Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Umunyaziya yo mu Buseruko mu Butaliyano bwa kera

Umunyaziya yo mu Buseruko mu Butaliyano bwa kera

Umunyaziya yo mu Buseruko mu Butaliyano bwa kera

VYAGENZE gute ngo umugabo aturuka muri Aziya yo mu Buseruko agere muri ya Nganji y’Uburoma bwa kera, ubu hakaba haheze imyaka 2.000? Ico ni ikibazo cahanze abacukuzi b’ivya kera aho bamariye gutora ikintu gitangaje mu bumanuko bw’Ubutaliyano mu 2009.

Aho hantu batoye ico kintu hari mw’itongo ry’abapfuye ryo mu Buroma bwa kera riri i Vagnari, ku bilometero 60 mu burengero bw’igisagara citwa Bari. Bahatoye ibikankara 75 vy’abantu. Ivyigwa vyagizwe ku magufa yabo vyerekanye ko abenshi bari bavukiye mu micungararo yaho. Ariko rero igikankara c’umugabo umwe caratangaje abo bashakashatsi. Bamaze gusuzuma utugingo ngengakamere two mu duhimba ntanganguvu tw’utugingo ngengabuzima (ADN mitochondrial), basanze nyina yakomoka muri Aziya yo mu Buseruko. * Ivyo bisigarira vyiwe vyari ivyo mu kinjana ca mbere canke ca kabiri G.C. (G.C. bisobanura mu Gihe Cacu). Raporo y’ubwo bushakashatsi yavuze iti: “Biboneka ko ari bwo bwa mbere igikankara c’umuntu akomoka muri Aziya yo mu Buseruko gitorwa mu Nganji y’Uburoma.” None uwo muntu yari nde?

Iyo raporo nyene igira iti: “Ubiravye ari bwo bwa mbere, wohakwa kuvuga ko uwo muntu ari uwoba yaragize uruhara muri rwa rudandaza rw’impuzu z’iharire rwatsimbatara hagati y’Ubushinwa n’Uburoma.” Ariko rero, vyiyumvirwa ko urwo rudandaza rwagirwa biciye ku badandaza bagenda barahanahana izo harire, muri bo akaba ata n’umwe vy’ukuri yagenda ibilometero 8.000 vyose biri hagati y’Ubushinwa n’Ubutaliyano.

None ni igiki dushobora kwigira kuri ico kibanza batoyemwo ivyo bisigarira? Mu bihe vya kera, akarere ka Vagnari kahoze ari icibare c’umwami w’abami, aho wasanga abakozi bashongesha ubutare bw’icuma, bagahingura n’amakaro y’ibumba be n’amategura. Benshi mu bakozi baho bari abashumba, kandi birashoboka ko n’uwo muntu wo mu Buseruko yari umushumba. Kukaba nkako, ntiyari yahambwe nk’umutunzi. Utwo yari asigaranye bamuhambanye kari agakono kamwe katarenga ntikarenguke, kandi bari bamuhamvye bamugeretseko ikindi kiziga.

Ni kubera iki none ivyo bintu batoye biri n’ico bivuze? Kugira ngo ubutumwa abakirisu bamamaza bukwiragire mu kinjana ca mbere G.C., vyavana n’aho aba kera bashobora gushika mu ngendo bagira. Bibiliya ivuga ko inyuma ya Pentekoti yo mu 33 G.C., abashitsi b’abanyamahanga bari baje i Yeruzalemu baciye bashikana inkuru nziza mu mihingo ya kure. (Ivyakozwe 2:1-12, 37-41) Ico gikankara rero n’imiburiburi kirerekana ko muri iyo myaka abantu bamwebamwe bagira ingendo bakava muri Aziya yo mu Buseruko bagashika mu karere k’Ikiyaga Mediterane. *

[Utujambo k’epfo]

^ ing. 3 Hariho n’ibimenyamenya vyerekana ko Abanyaburaya wasanga bafata ingendo bagashika muri Aziya yo mu Buseruko. Raba ikiganiro kivuga ngo “Abamisiyonari bari gushobora gushika mu turere utuhe two mu Buseruko?” mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nzero 2009.

^ ing. 6 Usuzumye utugingo ngengakamere mwene utwo, ntushobora kuronka amakuru yerekeye abo se w’umuntu akomokako.

[Ikarata ku rup. 29]

(Ushaka igisomwa cose, raba iki kinyamakuru)

UBUROMA

Vagnari

Ikiyaga Mediterane

AZIYA YO MU BUSERUKO

IBAHARI PASIFIKE

[Ifoto ku rup. 29]

Igikankara c’umuntu wo muri Aziya yo mu Buseruko catowe mw’itongo ry’abapfuye ryo mu Buroma bwa kera

[Abo dukesha ifoto]

© Su concessione del Ministero per i Beni e le Attività Culturali - Direzione Regionale per i Beni Culturali e Paesaggistici della Puglia - Soprintendenza per i Beni Archeologici della Puglia