Ni nde akwiye kwigisha abana ivyerekeye Imana?
Ni nde akwiye kwigisha abana ivyerekeye Imana?
“Umwigishwa ntaruta umwigisha wiwe, mugabo umuntu wese yigishijwe bimwe bitunganye azoba nk’umwigisha wiwe.”—LUKA 6:40.
ABAVYEYI bamwebamwe babona ko badashoboye kwigisha abana babo ivyerekeye Imana. Bashobora kwiyumvira yuko batize amashure ahagije canke ko batazi neza ibijanye n’idini ku buryo bovyigisha neza abana. Ivyo bishobora guca bituma babona umengo ico gikorwa gihambaye cane bogishinga incuti canke abigisha b’idini.
Ariko none, ni nde vy’ukuri ashoboye neza kwigisha abana ukuri kujanye n’ivy’Imana be n’ingingo ngenderwako zigenga inyifato runtu? Reka turabe ico Bibiliya ibivugako, uce ubigereranya n’ivyo abashakashatsi batoye.
Sebibondo afise uruhara uruhe?
Ivyo Bibiliya yigisha: “Ba se, ntimutere ishavu abana banyu, ariko mubarere mubamenyereza mwongera mubigisha ivy’Umukama.”—Abanyefeso 6:4, “Holman Christian Standard Bible.”
Ivyo abashakashatsi batoye: Igihe ba sebibondo bafise ukwizera gukomeye mu bijanye n’idini, bibagirira akamaro akahe? Ikiganiro kimwe casohowe na kaminuza imwe mu 2009 kivuga giti: “Kwifatanya n’umugwi w’abantu basangiye idini vyoshobora gufasha abagabo kurushiriza kuba ba sebibondo beza. Idini riraronsa abantu ikibashigikira n’ikibafasha kwicungera mu buzima, rikabaronsa n’inyigisho be n’ubuyobozi bibereka
ukuntu bobaho.”—Fathers’ Religious Involvement and Early Childhood Behavior.Bibiliya irashimika cane ku vy’uko sebibondo afise uruhara ruhambaye mu bijanye no kurera be no kumenyereza abana. (Imigani 4:1; Abakolosayi 3:21; Abaheburayo 12:9) Ariko none, iyo mpanuro yoba ari ngirakamaro muri iki gihe? Mu 2009, Kaminuza yo muri Floride yarasohoye ikiganiro cavuga akosho ba sebibondo bagira ku bana babo. Abashakashatsi barabonye yuko abana bari bafise ba se bagize uruhara ruboneka mu bijanye n’indero yabo vyashoboka cane ko baba abanyempuhwe kandi bakarushiriza kwumva ko bari n’ico bamaze. Basanze ari gake vyoshitse abahungu bakigenza nabi, ku bakobwa na ho basanga bishoboka cane ko barushiriza kumererwa neza mu mutima. Vy’ukuri, impanuro Bibiliya itanga ziracari ngirakamaro.
Uruhara rwa inabibondo ruhambaye ukungana iki?
Ivyo Bibiliya yigisha: “Ntuhebe itegeko rya nyoko wawe.”—Imigani 1:8.
Ivyo abashakashatsi batoye: Mu 2006, igitabu kimwe kivuga ibijanye n’inyifato y’abana (Handbook of Child Psychology) cavuze giti: “Tugize incahagati, ba inabibondo bamara umwanya uri hagati y’ibice 65 na 80 kw’ijana wiyongereye ku wo ba sebibondo bamara baganira n’umwumwe mu bana babo batoyi, kandi ni na ko vyifashe mu bihugu vyinshi.” Kubera uwo mwanya wose inabibondo amarana n’abana, ivyo avuga, ivyo akora be n’inyifato yiwe biragira ikintu gikomeye bikoze kw’ikura ry’umwana.
Igihe inabibondo na sebibondo basenyera ku mugozi umwe mu kwigisha abana babo ukuri kwerekeye Imana, baba bariko barabaha n’imiburiburi ingabirano zibiri z’agaciro. Ubwa mbere, abana bararonka akaryo ko kwunga ubucuti na Se wabo wo mw’ijuru, ubwo bukaba ari ubucuti bushobora kubagirira akamaro mu buzima bwabo bwose. Ubwa kabiri, biciye ku karorero abavyeyi batanga, abana bariga ukuntu umugabo n’umugore bakwiye gusenyera ku mugozi umwe kugira bashike ku migambi ihambaye. (Abakolosayi 3:18-20) Naho abandi boshobora gufasha sebibondo na inabibondo, abavyeyi ni bo bajejwe ibanga ryo kwigisha abana babo ivyerekeye Imana be n’ukuntu ishaka ko ivyo mu muryango bigenda.
Ariko none, abavyeyi bokwigisha gute abana babo? Uburyo bwo kubigisha bwoba bwiza kuruta ubundi ni ubuhe?