Imana yoba iba ahantu hose?
Abasomyi bacu barabaza . . .
Imana yoba iba ahantu hose?
▪ Mu madini atandukanye bavuga ko Imana iri ahantu hose, bakaba bashaka kuvuga ko iba ahantu hose icarimwe. Nk’akarorero, igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi c’abagatolika (New Catholic Encyclopedia) kivuga ko Imana ari wa wundi “mu vy’ukuri ari ahantu hose habaho no mu bintu vyose bibaho.” Mu buryo nk’ubwo nyene, uwitwa John Wesley, ari na we yatanguje idini ry’abametodisite, yaranditse insiguro ivuga ngo “Ku bijanye n’ukuba Imana iba hose.” Muri iyo nsiguro yavuze ko “ata hantu na hamwe Imana itari, haba mu vyaremwe canke hanze yavyo.”
None Bibiliya yigisha iki? Imana yoba iri ahantu hose icarimwe mw’ijuru, kw’isi, eka no mu bantu?
Mu vy’ukuri, Bibiliya ivuga ko Imana ifise ahantu nyezina iba, na ho hakaba ari mw’ijuru. Bibiliya iranditsemwo isengesho Umwami Salomo yatuye Imana ayibwira ati: “Wewe ubwawe uze wumvirize uri mu majuru, ahantu hashimangiye uba.” (1 Abami 8:43) Igihe Yezu Kristu yigisha abigishwa biwe gusenga, yababwiye ko botura amasengesho yabo “Dawe wa twese [a]ri mw’ijuru.” (Matayo 6:9) Bibiliya ivuga yuko Kristu amaze kuzuka yinjiye “mw’ijuru ubwaho, kugira ngo ubu aduserukire imbere y’Imana.”—Abaheburayo 9:24.
Iyo mirongo irerekana mu buryo butomoye yuko Yehova Imana ataba ahantu hose, ahubwo ko aba mw’ijuru gusa. Ego ni ko, “amajuru” canke “ijuru” bivugwa muri iyo mirongo ntibigomba kuvuga iki kirere kiri hejuru yacu gikikuje isi canke ca kirere amahero kiri hirya yaco. Amajuru tubonesha amaso ntashobora gukwira Umuremyi w’ibiriho vyose. (1 Abami 8:27) Bibiliya itubwira yuko “Imana [ari] Impwemu.” (Yohani 4:24) Iba mu majuru yo mu buryo bw’impwemu, ni ukuvuga akarere katari mu majuru dushobora kubona.—1 Abakorinto 15:44.
Ariko none tuvuge iki ku mirongo yo muri Bibiliya isa n’iyerekana ko Imana iri ahantu hose? Nk’akarorero, nk’uko tubisanga muri Zaburi 139:7-10, Dawidi yavuze ku vyerekeye Imana ati: “Noja hehe ngo mpunge impwemu yawe, kandi mu maso hawe nohahungira hehe? Hamwe noduga mw’ijuru, ni yo woba uri; hamwe na ho nosasa uburiri bwanje mu kuzimu, ehe ni yo woba uri! Hamwe notora amababa y’umutwenzi ngo nje kuba mu kiyaga ca kure y’ibindi vyose, no ng’aho nyene ukuboko kwawe kwonyobora.” Iyo mirongo yoba yerekana ko Imana mu vy’ukuri iri ahantu hose, ikaba iba muri kimwekimwe cose muri ivyo bibanza?
Urabona ko Dawidi yabanje kubaza ati: “Noja hehe ngo mpunge impwemu yawe?” * Biciye ku mpwemu nyeranda yayo, Imana irashobora kubona ikintu ico ari co cose ikongera igakoresha ububasha bwayo ahantu aho ari ho hose, itiriwe ubwayo irahashika canke ngo ibeyo. Tubitangire akarorero: Mu myaka ya vuba, abahinga barashoboye kwiga ubutaka bwo ku mubumbe wa Marise (Mars) uri ku bilometero amamiliyoni uvuye kw’isi. Uti babishoboye gute? Ntibiriwe barashikayo, ahubwo babwize bafatiye ku mafoto yaho yerekana ibintu ido n’ido no ku yandi makuru yabashikira aho bari kw’isi arungitswe n’ibigendajuru vyarungitswe kuri uwo mubumbe.
Mu buryo busa n’ubwo, kugira ngo Yehova Imana abone ibiriko birabera ahantu aho ari ho hose kw’isi no mw’ijuru, si ngombwa ngo abe ari ahantu hose. Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Nta kiremwa na kimwe kitibonekeza imbere yayo.” (Abaheburayo 4:13) Egome, inguvu zikomeye cane Yehova akoresha, ari zo zitwa impwemu nyeranda, zirashobora gushika ahantu hose, bigatuma ashobora kubona vyose no gushitsa umugambi wiwe yibereye ahantu hamwe, “aho [a]ba heranda” mw’ijuru.—Gusubira mu vyagezwe 26:15.
[Akajambo k’epfo]
^ ing. 8 Ijambo ry’igiheburayo ryahinduwe ng’aho ngo “impwemu” rishaka kuvuga inguvu zikora z’Imana, ni ukuvuga ububasha Imana ikoresha mu gushitsa ivyo igomba.
[Abo dukesha ifoto ku rup. 27]
IAC/RGO/David Malin Images