Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba wari ubizi?

Woba wari ubizi?

Woba wari ubizi?

Amahera yakoreshwa mu bikorwa vyo ku rusengero rwa Yehova rw’i Yeruzalemu yava hehe?

Uburyo bwakoreshwa mu bikorwa bitandukanye vyo ku rusengero bwava ku makori, na canecane ku bigiracumi abantu babwirizwa gutanga. Ariko hariho n’ubundi bwoko bw’amakori bwakoreshwa. Nk’akarorero, igihe rya hema ryakoreshwa mu vy’ugusenga ryitwa itaberenakulo ryubakwa, Yehova yategetse Musa gusaba Umwisirayeli wese yanditswe ica kabiri ca shekeli y’ifeza bwa “ntererano ihabwa Yehova”.​—Kuvayo 30:12-16.

Biboneka ko Umuyuda wese yahavuye aza aratanga ico gitigiri nyene c’ifeza bwa kori ry’urusengero ryo ku mwaka ku mwaka. Iryo kori ni ryo Yezu yasavye Petero kuriha akoresheje igiceri akuye mu kanwa k’ifi.​—Matayo 17:24-27.

Ubu haraheze imyaka itari mike hubuwe i Yeruzalemu ubwoko bubiri bw’ibiceri vy’ifeza vyakoreshwa mu kuriha ikori ry’urusengero. Kimwe muri vyo bagisanze mu mugende utwara amazi mabi wo mu kinjana ca mbere, kikaba cakorewe i Tiro mu 22 G.C. (G.C. bisobanura “mu Gihe Cacu”) Ku ruhande rumwe rw’ico giceri ca shekeli hari ishusho y’umutwe wa Melqart (canke Bayali), imana nkuru y’i Tiro; ku rundi ruhande na ho hari ishusho y’inkona ihagaze ku gice c’imbere c’ubwato bita impanza. Igiceri ca kabiri bagisanze mu bihomvagurike bakuye ku musozi wari wubatsweko urusengero, kikaba ari ico mu mwaka wa mbere w’umugumuko Abayuda bagize biyamiriza Uburoma mu 66-67 G.C. Kiriko ishusho y’ikalisi n’amakomamanga atatu akiva mu mashurwe, be n’amajambo avuga ngo “Ica kabiri ca shekeli,” be n’ayavuga ngo “Yeruzalemu nyeranda.” Ku bijanye n’ico giceri bubuye, umuhinga mu vy’ubucukuzi bw’utwa kera Gabriel Barkay avuga yuko ico giceri kiriko “ibimenyetso vyerekana ko cononywe n’umuriro, bikaba bishoboka cane ko ari wa muriro wayigiza rwa Rusengero rwa kabiri mu 70 G.C.”

Ivyo Nebukadinezari umwami wa Babiloni yubatse vyoba vyari bitangaje koko?

Igitabu co muri Bibiliya ca Daniyeli cigana yuko Nebukadinezari yavuze ati: “Mbega iyi si Babiloni Ikomeye, iyo ubwanje nubakiye inzu ya cami nkoresheje inkomezi z’ubushobozi bwanje, nkayubakira kandi iteka ry’ubukuru bwanje?” (Daniyeli 4:30) Ico gisagara ca kera coba cari agakomeye vy’ukuri?

Abatohozakahise bavuga ko Nebukadinezari yubatse insengero, ibirimba, impome z’igisagara, aratunganya n’ubusitani bw’akaroruhore ahantu hataramutse hameze nk’ibaraza. Urusengero nyamukuru rwo hagati muri Babiloni rwari rufise umunara ushobora kuba wararenza imetero 70 z’amahagarara. Ariko igitabu citwa Babiloni: Igisagara c’ibitangaza (mu congereza) kivuga yuko “ibintu rurangiranwa kuruta ibindi vyose [Nebukadinezari] yubatse ari ya Nzira y’ingendo z’ibirori be na rya Rembo rya Ishitari.” Iyo Nzira yaca muri iryo Rembo rya Ishitari, ikaba yari ifise ku mpande amashusho yo ku mpome yerekana intare ziriko ziratambuka. Nayo ku vyerekeye iryo rembo ubwaryo, ari na ryo ryari irembo ry’agahambaye kuruta ayandi marembo yose ya Babiloni, ico gitabu nyene kivuga giti: “Ryose ryari rigizwe n’amatafari akayangana y’ibara ry’ubururu, ririko amashusho amajana n’amajana y’ibikoko amahero (vyitwa dragons) n’ay’impfizi z’inka biriko biratambuka. Ingenzi yaba igendeye uwo mugwa mukuru ikubise ijisho iryo rembo ntiyagenda iryibagiye.”

Mu ntango z’ikinjana ca 20, abacukuzi b’utwa kera barubuye ibihimba ibihumbi n’ibihumbi vy’iyo Nzira y’ingendo z’ibirori na nya Rembo rya Ishitari, vyinshi muri vyo baca babiterateraniriza hamwe mw’iratiro ry’utwa kera (Pergamon Museum) riri i Berlin mu Budagi.

[Amafoto ku rup. 12]

Ni ko bisanzwe bingana

[Abo dukesha ifoto]

Ifoto yo hejuru: Clara Emit, tuyikesha Israel Antiquities Authority; iyo munsi: Zev Radovan

[Ifoto ku rup. 12]

Irembo rya Ishitari ryasubiye guterateranywa