Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Gehena hoba ari ahantu ho kubabarizwa mu muriro?

Gehena hoba ari ahantu ho kubabarizwa mu muriro?

Abasomyi bacu barabaza . . .

Gehena hoba ari ahantu ho kubabarizwa mu muriro?

▪ Mu nkuru zo mu Njili, Yezu aragabisha abigishwa biwe ku bijanye n’urubanza rwo gutabwa muri Gehena. Biribonekeza ko Yezu yagomba ko iyo ngabisho ifatwa nka nkama. Ariko none, mu kuvuga Gehena yoba yashaka kuvuga umuriro udahera wo kubabarizwamwo ibihe bidahera?​—Matayo 5:22.

Reka tubanze twihweze iryo jambo ubwaryo. Ijambo ry’ikigiriki Geʹen·na rirahuye n’imvugo y’igiheburayo geh Hin·nomʹ, iyisobanura ngo “umubande wa Hinomu.” Iyo mvugo y’igiheburayo tuyivuze mu buryo buramvuye ni geh veneh-Hin·nomʹ, bisobanura ngo “umubande wa bene Hinomu.” (Yosuwa 15:8; 2 Abami 23:10) Muri iki gihe, aho hantu hitwa Wadi er-Rababi, ukaba ari umubande utagutse cane wimbitse rwose uri mu bumanuko no mu bumanuko bushira uburengero bwa Yeruzalemu.

Mu bihe vy’abami b’Ubuyuda, guhera mu kinjana c’umunani B.G.C. (B.G.C. bisobanura imbere y’igihe cacu), aho hantu harakorerwa imigenzo y’abapagani, harimwo n’uguturirira abana mu muriro babatanzeko ibimazi. (2 Ngoma 28:1-3; 33:1-6) Umuhanuzi Yeremiya yaravuze yuko muri uwo mubande nyene ari ho Abanyababiloni bokwiciye Abanyayudaya kubera urubanza Imana yabaciriye bivuye ku bubisha bwabo. *​—Yeremiya 7:30-33; 19:6, 7.

Incabwenge imwe y’Umuyahudi yitwa David Kimhi (yabayeho nko kuva mu 1160 gushika nko mu 1235 G.C., G.C. bikaba bisobanura mu Gihe Cacu), ivuga ko uwo mubande wahavuye ugirwa ahantu bata umwavu wo mu gisagara ca Yeruzalemu. Aho hantu habaye aho baturirira umwavu, umuriro waho ukaba waguma uzigamwa kugira ngo uturire uwo mwavu. Ikintu cose catabwayo carasha kigahera, kigasigara ari umunyota.

Imvugo “Gehena yaka umuriro,” iyahinduwe bafatiye kw’ijambo ry’ikigiriki Geen·na, indongozi nyinshi z’amadini zigisha yuko ari ikibanza co kubabarizwamwo. (Matayo 5:22) Kubera iki bigisha gutyo? Kubera yuko umuriro wo muri uwo mubande w’inyuma ya Yeruzalemu babona ko ufitaniye isano n’inyigisho ikomoka mu bapagani ivuga yuko iyo ababisha bapfuye bacirwa urubanza rwo kubandaniriza ubuzima mu muriro. Ariko rero, Yezu ntiyigeze yerekana ko Gehena ari ahantu ho kubabarizwa.

Yezu yari azi neza ko n’iciyumviro co guturira abantu babona, gisesema Se wiwe wo mw’ijuru Yehova. Mu kuvuga ukuntu Gehena yakoreshwa mu gihe c’umuhanuzi Yeremiya, Imana yavuze iti: “Bubatse ibibanza bikirurutse vy’i Tofeti hari mu mubande wa mwene Hinomu, kugira ngo baturirire abahungu babo n’abakobwa babo mu muriro, ikintu ntari narabategetse kandi kitigeze kinza mu mutima.” (Yeremiya 7:31) Vyongeye, iciyumviro c’uko abapfuye bababazwa nta ho gihuriye na kamere Imana ifise y’urukundo be n’inyigisho itomoye yo muri Bibiliya ivuga yuko abapfuye “[a]ta co bazi namba.”​—Umusiguzi 9:5, 10.

Yezu yakoresheje ijambo “Gehena” nk’ikigereranyo c’ugutikira ubutagisubira kubaho kw’uwo Imana yakubise intahe mu gahanga. Ku bw’ivyo rero, “Gehena” ifise insobanuro isa n’iya ca “kiyaga c’umuriro” kivugwa mu gitabu c’Ivyahishuwe. Ivyo vyompi bigereranya ugutikira kw’akagirire aho ata zuka riba rishoboka.​—Luka 12:4, 5; Ivyahishuwe 20:14, 15.

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 5 Mu kugira ico ivuze kuri ubwo buhanuzi, inkoranyabumenyi imwe y’abagatolika (New Catholic Encyclopedia) ivuga iti: “Yeruzalemu isanganguwe, abantu baho bokwishwe ari benshi cane ku buryo imivyimba yabo yoterewe muri uwo mubande idahambwe, kugira ngo iborereyo canke ituririrweyo.”