Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu

Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu

Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu

NI IGIKI catumye umuntu atashaka kubana n’abandi wo mu muhari w’abapanki yiga gukunda abantu akarondera no gufasha abandi? Ni igiki cavyuriye umugabo umwe wo muri Megizike umutima wo guheba ubuzima yarimwo bw’ubuhumbu? Kubera iki umwe mu bihangange vyo mu Buyapani mu vy’ugusiganwa ku makinga yabihevye kugira ngo ashobore gukorera Imana? Rimbura ivyo abo bantu batuyagira.

“Nari umuntu atagira urupfasoni, w’amanyama kandi w’inkazi.”​​—DENNIS O’BEIRNE

YAVUTSE MU 1958

IGIHUGU AKOMOKAMWO: UBWONGEREZA

IVYO YACIYEMWO: YARI UMUPANKI ATASHAKA KUBANA N’ABANDI

KAHISE KANJE: Mfatiye ku mamuko ya dawe, umuryango wacu uturuka muri Irilande, nkaba nakuze ndi umugatolika wo muri Irilande. Nabwirizwa kwama nijana gusenga, ariko kujayo sinabikunda. Naho ari ukwo, nari nyotewe ivy’Imana. Nama navuze rya sengesho rya Dawe wa twese kandi ndibuka ingene naba ndi mu busaswa mw’ijoro ndiko ndiyumvira ico iryo sengesho risobanura. Iryo sengesho narakunda kuricamwo ibice maze nkagerageza kwiyumvira ico igice kimwekimwe cose gisobanura.

Ndi mu buyabaga, narinjiye mu muhari w’abarasta. Narashimishwa kandi n’ivyiyumviro vy’imihari y’ivya politike nk’umwe warwanya Abanazi. Ariko naratsimbataje rwose agatima k’ubugarariji k’abo mu muhari w’abapanki (punk rock). Narafata ibiyayuramutwe, na canecane marijuwana, nkaba nayinywa hafi imisi yose. Kubera ko nari sindabinezwe, naranywa cane, ngapfa uko mfashe ubuzima bwanje kandi siniteho abandi. Sinashaka kubana n’abandi, nkaba ahanini navugisha gusa uwo naba mbona ko kuyaga na we hari ico vyomarira. Mbere naranka ko bamfotora. Nsubije amaso inyuma, ndabona ko nari umuntu atagira urupfasoni, w’amanyama kandi w’inkazi. Naba umuntu w’umutima mwiza n’inda nziza ku muntu gusa dushikirana.

Mfise nk’imyaka 20, naratanguye gushimishwa na Bibiliya. Umugenzi yadandaza ibiyayuramutwe yari yaratanguye gusoma Bibiliya igihe yari apfunzwe kandi twarayaze umwanya muremure ku vyerekeye idini, Ekeleziya n’uruhara Shetani afise mw’isi. Naraguze Bibiliya maze ntangura kuyiyigisha. Twe na wa mugenzi wanje twarasoma ibihimba vyo muri Bibiliya, tukaja hamwe kugira tuyage ivyo twize maze tugaca tugira ivyiyumviro dushitseko. Ivyo rero twamaze amazi n’ayandi tubigira.

Ng’ibi bimwebimwe mu vyiyumviro twashitseko dufatiye ku vyo twasomye: tubayeho mu misi ya nyuma y’iyi si; abakirisu bakwiye kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana; ntibakwiye kuba ab’iyi si, harimwo no kutaja mu vya politike vyayo; kandi Bibiliya iratanga ubuyobozi butomoye mu bijanye n’inyifato runtu. Twarabonye neza yuko Bibiliya ivuga ukuri kandi ko hategerezwa kuba hariho idini ry’ukuri. Ariko twaribaza duti: ‘None iryo dini ni irihe?’ Twariyumviriye amadini akomakomeye, turaraba ukuntu akunda ivyo kwiyerekana be n’ibirori tutibagiye ukuntu aja mu vya politike, turabona yuko ata ho ahuriye na Yezu. Tumaze kubona yuko Imana itariko irayakoresha, twaciye dufata ingingo yo kwihweza amwe mu madini atazwi cane kugira ngo turabe ivy’ayo.

Twarabonana n’abanywanyi b’ayo madini tukababaza ibibazo. Twaba tuzi ico Bibiliya ivuga ku kibazo kimwekimwe cose, tukaba rero twaca tubona nimba inyishu baba batanze zihuye n’Ijambo ry’Imana. Duhejeje kubonana na bo, nama ntura isengesho Imana nti: ‘Nimba aba bantu bagize idini ry’ukuri, ndakwinginze umvyurire umutima wo gusubira kubonana na bo.’ Ariko tumaze amezi tuza turabonana, sinari bwabone umugwi wishura ibibazo vyacu wisunze Bibiliya, eka kandi sinipfuza gusubira kubonana n’umugwi n’umwe muri iyo.

Amaherezo, twe na wa mugenzi wanje twarabonanye n’Ivyabona vya Yehova. Twarababajije vya bibazo nyene, kandi baravyishura bisunze Bibiliya. Ivyo bishuye vyari bihuje neza na neza n’ivyo twari tumaze kwiga. Twaciye rero tubabaza ibibazo tutari bwaronkere inyishu muri Bibiliya, nk’akarorero ic’ukuntu Imana ibona ivy’ukunywa itabi n’ibiyayuramutwe. N’ico gihe nyene, barashoboye kwishura bakoresheje Ijambo ry’Imana. Twaremeye kwitaba ikoraniro ku Ngoro y’Ubwami.

Kwitaba ikoraniro ntivyanyoroheye na gato. Kubera ko nari umuntu adashaka kubana n’abandi, abo bantu bose bafata abandi kigenzi kandi bambara neza twahahuriye sinashaka ko banyiyegereza. Nariyumviriye ko bamwebamwe banyiyegereza babitumwe n’imvo mbi, bituma ntipfuza gusubira kuja ku makoraniro. Ariko rero nk’uko nari nsanzwe ndabigira, narasavye Imana ngo inshiremwo icipfuzo co gusubira guhura n’abo bantu nimba bari mw’idini ry’ukuri, kandi naragize icipfuzo gikomeye co kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova.

UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE: Naratahuye yuko ntegerezwa guheba ibiyayuramutwe, kandi ntivyangoye guheba. Itabi ni ryo ryambereye urugamba. Naragerageje akatari gake ariko biranta ku w’amazi. Igihe numva ko abandi bafashe gusa itabi bari bafise bararita ntibasubira kurinywa, naratuye Yehova iyo ngorane. Mu nyuma, mfashijwe na Yehova, narashoboye guheba itabi. Narabonye akamaro ko kuyagira Yehova mw’isengesho ata buryarya kandi ntomora.

Irindi hinduka rikomeye nagize ni iryerekeye inyambaro n’uburyo nitunganya. Umusi wa mbere nshika ku makoraniro ku Ngoro y’Ubwami, nari mfise umushatsi ushinze nk’ivyatsi vy’ishinge, usize ikirongo c’ibara ry’ubururu rigomba gusa n’urwatsi rutoto. Mu nyuma nasize ibara rikayangana ry’umuhondo uhishiye. Nambara ipantalo y’ikoboyi n’ijaketi y’urushato yanditseko ivyivugo. Sinabona ko nkeneye kugira ico mpinduye naho nyene Ivyabona vya Yehova bamfasha kuzirikana babigiranye umutima mwiza. Ariko amaherezo narazirikanye ku canditswe co muri 1 Yohani 2:15-17 kigira giti: “Ntimukunde isi canke ibiri mw’isi. Nimba umuntu akunda isi, urukundo rwa Data ntiruri muri we.” Naciye ntahura yuko ukuntu naboneka vyahishura ko nkunda iyi si kandi ko nobwirijwe guhindura kugira ngo nerekane ko nkunda Imana. Ivyo narabigize.

Nahavuye ntahura yuko atari Ivyabona vya Yehova bashaka ko nitaba amakoraniro ya gikirisu. Mu Baheburayo 10:24, 25 haranyeretse ko ari ikintu Imana yashaka ko nkora. Maze gutangura kwitaba amakoraniro yose no kumenyana neza n’Ivyabona vya Yehova, narafashe ingingo yo kubatizwa kugira nerekane ko niyeguriye Yehova.

IVYIZA NAHAKUYE: Narakozwe ku mutima cane no kubona Yehova adukundira ko tugiranira na we ubucuti somambike. Impuhwe ziwe n’ukuntu atwitwararika vyaramvyuriye umutima wo kumwigana no gukurikira Umwana wiwe Yezu Kristu ngo ambere akarorero mu buzima. (1 Petero 2:21) Naratahuye yuko no mu gihe noba ndiko ndinanata ngo ngire kamere ya gikirisu, bishoboka ko nguma mfise kamere nisangije. Narihatiye gutsimbataza agatima ko gukundana no kwitwararikana. Ndagerageza kumera nka Kristu mu kuntu mfata umukenyezi wanje n’umwana wanje. Vyongeye, nditwararika cane abo dusangiye ukwizera. Gukurikira Kristu vyaratumye ngira iteka, bituma numva ko niyubashe, bituma kandi nshobora kugaragariza abandi urukundo.

“Baramfatanye icubahiro.”​​—GUADALUPE VILLARREAL

YAVUTSE MU 1964

IGIHUGU AKOMOKAMWO: MEGIZIKE

IVYO YACIYEMWO: UBUHUMBU

KAHISE KANJE: Twavukana turi abana indwi. Twakuriye i Hermosillo, muri leta ya Sonora muri Megizike, kakaba kari akarere gasinzikajwe n’ubukene. Dawe yapfuye nkiri agahungu gatoyi, mawe aca abwirizwa gukora kugira ngo adutunge. Nagenda ntambaye ibirato kubera ko ata mahera twari dufise yo kubigura. Nkiri muto, naratanguye gukora kugira ngo mfashe umuryango mu vyo ukenera. Cokimwe n’iyindi miryango myinshi, twaba mu nzu turi benshi cane.

Hafi umusi wose, mawe si ho yaba ari ngo adukingire. Mfise imyaka 6, hari umuhungu w’imyaka 15 yatanguye kuza aransambanya. Ivyo vyaramaze igihe kirekire. Imwe mu ngaruka ivyo vyagize ni uko nari nsigaye nzazanirwa cane mu bijanye n’igitsina. Niyumvira yuko ari ibisanzwe kwumva nkunda abahungu. Ngiye kurondera imfashanyo ku baganga no ku bakuru b’idini, bampumuriza bambwira ko ata ngorane mfise kandi ko ukwo kuntu niyumva ari ibisanzwe.

Mfise imyaka 14, narafashe ingingo yo kwimenyekanisha ko ndi muri bamwe bahuza ibitsina n’ababisangiye. Imyaka 11 yakurikiye nayimaze ndi muri ubwo buzima, nkaba mbere muri ico kiringo narabanye n’abagabo batari bake. Amaherezo, narize umwuga wo gutunganya imishatsi ndaheza nuguruza inzu yo gutunganirizamwo imishatsi y’abagore. Ariko rero, nta munezero nari mfise. Nari mfise ubuzima bwuzuye imibabaro kandi nkumva ko nahemukiwe. Narumva ko ivyo nariko ndakora bitari vyiza. Naratanguye kwibaza nti: ‘Ubwo hoba hariho abantu bameze neza kandi bari n’ico bomarira umuntu?’

Naciye nibuka mushikanje. Yari yaratanguye kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova maze mu nyuma arabatizwa. Yarambwira ivyo yariko ariga, ariko sinavyitaho. Yamara rero narakorwa ku mutima n’ukuntu yari abayeho be n’umubano wiwe. Narabona yuko we n’umunega wiwe bakundana vy’ukuri kandi bakubahana. Bafatana neza. Mu nyuma, Icabona ca Yehova umwe yaratanguye kunyigisha Bibiliya. Mu ntango napfa kwiga ariko bitanshimisha cane. Ariko ibintu vyahavuye bihinduka.

UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE: Ivyabona vya Yehova barantumiye kuri rimwe mu makoraniro yabo, kandi naragiye. Cabaye ikintu gishasha kuri jewe. Muri rusangi abantu barantwenga ariko Ivyabona vya Yehova bo ntibantwenze. Barandamukije kigenzi kandi baramfatanye icubahiro. Ivyo vyarankoze ku mutima.

Nararushirije gushima Ivyabona vya Yehova igihe nitaba iteraniro ryabo. Narabonye yuko naho baba bari mu migwi mininiminini, abo bantu bari bameze nka mushikanje, ni ukuvuga abantu batiyorobeka kandi b’inziraburyarya. Naribajije nimba boba ari ba bantu bameze neza kandi bari n’ico bomarira umuntu, bamwe nari maze igihe kirekire ndondera. Urukundo rwabo n’ubumwe bafitaniye vyarantangaje cane, nongera ndatangazwa n’ukuntu bishura ikibazo cose bakoresheje Bibiliya. Naratahuye yuko Bibiliya ari yo yatuma bamera neza. Vyongeye narabonye yuko nobwirijwe guhindura vyinshi kugira ngo mbe umwe muri bo.

Ku bw’ivyo, nategerezwa guhinduka rwose kuko nari mbayeho nk’abagore. Imvugo, utuntu nigira, inyambaro, uburyo bwo gutunganya umushatsi, abagenzi, ivyo vyose ni ivyo nari nkeneye guhindura. Abahoze ari abagenzi banje batanguye kuntyekeza bambwira bati: “Kubera iki uriko uragira ivyo? Nta co wari ubaye. Ntiwige Bibiliya. Nta co ubuze.” Icangoye guhindura kuruta ibindi kwabaye uguheba ingeso z’ubuhumbu.

Naho ari ukwo, nari nzi yuko kugira amahinduka akomeye ari ikintu gishoboka kubera ko amajambo yo muri Bibiliya ari mu 1 Abakorinto 6:9-11 yari yarankoze ku mutima. Agira ati: “Ngw’iki! Ntimuzi ko abatagororotse batazotorana ubwami bw’Imana? Ntimuzimizwe. Nta basambanyi, canke abasenga ibigirwamana, canke abarenga ibigo, canke abagabo babikirwa kugirwako ibitagirwa, canke abagabo baryamana n’abagabo . . . bazotorana ubwami bw’Imana. Yamara ukwo ni ko bamwe muri mwebwe bari bameze. Mugabo mwarogejwe.” Yehova yarafashije abantu bo muri ico gihe kugira amahinduka, kandi na jewe yaramfashije. Vyafashe imyaka itari mike n’akigoro gakomeye, ariko impanuro Ivyabona vya Yehova bampaye n’urukundo bangaragarije vyaramfashije cane.

IVYIZA NAHAKUYE: Ubu, mbayeho nk’abandi bose. Ndubatse, kandi twe n’umukenyezi wanje turiko turigisha umwana wacu kubaho yisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Narashiburiye kure bwa buzima nahozemwo, ubu nkaba nifitiye ivyiza vyinshi n’uduteka twinshi mu vy’Imana. Ndi umukurambere mw’ishengero kandi narashoboye gufasha abandi kwiga ukuri kw’Ijambo ry’Imana. Amahinduka nagize mu buzima yarahimbaye cane mawe ku buryo yemeye kwiga Bibiliya kandi ubu ni umukirisu yabatijwe. Mushikanje wundi yari abayeho mu buhumbu na we nyene yaracitse Icabona ca Yehova.

Mbere n’abantu bamwebamwe bazi ukuntu nari mbayeho kera, ubu bariyemerera ko nsigaye meze neza. Ndazi icatumye mpinduka. Nari nararondeye imfashanyo ku baganga ariko nta mpanuro nziza n’imwe naronse. Yamara Yehova yaramfashije vy’ukuri. Narumva ko ntabereye mu nyonga ziwe, ariko ntivyabujije ko amenya kandi akamfatana urukundo n’ukwihangana. Kubona iyo Mana nziza igitangaza, y’inkerebutsi kandi y’urukundo imenya ikongera ikanyipfuriza ubuzima bwiza kuruta, vyaramfashije cane.

“Numva ntahimbawe, mfise irungu, nkumva ko ata co maze.”​​—KAZUHIRO KUNIMOCHI

YAVUTSE MU 1951

IGIHUGU AKOMOKAMWO: UBUYAPANI

IVYO YACIYEMWO: YARAHAHAMIRA GUTSINDA MU VY’UGUSIGANWA KU MAKINGA

KAHISE KANJE: Nakuriye mu Buyapani mu ntara ya Shizuoka mu gisagara gitekereje gifise ikivuko, tukaba twaba mu nzu ntoya turi umuryango w’abantu umunani. Dawe yari afise ikibanza akoreramwo amakinga akongera akayadandaza. Kuva nkiri muto yaranjana kurorera amahiganwa y’amakinga kandi akankundisha ivy’ugusiganwa ku makinga. Dawe yaciye agira umugambi w’uko ivy’ugusiganwa ku makinga nobigira wo mwuga wanje. Nkiriko ndegereza imyaka yo gutangura amashure yisumbuye, dawe yaciye atangura kumenyereza bimwe bikomeye. Ndi mu mashure yisumbuye, naratsinze gatatu nikurikiranya mu mahiganwa yo kwinonora imitsi yaba uko umwaka utashe ku rwego rw’igihugu. Nararonse akaryo ko kuja muri kaminuza, ariko nafashe ingingo yo guca nja mw’ishure ry’ivy’ugusiganwa ku makinga. Nshikanye imyaka 19, ivy’ugusiganwa ku makinga vyacitse wo mwuga wanje.

Ico gihe, intumbero nari mfise mu buzima yari iyo kuba uwa mbere mu Buyapani mu vy’ugusiganwa ku makinga. Narishingiye umugambi wo kuronka amahera menshi kugira ngo umuryango wanje ushobore gutekanirwa wongere ugire ubuzima bwiza. Naciye ntangura kwimenyereza nivuye inyuma. Igihe cose numva ndi mu guhwera kubera imyimenyerezo ikomeye nagira, canke kubera igice kigoye cane c’ihiganwa, naca nguma niremesha yuko navukiye kuba uwusiganwa ku makinga kandi ko uko biri kwose ntegerezwa kwumira kw’ibanga. Kandi koko narumiye kw’ibanga. Ubutame bwanje ntibwabaye impfagusa. Mu mwaka wa mbere, nabaye uwa mbere mw’ihiganwa ry’abashasha. Mu mwaka wa kabiri, naratowe ngo nje mu bahiganirwa ikibanza ca mbere mu Buyapani. Nabaye uwa kabiri incuro zitandatu.

Kubera ko naguma ndi ku rwego rwo hejuru rw’abatsinda amahiganwa, bahavuye bantazira ngo ndi maguru adahobahoba y’i Tokai, iyo ikaba ari intara y’Ubuyapani. Narahahamira cane gutsinda. Barageze aho basigara bantinya kubera ko mu gihe c’ugusiganwa ata kagongwe nagira. Amahera naronka yariyongereye, kandi nabona ko nshobora kugura ico naba nshimye cose. Naraguze inzu ifise n’icumba co kwinonoreramwo imitsi kirimwo ivyuma bigezweho. Naraguze n’imodoka yo hakurya y’amazi, ndayigura amahera yohakwa kugura inzu. Ku bwo kwitegekaniriza kazoza, naratanguye gukoresha amahera yanje mu vy’amazu n’amatongo, ndayashira no mw’isoko ry’imitahe.

Naho ari ukwo, numva ntahimbawe, mfise irungu, nkumva ko ata co maze. Ico gihe nari nubatse mfise n’abana, ariko akenshi narashavurira abo mu rugo rwanje. Nararakira umukenyezi wanje n’abana banje bivuye ku tuntu dutoduto. Kubera ubwoba, baciye batangura kwiga kunyihweza mu maso kugira bamenye nimba ntamerewe neza.

Ariko umukenyezi wanje yahavuye atangura kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Ivyo vyaratumye ahinduka cane. Yaravuze ko yipfuza kwitaba amakoraniro y’Ivyabona vya Yehova, ni kwo guca mfata ingingo y’uko twojana uko tugize umuryango. Ndacibuka igihe umukurambere umwe yangendera i muhira ku mugoroba maze agatangura kunyigisha Bibiliya. Ivyo nize vyarankoze ku mutima cane.

UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE: Sinzopfa nibagiye ukuntu nakozwe ku mutima igihe nasoma mu Banyefeso 5:5. Hagira hati: “[N]ta musambanyi canke umuntu ahumanye canke umunyamunoho​—bisobanura uwusenga ibigirwamana​—azogira ico atorana mu bwami bwa Kristu n’Imana.” Naratahuye ko ivy’ugusiganwa ku makinga vyari bifitaniye isano cane n’ivy’akamari be n’uko vyaremesha agatima k’umunoho. Ijwi ryanje ryo mu mutima ryaratanguye kumbuza amahoro. Naratahura yuko nobwirijwe guheba ivy’ugusiganwa ku makinga nimba nipfuza guhimbara Yehova Imana. Ariko iyo yari ingingo itoroshe gufata.

Nari ndangije umwaka wambereye mwiza kuruta iyindi yose mu bijanye n’ugusiganwa, kandi naripfuza kubandanya. Mugabo narabonye ko kwiga Bibiliya vyatuma numva mfise amahoro mu mutima, ivyo bikaba ata ho vyari bihuriye n’agatima nari nkeneye kuba mfise kugira ngo ntsinde amahiganwa! Maze gutangura kwiga Bibiliya, nahiganywe gatatu gusa, ariko ku mutima sinari bwahebe vy’ukuri amahiganwa. N’ikindi kandi, sinabona ukuntu notunga umuryango. Numva mburaniwe, ntagira ico mfata n’ico ndeka, incuti zanje na zo zitangura kumerera nabi kubera ukwizera kwanje gushasha. Dawe yaravunitse umutima cane. Narabuze ico ndi buhitemwo, bituma ndushiriza guta umutwe, nca ndwara igikomere mu mushishito.

Icamfashije muri ico gihe kitoroshe ni uko nabandanije kwiga Bibiliya no kuja ku makoraniro y’Ivyabona vya Yehova. Ukwizera kwanje kwagiye kurushiriza gukomera. Narasavye Yehova ngo yumve amasengesho yanje yongere amfashe kubona ko ayumva. Uguta umutwe kwaranarushirije kugabanuka igihe umukenyezi wanje yansubiriza umutima mu nda mu kumbwira yuko bitari ngombwa ko aba mu nzu nini kugira ngo yumve ahimbawe. Buhorobuhoro, narateye imbere.

IVYIZA NAHAKUYE: Nariboneye yuko amajambo ya Yezu dusanga muri Matayo 6:33 avuga ukuri. Yavuze ati: “Gume rero mubanza kurondera ubwami n’ubugororotsi bw’Imana, ivyo bindi vyose na vyo muzovyongerwa.” Ntitwigeze tubura ivyo “bindi” bintu Yezu yavuze, ni ukuvuga ibintu vya nkenerwa mu buzima. Naho amahera naronka nkija mu mahiganwa yaruta incuro hafi 30 ayo ndonka ubu, yaba jewe canke umuryango wanje nta co twakenye muri iyi myaka 20 iheze.

N’ikiruta ivyo, igihe mba ndiko ndakorera hamwe n’abo dusangiye ukwizera canke turi kumwe ku bwo gusenga, ndagira umunezero n’agahimbare ntari bwigere ngira. Emwe, imisi simenya n’ingene irengana. Urugo rwanje na rwo nyene rusigaye rwifashe neza cane. Abahungu banje batatu n’abakenyezi babo, bose ubu barakorera Yehova ari abizigirwa.