Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Twungukira gute ku mategeko y’Imana?

Twungukira gute ku mategeko y’Imana?

Niwige Ijambo ry’Imana

Twungukira gute ku mategeko y’Imana?

Iki kiganiro kirabaza ibibazo woba umaze kwibaza, kikerekana aho ushobora kwisomera inyishu zavyo muri Bibiliya. Ivyabona vya Yehova bohimbarwa no kuyaga nawe kuri izo nyishu.

1. Kubera iki dukwiye kugamburukira Imana?

Birabereye ko tugamburukira Imana kuko ari yo yaturemye. Na Yezu yamye nantaryo agamburukira Imana. (Yohani 6:38; Ivyahishuwe 4:11) Amategeko y’Imana araduha akaryo ko kwerekana ko tuyikunda.​—Soma 1 Yohani 5:3.

Amategeko yose ya Yehova Imana ariho ku neza yacu. Ayo mategeko aratwigisha uburyo bwiza kuruta ubundi bwose bwo kubaho ubu, n’ukuntu twoshobora kuronka muri kazoza ivyiza vy’ibihe bidahera.​—Soma Zaburi 19:7, 11; Yesaya 48:17, 18.

2. Amategeko y’Imana agirira akamaro akahe amagara yacu?

Itegeko ry’Imana ryiyamiriza akaborerwe riradukingira amasanganya n’indwara zishobora kuduhitana. Kunywa inzoga zirenze birizizira umuntu kandi bigatuma akora ivy’ubupfu. (Imigani 23:20, 29, 30) Yehova ntatubuza kunywa, ariko adusaba kunywa ku rugero.​—Soma Zaburi 104:15; 1 Abakorinto 6:10.

Yehova kandi aratugabisha ku bijanye n’ishari, ishavu ridacungerewe, n’izindi nyifato zonona. Dushize mu ngiro impanuro ziwe, amagara yacu arahungukira.​—Soma Imigani 14:30; 22:24, 25.

3. Itegeko ry’Imana rishobora gute kudukingira?

Itegeko ry’Imana rirabuza uguhuza ibitsina ku batabiranye. (Abaheburayo 13:4) Igihe abubakanye bagamburuka iryo tegeko biratuma barushiriza kwumva batekaniwe, bigatuma kandi abana babo baba ahantu harangwa akayaga keza. Ku rundi ruhande, uguhuza ibitsina ku batabiranye bishikana ku kwandura indwara, ku kwahukana, ku bukazi, ku kuvunika umutima, no ku kwirerana abana uri umwe.​—Soma Imigani 5:1-9.

Twirinze ivyodushikana ku guhuza ibitsina n’uwo tutubakanye, tuba dukingiye ubugenzi dufitaniye n’Imana. Tuba kandi twirinze kugirira nabi abandi.​—Soma 1 Abatesalonika 4:3-6.

4. Kwubaha ubuzima tuvyungukirako gute?

Abubaha ingabirano y’ubuzima Imana yaduhaye bagahagarika utumenyero tubi, nk’itabi be n’ibindi bintu bigeramira ubuzima vyizizira umuntu, baragira amagara meza. (2 Abakorinto 7:1) Imana iraha agaciro n’ubuzima bw’umwana ataravuka. (Kuvayo 21:22, 23) Rero ntidukwiye kwica n’ibigirankana ubuzima bw’umwana ataravuka. N’ikindi kandi, abo bose bemera ukuntu Imana ibona ubuzima baririnda amasanganya igihe bari ku kazi, i muhira, no mu muduga. (Gusubira mu vyagezwe 22:8) Vyongeye, ntibashira ubuzima bwabo mu kaga igihe binonora imitsi, kubera ko ubuzima ari ingabirano iva ku Mana.​—Soma Zaburi 36:9.

5. Twungukira gute ku bweranda bw’amaraso?

Amaraso ni meranda kubera ko Imana ivuga ko agereranya ubuzima bw’ikiremwa. (Itanguriro 9:3, 4) Itegeko ry’Imana, iryerekana ko amaraso n’ubuzima binganya agaciro, ni ngirakamaro kuri twebwe. Uti gute? Imana yishimikije iryo tegeko, yaratumye bishoboka ko duharirwa ivyaha vyacu.​—Soma Abalewi 17:11-13; Abaheburayo 9:22.

Amaraso ya Yezu yari afise agaciro kadasanzwe kubera ko Yezu yari atunganye. Yezu yarashikaniye Imana amaraso yiwe, ano akaba yagereranya ubuzima bwiwe. (Abaheburayo 9:12) Amaraso yiwe yasheshwe aratuma dushobora kuronka ubuzima budahera.​—Soma Matayo 26:28; Yohani 3:16.

Ushaka kumenya n’ibindi, raba ikigabane ca 12 n’ica 13 c’iki gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.