Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ni kubera iki Imana ireka hakaba ikibi be n’imibabaro?

Ni kubera iki Imana ireka hakaba ikibi be n’imibabaro?

Niwige Ijambo ry’Imana

Ni kubera iki Imana ireka hakaba ikibi be n’imibabaro?

Iki kiganiro kirabaza ibibazo woba umaze kwibaza, kikerekana aho ushobora kwisomera inyishu zavyo muri Bibiliya. Ivyabona vya Yehova bohimbarwa no kuyaga nawe kuri izo nyishu.

1. Ikibi catanguye gute?

Ikibi catanguye kw’isi igihe Shetani yavuga ikinyoma ca mbere. Igihe Shetani yaremwa ntiyari mubi. Yari umumarayika atagira agasembwa, ariko “ntiyashikamye mu kuri.” (Yohani 8:44) Yaratsimbataje icipfuzo co gusengwa kubereye Imana yonyene. Shetani yarahenze wa mugore wa mbere Eva, aramujijura ngo amugamburukire aho kugamburukira Imana. Adamu yarifatanije na Eva mu kugambararira Imana. Ingingo Adamu yafashe yatumye habaho imibabaro n’urupfu.​—Soma Itanguriro 3:1-6, 17-19.

Igihe Shetani yosha Eva ngo agambararire Imana, yari atanguje ivyo kugarariza ubusegaba bw’Imana. Abantu benshi barifatanije na Shetani mu gutera akagere Imana ngo ntibabere Umutware. Shetani rero yaciye acika “umutware w’isi.”​—Soma Yohani 14:30; Ivyahishuwe 12:9.

2. Ibiremwa vy’Imana vyoba vyari bifise akanenge?

Abantu be n’abamarayika Imana yaremye bari ibiremwa bitagira akanenge bishoboye kugamburuka ivyo Imana isaba. (Gusubira mu vyagezwe 32:4, 5) Imana yaturemanye umwidegemvyo wo guhitamwo gukora iciza canke ikibi. Uwo mwidegemvyo uraduha akaryo ko kwerekana ko dukunda Imana.​—Soma Yakobo 1:13-15; 1 Yohani 5:3.

3. Kubera iki Imana yaretse imibabaro ikabandanya?

Yehova yararetse ubusegaba bwiwe ngo bube buramaze ikiringo kanaka bugararizwa. Uti kubera iki? Kugira yerekane ko ata twigoro two gutegeka umuntu adafashijwe na we twogirira akamaro abantu. (Yeremiya 10:23) Inyuma y’imyaka 6.000 abantu bamaze batanguye kubaho, ico kibazo kiramaze gutorerwa inyishu. Ubutegetsi bw’abantu bwarananiwe gukuraho intambara, ubugizi bwa nabi, akarenganyo be n’indwara.​—Soma Umusiguzi 7:29; 8:9; Abaroma 9:17.

Abemera ko Imana ibabera Umutware bobo barunguka. (Yesaya 48:17, 18) Vuba, Yehova azokuraho intwaro z’abantu zose. Abantu bahitamwo gutwarwa n’Imana bonyene ni bo bazokwibera kw’isi.​—Yesaya 2:3, 4; 11:9; soma Daniyeli 2:44.

4. Ukwihangana kw’Imana gutuma haboneka akaryo akahe?

Shetani yavuze yuko ata muntu n’umwe yogamburukira Yehova adahemuka. Ukwihangana kw’Imana kuraduha twese akaryo ko kwerekana nimba duhitamwo gutegekwa n’Imana canke gutegekwa n’abantu. Uburyo tubaho ni bwo bwerekana ico twahisemwo.​—Soma Yobu 1:8-11; Imigani 27:11.

5. Ni gute twohitamwo ko Imana itubera Umutware?

Turahitamwo ko Imana itubera Umutware igihe turondera uburyo bwo gusenga bw’ukuri bushingiye kw’Ijambo ryayo Bibiliya, kandi tugasenga muri ubwo buryo nyene. (Yohani 4:23) Turirinda kandi kwisuka mu vya politike no mu ntambara, nk’uko na Yezu yabigira.​—Soma Yohani 17:14.

Shetani arakoresha ububasha bwiwe mu kuremesha ingeso mbi zonona. Igihe twamiriye kure ibikorwa nk’ivyo, bamwebamwe mu bagenzi bacu canke mu ncuti zacu boshobora kudutyekeza canke bakaturwanya. (1 Petero 4:3, 4) Rero, tubwirizwa guhitamwo. Twoba tuzokwifatanya n’abantu bakunda Imana? Twoba tuzogamburuka amategeko yayo aranga ubukerebutsi n’urukundo? Tubigize, tuzoba twerekanye ko Shetani yabeshe igihe yavuga ko ata muntu n’umwe yokoze ivyo Imana ivuga.​—Soma 1 Abakorinto 6:9, 10; 15:33.

Ushaka kumenya vyinshi, raba ikigabane ca 11 c’iki gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

[Ifoto ku rup. 16]

Adamu yahisemwo nabi

[Ifoto ku rup. 17]

Amahitamwo tugira arerekana nimba dushaka ko Imana itubera Umutware