Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Igihe abashaje bazosubira kuba bato

Igihe abashaje bazosubira kuba bato

Niwiyegereze Imana

Igihe abashaje bazosubira kuba bato

NI NDE muri twebwe ahimbarwa no kubona ingaruka z’ubusaza, nk’urukoba rupfunyiranye, amaso atakibona neza, amatwi atacumva neza be n’amaguru anyoganyoga? Woshobora kwibaza uti: ‘Kubera iki Imana yaturemye dushoboye kunezererwa ubuto, ariko kandi ikareka tukabaho dutinya ingaruka z’ubusaza?’ Igishimishije ni uko atari vyo Imana yatwipfuriza. Ahubwo riho, ifise umugambi uranga urukundo wo gutuma tutaba tugisaza! Raba amajambo yabwiwe sekuruza w’imiryango Yobu, ayo dusanga muri Yobu 33:24, 25.

Rimbura uko ivya Yobu vyari vyifashe. Yobu yari umuntu w’intahemuka Yehova yakunda. Yobu atanabizi, Shetani yaravyuye inkeka ku bijanye n’ugutungana kwa Yobu avuga ko yakorera Imana abitumwe n’ubwikunzi. Kubera ko Imana yari yizigiye Yobu kandi ikaba yari izi ko ifise ububasha bwo gukuraho inkurikizi zibabaje z’ibishikira umuntu, yararetse Shetani aragerageza Yobu. Shetani yaciye “ateza Yobu ibihute bikaze, kuva mu bworo bw’ikirenge gushika mu rutwariro.” (Yobu 2:7) Umubiri wa Yobu wari usigaye wuzuyeko inyo, urukoba rwiwe na rwo ruriko urukokó, rwirabuye kandi rwomorotse. (Yobu 7:5; 30:17, 30) Woshobora kwibaza ububabare butovugwa yari afise? Yamara, Yobu yagumye ari umwizigirwa. Yavuze ati: “Gushika ncikanye, sinzokwiyambura ugutungana kwanje!”​—Yobu 27:5.

Ariko Yobu yarakoze ikosa rikomeye. Igihe yabona umengo yegereje gupfa, yaratwawe cane n’ivyo kwiburanira “[a]vuga ko ari we agororotse aho kuvuga ko Imana ari yo igororotse.” (Yobu 32:2) Elihu umuvugizi w’Imana yarakosoye Yobu. Ariko kandi Elihu yarashikirije Yobu ubutumwa buhumuriza buva ku Mana buvuga buti: “Numureke [ni ukuvuga Yobu] ntamanuke mu cobo [ari yo mva rusangi]! Naronse incungu! Umubiri wiwe nutotahare kurusha mu buto; nasubire mu misi y’ingoga ziwe zo mu buto.” (Yobu 33:24, 25) Ayo majambo ategerezwa kuba yaratumye Yobu agira icizigiro. Ntivyari ngombwa ko abandanya ababara gushika apfuye. Yobu aramutse yigaye, Imana yohimbawe no kwemera ko atangirwa incungu maze ikamukura mu magorwa yarimwo. *

Yobu yaremeye gukosorwa yicishije bugufi maze arigaya. (Yobu 42:6) Biboneka ko Yehova yemeye incungu Yobu yatangiwe, aremera ko ipfuka ikosa ryiwe maze biraha akaryo Imana ko gutuma Yobu asubirana, akaronka n’impera. Yehova “[yarahezagiye] iherezo rya Yobu mu nyuma kuruta intango yiwe.” (Yobu 42:12-17) Iyumvire ingene Yobu yiruhukije igihe indwara yiwe isesema yakira maze umubiri wiwe ‘ugatotahara kurusha mu buto,’ akaronka n’iyindi mihezagiro!

Incungu Imana yemeye ko Yobu atangirwa yari ifise agaciro kari n’aho kagarukira, kuko Yobu yagumye ari umuntu adatunganye maze mu nyuma arapfa. Ariko twebwe turafise incungu dushobora kwungukirako iruta iyo. Yehova abigiranye urukundo yaratanze Umwana wiwe Yezu ngo atubere incungu. (Matayo 20:28; Yohani 3:16) Abizera iyo ncungu bose barafise icizigiro co kubaho ibihe bidahera kw’isi y’Iparadizo. Muri iyo si nshasha igiye kuza, Imana izotuma abantu b’abizigirwa bataba bagisaza. Ubona gute urondeye kumenya n’ibindi ku bijanye n’ico wokora kugira ngo uzobe ari ho uri igihe abashaje bazobona ‘umubiri wabo utotahaye kurusha mu buto’?

Aho turemeshejwe gusoma muri Ndamukiza:

Yobu 16-37

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 3 Ijambo ry’igiheburayo ryahinduwe ng’aha ngo “incungu” risigura “ikintu gipfuka.” Ku bijanye na Yobu, incungu yari kuba ikimazi c’igitungwa Imana yari kwemera ko gipfuka canke gihongera ikosa rya Yobu.​—Yobu 1:5.