakobo mwene wabo w’ihasa uburenganzira bwiwe bwo kuba samuragwa.

1 NIWIHWEZE IBIRIKO BIRABA.​—SOMA ITANGURIRO 25:20-34.

Ni ibiki vyaranga Yakobo na Esawu n’igihe bari bakiri mu nda?

․․․․․

Wibaza ko Yakobo na Esawu ubaravye baboneka gute mu busore bwabo?

․․․․․

Wibaza ko Yakobo na Esawu bumva bamerewe gute igihe bayaga, nk’uko bivugwa ku murongo wa 30 gushika ku wa 33?

․․․․․

NURUSHIRIZE KWIMBA.

Ukoresheje ibikoresho vy’ubushakashatsi woronka, nurondere amakuru ajanye n’uburenganzira bw’umuhungu w’imfura. Ni kubera iki ubwo burenganzira bwari buhambaye? Kugurisha ubwo burenganzira ukabukaba icibo c’isupu vyasobanura iki?

․․․․․

2 NIWIHWEZE IBIRIKO BIRABA.​—SOMA ITANGURIRO 27:1-10, 30-38.

Wibaza ko Esawu avuga amerewe gute amaze kumenya ko mwene wabo yamaze kuronka umuhezagiro ugenewe imfura?

․․․․․

NURUSHIRIZE KWIMBA.

Rebeka na Yakobo boba bagize nabi gutunganya ibintu ku buryo Yakobo aba ari we aronka umuhezagiro? Kubera iki? (Icogufasha kubimenya: Raba Itanguriro 25:23, 33.)

․․․․․

3 NUSHIRE MU NGIRO IVYO WIZE. ANDIKA IVYO WIZE KU VYEREKEYE . . .

Ingaruka z’igihe kirekire ziva ku gushaka kuronka ubwo nyene ivyo wipfuza.

․․․․․

UBUNDI BURYO BWO KUBISHIRA MU NGIRO.

Ni ibintu vyeranda ibihe wahawe ngo witwararike?

․․․․․

Ni ibintu bitomoye ibihe wogira kugira werekane ko uha agaciro ibintu vyeranda?

․․․․․

4 NI UMUCE UWUHE W’IYI NKURU UHAMBAYE CANE KURI WEWE, KANDI KUBERA IKI?

․․․․․

Nimba udafise Bibiliya, nuyisabe Ivyabona vya Yehova canke uyisome ku muhora wa Internet, kuri www.watchtower.org