Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ubuzima budahera mw’Iparadizo bwoba buzorambira?

Ubuzima budahera mw’Iparadizo bwoba buzorambira?

Abasomyi bacu barabaza . . .

Ubuzima budahera mw’Iparadizo bwoba buzorambira?

▪ Bibiliya iratanga icizigiro c’uko dushobora kubaho ibihe bidahera mw’Iparadizo kw’isi. (Zaburi 37:29; Luka 23:43) Kubaho ibihe bidahera ibintu ari agahore vyoba bizorambira?

Ico ni ikibazo ciza. Abashakashatsi basanze kurambirwa igihe kirekire bishobora gutuma umuntu agira amaganya, agatuntura kandi akagira inyifato yoshobora gutuma ashira ubuzima bwiwe mu kaga. Abantu badafise intumbero mu buzima canke baruhijwe n’ubuzima bwa misi yose boshobora kurambirwa. Abazoba bari mw’Iparadizo boba bazogira ubuzima butagira intumbero? Ubuzima bwa misi yose bwoba buzobabihira?

Ubwa mbere, numenye ko Yehova Imana, uwo Bibiliya ikomokako, ari we yiteguriye gutanga ubuzima budahera. (Yohani 3:16; 2 Timoteyo 3:16) Kamere nyamukuru y’Imana ni urukundo. (1 Yohani 4:8) Yehova aradukunda cane kandi ni we yaduhaye ibintu vyiza vyose duhimbarirwa muri iki gihe.​—Yakobo 1:17.

Umuremyi wacu arazi yuko kugira duhimbarwe dukeneye igikorwa kiri n’ico kivamwo. (Zaburi 139:14-16; Umusiguzi 3:12) Mw’Iparadizo, abantu bazokora ariko ntibazokwumva bameze nk’ibimashini. Igikorwa bazokora kizobagirira akamaro bo ubwabo hamwe n’ababo. (Yesaya 65:22-24) Nka hamwe woba ufise akazi gahimbaye, gasaba akigoro kandi kamara igihe kirekire, ubuzima bwoba bwokurambira?

Numenye kandi ko Yehova Imana atazokwemerera uwo ari we wese kuba mw’Iparadizo. Ingabirano y’ubuzima budahera azoyiha gusa abantu bigana Umwana wiwe Yezu. (Yohani 17:3) Igihe Yezu yari kw’isi, yarahimbarwa no gukora ivyo Se agomba. Haba mu bikorwa canke mu majambo, yarigishije abayoboke biwe ko gutanga bizana agahimbare karamba kuruta guhabwa. (Ivyakozwe 20:35) Mw’Iparadizo izoba yagarukanywe, abantu bose bazobaho bisunga ya mabwirizwa abiri asumba ayandi yose, na yo akaba ari ugukunda Imana n’ugukunda mugenzawe. (Matayo 22:36-40) Niwihe ishusho ukikujwe n’abantu batikunda, bagukunda kandi bakunda igikorwa cabo! Wibaza ko worambirwa ubana n’abantu nk’abo?

Kubaho mw’Iparadizo bizoba birimwo n’iki? Buri musi, tuzoshobora kwiga ibintu bishasha ku vyerekeye Umuremyi wacu. Abashakashatsi baramaze kwubura ibintu vyinshi bihambaye bijanye n’ibikorwa vy’irema vya Yehova. (Abaroma 1:20) Yamara, gushika ubu tuzi vy’ukuri utuntu duke gusa ku bijanye n’ibiremwa vya Yehova. Haraheze imyaka ibihumbi wa mugabo w’umwizigirwa Yobu arimbuye ibintu yari azi ku bijanye n’ibikorwa vy’irema vy’Imana, kandi iciyumviro yashitseko kiracari ic’ukuri. Yavuze ati: “Utwo ni udusunwa tw’inzira [z’Imana], vyongeye, ese ingene ivyo twumva ku biyerekeye ari utwongoshwe gusa! Ariko umuturagaro wayo ukomeye, ni nde yokwerekana ko awutegera?”​—Yobu 26:14.

Naho twobaho igihe kingana gute, ntituzokwigera tumenya ibintu vyose dushobora kumenya ku vyerekeye Yehova Imana n’ibikorwa vyiwe. Bibiliya ivuga ko Imana yashize mu mitima yacu icipfuzo co kubaho ibihe bidahera. Ariko ivuga kandi ko “[tutazokwigera twu]bura igikorwa Imana y’ukuri yakoze kuva ku ntango gushika kw’iherezo.” (Umusiguzi 3:10, 11) Wibaza ko uzokwigera urambirwa no kwiga ibintu bishasha ku vyerekeye Umuremyi wawe?

No muri iki gihe, abantu bakora cane ibikorwa vyungura abandi kandi bininahaza Imana, ni gake barambirwa. Twoshobora guhera amazinda yuko tutazokwigera turambirwa nitwaguma dukora mwene ivyo bikorwa, naho twobaho ibihe bidahera.

[Abo dukesha amafoto ku rup. 27]

Isi: Image Science and Analysis Laboratory, NASA-Johnson Space Center; Ikigwi c’inyenyeri: The Hubble Heritage Team (AURA/STScI/NASA)