Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Kuki twokwisunga ingingo ngenderwako za Bibiliya?

Kuki twokwisunga ingingo ngenderwako za Bibiliya?

Kuki twokwisunga ingingo ngenderwako za Bibiliya?

UBURYO Bibiliya ibona ivy’igitsina bwoba bwarataye igihe canke bukaba buzitira umuntu bidakenewe? Habe namba. Ahubwo riho, burashobora kudufasha kwirinda:

Indwara zifatira mu bihimba vy’irondoka

Inda z’ishushu

Ingaruka zibabaje ziterwa n’ugusambuka kw’umubano

Ijwi ryo mu mutima ritwagiriza ikibi

Kwumva umengo nta co tumaze kubera turi igikoresho c’abandi

Umuremyi wacu Yehova Imana * ashaka ko dukoresha ingabirano yaduhaye mu buryo butuma duhimbarwa kandi tukahungukira. Ni “Umwe akwigisha ibikwungura.” (Yesaya 48:17) Umuntu abaho yisunga ubuyobozi Bibiliya itanga ku bijanye n’igitsina:

Arashimwa n’Imana

Aragira amahoro yo mu mutima

Aragiranira ubucuti bukomeye n’abo mu muryango

Aravugwa neza

Ariyubaha

Ariko none tuvuge iki nimba ubu utabayeho wisunga ingingo ngenderwako za Bibiliya zigenga inyifato runtu? Vyoba bishoboka ko uhindura uburyo ubayeho? Imana yoba izogira ico ikubaza ku bijanye n’ingene wigenjeje muri kahise?

Zirikana iki kintu: Bamwebamwe mu bari bagize ishengero rya gikirisu ryo mu kinjana ca mbere bahora ari abasambanyi, abarenga ibigo n’abaryamana n’abo basangiye igitsina. Bahisemwo guhindura ingendo, kandi ivyo vyarabagiriye akamaro cane. (1 Abakorinto 6:9-11) Muri iki gihe, abantu ibihumbi bo hirya no hino kw’isi na bo nyene bafashe ingingo nk’iyo nyene. Baravavanuye n’ingendo y’ugushurashura maze baribonera ivyiza biva ku kwigenza mu buryo buhuye n’ingingo ngenderwako za Bibiliya. Raba nk’akarorero ivyo umwe Sarah twavuga mu kiganiro ca mbere yiboneye.

“Naciye numva nduhutse”

Sarah yariboneye yuko kubaho yigenza uko yishakiye bitatumye aronka umwidegemvyo n’agahimbare yipfuza cane. Avuga ati: “Ijwi ryanje ryo mu mutima ryari risigaye ryaratimvye. Narumva ibimaramare kandi ngatinya ko nzohava ntwara inda canke nkandura indwara iteye ikinya. Sinigeze ndeka kwemera yuko Imana ibaho, kandi nari nzi ko yababajwe n’ukuntu nigenjeje. Narumva mpumanye, nkagira intuntu n’agahinda.”

Sarah yahavuye agira inkomezi zo guhindura ubuzima bwiwe. Yararondeye gufashwa n’abavyeyi biwe b’Ivyabona vya Yehova. Yararondeye kandi gufashwa n’abakurambere bakirisu babishoboye bo mw’ishengero ry’aho yaba. Sarah avuga ati: “Narakozwe ku mutima n’igishika be n’urukundo abavyeyi banje n’abakurambere bo mw’ishengero bangaragarije. Naciye numva nduhutse.”

Ubu Sarah afise abana babiri yivyariye. Avuga ati: “Nama mbwira abana banje ntabahisha amahitamwo nagize. Nipfuza ko batahura ukuntu kwirengagiza ingingo ngenderwako z’Imana vyangizeko ingaruka mbi. Nshaka kubafasha kubona yuko kubaho bisunga ingingo ngenderwako z’Imana zijanye n’ivy’igitsina bigirira umuntu akamaro ku mubiri, mu bwenge no mu mutima. Ndazi neza ko Imana idushingira ingingo ngenderwako zigenga inyifato runtu kubera itipfuza ko tumererwa nabi.”

Na wewe urashobora kwironkera ivyiza biva ku gukurikiza ubuyobozi buranga urukundo Imana itanga. Bibiliya idusezeranira iti: “Amateka ava kuri Yehova aragororotse, atuma umutima unezerwa; ibwirizwa rya Yehova ntiryanduye, rikayanganisha amaso. . . . Ku[vy]ubahiriza birimwo impera nini.”​—Zaburi 19:8, 11. *

[Utujambo tw’epfo]

^ ing. 8 Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana nk’uko riboneka muri Bibiliya.

^ ing. 20 Nimba ushaka kumenya n’ibindi ku bijanye n’impanuro ngirakamaro Bibiliya itanga, ntiwitinye kurondera Ivyabona vya Yehova b’aho iwanyu. Woshobora no kutwandikira ukoresheje imwe muri aderese ziri ku rupapuro rwa 4 canke ukaja ku muhora wacu wo kuri Internet ari wo www.watchtower.org.

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 8]

Abirengagiza ingingo ngenderwako za Bibiliya akenshi baratuntuza abandi

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 9]

Ababaho bisunga ingingo ngenderwako za Bibiliya baragira ijwi ryo mu mutima ritabagiriza ikibi kandi bakagiranira ubucuti bukomeye n’abo mu muryango