Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Twokura he icodufasha guhangana n’ingorane z’iki gihe?

Twokura he icodufasha guhangana n’ingorane z’iki gihe?

Insiguro y’icese idasanzwe

Twokura he icodufasha guhangana n’ingorane z’iki gihe?

Mw’isi ya kino gihe, haratangwa impanuro nyinshi. Ibitabu be n’ibiganiro vyo ku mboneshakure bivuga ivy’ingene umuntu yokwibako atiriwe ararondera imfashanyo, usanga bikundwa na benshi. Naho ari ukwo, ingorane nyamukuru nta ho zija. Woshobora kwibaza uti: ‘Hoba hariho ahantu nokura ubuyobozi nshobora vy’ukuri kwizigira?’ Egome hariho!

Bibiliya, naho imaze imyaka ibihumbi, irimwo ingingo ngenderwako zidata igihe zishobora gutanga inyishu ku bibazo nk’ibi:

▪ Noshobora gute gutorera umuti amatati maze imigenderanire mfitaniye n’abandi ikarushiriza kuba myiza?

▪ Noshobora gute kuronka agahimbare?

▪ Noshobora gute kuvyifatamwo neza mu ngorane z’ivy’ubutunzi?

▪ Noshobora gute kugabanya amaganya?

Inyishu z’ivyo bibazo zizorimburwa mu nsiguro y’icese ivuga ngo “Ingingo ngenderwako za Bibiliya zoba zodufasha guhangana n’ingorane z’iki gihe?” Iyo nsiguro ishingiye kuri Bibiliya izoshikirizwa hirya no hino kw’isi mu bihugu birenga 230. Mu mihingo nka yose, izoshikiririzwa ku Ngoro z’Ubwami z’Ivyabona vya Yehova zaho ku w’iyinga, igenekerezo rya 1 Rusama 2011.

Ivyabona vya Yehova b’aho uba bazohimbarwa no kukumenyesha isaha iyo nsiguro izotangurirako be n’aho izobera. Uratumiwe n’igishika cinshi ngo uzobe ari ho uri.