Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Ewe Yehova, . . . uranzi”

“Ewe Yehova, . . . uranzi”

Niwiyegereze Imana

“Ewe Yehova, . . . uranzi”

“NTA muzigo umuntu yokwikorera woza uruta ukuba azi ko ata n’umwe amubabaye canke amutahura.” * Woba umaze kwiyumva gutyo? Vyoba birashika ukumva umengo nta wubabaye ibiriko biragushikira canke ngo abitahure, nkanswe gutahura ukuntu wiyumva? Nimba bimaze kugushikira, urashobora guhumurizwa n’iki kintu: Yehova arababaye cane abamusenga ku buryo abona ibibashikira vyose mu buzima bwa misi yose. Amajambo ya Dawidi ari muri Zaburi ya 139 aratwereka yuko ari ko biri.

Kubera yuko Dawidi yari azi neza ko Imana imwitaho, yavuze ati: “Ewe Yehova, waranseranguye, kandi uranzi.” (Umurongo wa 1) Muri uwo murongo, Dawidi akoresha imvugo ngereranyo. Ijambo ry’igiheburayo ryahinduwe ngo “guserangura” rishobora gusobanura kwimba urondera ubutare (Yobu 28:3), kugendura igihugu (Abacamanza 18:2), canke gusuzuma ibimenyamenya bijanye n’urubanza (Gusubira mu vyagezwe 13:14). Ni vyo, Yehova aratuzi neza nk’aho yoba asuzuma imice yose y’ubuzima bwacu. Mu kuvuga ngo “waranseranguye” avyiyerekezako, Dawidi atwigisha yuko Imana yitwararika abasavyi bayo umwe wese ku giti ciwe. Iraserangura umwumwe wese ikamumenya.

Dawidi ararushiriza kwerekana aho Imana igeza mu guserangura umuntu, ati: “Urazi iyicara ryanje n’ihaguruka ryanje. Warimbūriye kure iciyumviro canje.” (Umurongo wa 2) Twoshobora kuvuga ko Yehova ari “kure,” kubera ko aba mw’ijuru. Yamara arazi igihe twicara, kumbure twamaze umusi wose ducurumba muri vyinshi, be n’igihe duhaguruka mu gitondo tukaja mu mirimo yacu ya misi yose. Arazi kandi ivyiyumviro vyacu n’ivyipfuzo vyacu n’imigabo yacu. None Dawidi yoba ahagarika umutima kubera ko Yehova amusuzuma gutyo yitonze? Habe namba; ahubwo riho aravyisabira. (Umurongo wa 23 n’uwa 24) Kubera iki?

Dawidi arazi ko Yehova asuzuma abamusenga abigiranye imvo nziza. Aravyerekana mu kwandika ati: “Ukugenda kwanje n’ukuryama kwanje niramvuye, warabigeze, kandi inzira zanje zose urazimenyereye.” (Umurongo wa 3) Uko bukeye uko bwije, Yehova arabona ‘inzira zacu zose,’ akabona amakosa n’ivyiza dukora. None hagati y’ibibi n’ivyiza, ni ibihe yibandako? Ijambo ry’igiheburayo ryahinduwe ngo “kugera” rishobora gusobanura “kugosora,” canke “kuyungurura,” nka kurya umurimyi agosora umwimbu kugira akuremwo ibikumbi ata co bimaze maze asigarane intete zifise akamaro. Nayo ijambo ry’igiheburayo ryahinduwe ngo “kumenyera,” rishobora gusobanura “guha agaciro.” Igihe Yehova asuzuma ivyo abamusenga bavuga n’ivyo bakora ku musi ku musi, aha agaciro ivyo abona ko ari vyiza. Uti kubera iki? Araha agaciro utwigoro bagira barondera kumuhimbara.

Zaburi ya 139 iratwigisha ko Yehova ababaye cane abamusenga. Arabaserangura akabihweza mu buzima bwabo bwa misi yose. Gutyo arazi ingorane bahangana na zo, kandi aratahura umubabaro bagira mu mutima bivuye kuri izo ngorane. Woba uvyuriwe umutima wo gusenga Imana nk’iyo itubabaye? Nimba uvyuriwe umutima wo kuyisenga, numenye neza yuko Yehova atazokwigera ‘yibagira igikorwa cawe n’urukundo werekanye ko ufitiye izina ryiwe.’​—Abaheburayo 6:10.

Aho turemeshejwe gusoma muri Nyakanga:

Zaburi 119-150

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 1 Ayo majambo yavuzwe n’uwitwa Arthur H. Stainback.