Niwirinde abagenzi bonona!
Ku bw’urwaruka
Niwirinde abagenzi bonona!
Ibimenyeshejwe: Uyu mwimenyerezo, nuwukorere ahantu hatekanye. Igihe usoma ivyanditswe, nubone yuko ufise uruhara muri ivyo biriko biraba. Niwihe ishusho y’ibiriko biraba, wumve amajwi. Niwiyumve nk’uko abantu nyamukuru bavugwa muri iyo nkuru biyumva. Nubone ibivugwa muri iyo nkuru nk’ibiriko biraba koko.
Abantu nyamukuru bavugwamwo: Dina, Shekemu, Yakobo, Simeyoni na Lewi
Incamake: Dina arafatwa ku nguvu na Shekemu, maze basazawe bagashangashirwa bakihora.
1 NIWIHWEZE IBIRIKO BIRABA.—SOMA ITANGURIRO 34:1-31.
Wibaza ko Dina ashobora kuba yakorana ibiki n’abagenzi biwe b’Abanyakanani?
․․․․․
Wibaza ko ari ivyiyumviro nyabaki Shekemu yakoresha mu “[ku]guma avugisha [Dina] amuryosharyosha”?
․․․․․
Wumva Yakobo avuga amerewe gute igihe ahambarira Simeyoni na Lewi ku murongo wa 30?
․․․․․
2 NURUSHIRIZE KWIMBA.
Wibaza ko ari kubera iki Dina yama aja kuramutsa abo bakobwa b’Abanyakananikazi? (Nk’akarorero, ni ibiki ashobora kuba yari ahuriyeko na bo? Ni ibiki ashobora kuba yarasanze mu Banyakanani ataronka i muhira?)
․․․․․
Ni kamere zihimbaye izihe Dina ashobora kuba yarabonye muri Shekemu? (Subira usome imirongo ya 3, 12 na 19.)
․․․․․
Bibiliya yerekana gute ko Dina ata cipfuzo yari afise co gushurashura? (Subira usome umurongo wa 2.)
․․․․․
Wibaza ko vyari bibereye yuko Simeyoni na Lewi bihora mu kwica abagabo bo mu gisagara ca Shekemu? Kubera iki vyari bibereye, canke bitari bibereye?
․․․․․
3 NUSHIRE MU NGIRO IVYO WIZE. ANDIKA IVYO WIZE KU VYEREKEYE . . .
Igituma ukeneye guhitamwo abagenzi mu buryo buranga ubukerebutsi.
․․․․․
Igituma ukeneye kwigumya, naho hoba hariho imvo yumvikana yatumye ushavura.
․․․․․
UBUNDI BURYO BWO KUBISHIRA MU NGIRO.
Ni ibiki ushobora gukora kugira ngo wirinde gukoreshwa mu vy’igitsina n’abantu batubaha ingingo mfatirwako z’Imana zigenga inyifato runtu?
․․․․․
4 NI UMUCE UWUHE W’IYI NKURU UHAMBAYE CANE KURI WEWE, KANDI KUBERA IKI?
․․․․․
Nimba udafise Bibiliya, nuyisabe Ivyabona vya Yehova canke uyisome ku muhora wa Internet, kuri www.watchtower.org