Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Imbibe nta co zibabwiye

Imbibe nta co zibabwiye

Imbibe nta co zibabwiye

Ivyabona vya Yehova barihatira kurengera ibintu bitandukanya abantu. Barakurikiza ingingo ngenderwako iri mu majambo Yezu yabwiye abigishwa biwe agira ati: “Mwese muri abavukana.” (Matayo 23:8) Ivyo biribonekeza neza muri bibiri mu bibanza vyo gusengeramwo vy’Ivyabona vya Yehova: ico muri Portigale n’ico muri Esupanye.

IGISAGARA gikikujwe n’impome citwa Valença do Minho co mu buraruko bwa Portigale, cubatswe mu bihe vy’akaga. Udukuta two hejuru ku ruzitiro abarinzi bahagararako turabana n’Uruzi Minho, ari na rwo rubibe rugabura Esupanye na Portigale. Hakurya y’urwo ruzi hari igisagara co muri Esupanye citwa Tui, kirimwo ikatederale womengo ni za nyubakwa umwansi adashobora kumena. Ibihome nyamukuru bikingira Tui na Valença ni ivyo mu kinjana ca 17, igihe Esupanye na Portigale vyariko birarwana.

Mu 1995, amazu bagenzuriramwo abinjira mu gihugu n’abasohoka yo ku rubibe rw’ivyo bihugu bibiri vyo mu Bumwe bwa Buraya yarugawe. Ariko rero, kunywanisha abantu si ugukuraho gusa mwene ayo mazu. Birasaba no guhindura imitima n’imizirikanyi. I Valença hari inyubakwa ntoyi iryoheye ijisho yerekana ukuntu abantu bashobora kurengera ibibatandukanya bakunga ubumwe. Iyo nyubakwa ni ikibanza co gusengeramwo citwa Ingoro y’Ubwami y’Ivyabona vya Yehova gisangiwe n’ishengero ry’Ivyabona vya Yehova ryo muri Esupanye n’iryo muri Portigale.

Uti vyaje gute? Vyatanguye mu 2001, igihe Ivyabona vya Yehova b’i Tui bari bakeneye Ingoro y’Ubwami nshasha. Bategerezwa gusubiza amazu bari bapanze, ariko nta buryo buhagije bari bafise bwo kwubaka ingoro yabo bwite. Mbere no gukotesha ikindi kibanza ntibari babishoboye kubera yuko iryo shengero ritari rinini. Ivyo Vyabona vya Yehova bo muri Esupanye baciye basaba bene wabo b’i Valença muri Portigale nimba boshima ko basangira ingoro yabo, ino ikaba yari ku bilometero nka bingahe uvuye hagati mu gisagara ca Tui.

Uwitwa Eduardo Vila wo mw’ishengero rya Tui muri Esupanye avuga ati: “Twarabiganiriye mu nama twagize muri Kigarama 2001. Tuvuye muri iyo nama narabonye ko Yehova yari yakoze ku mutima abavukanyi bacu b’Abanyaportigale. Bari baragize akigoro gakomeye barubaka Ingoro y’Ubwami nziza utoraba, kandi vyarakomeza ukwizera kubona bari biteguriye gusangira natwe ivyo bafise.”

Icabona ca Yehova w’Umunyaportigale yitwa Américo Almeida, akaba yari muri iyo nama, avuga ati: “Twarahaye ikaze abavukanyi bacu bo muri Esupanye mu Ngoro y’Ubwami yacu. Twari twizigiye ko Yehova yohezagiye iyo ntunganyo, kandi iyo ngingo twayihurijeko twese.” Ivyabona vya Yehova bo muri izo mpande zompi babanye neza. Paolo w’i Valença avuga ati: “Womenga biratangaje, ariko ntitunibuka ko turi abo mu bihugu bitandukanye. Twibonera gusa ko tuvukana mu vy’Imana, nta bindi.”

Kimwe mu bintu vya mbere uwugendeye iyo Ngoro y’Ubwami abona ni amasaha abiri ari ku ruhome inyuma asa ariko akaba yerekana ibihe bitandukanye. Igihugu ca Esupanye kiri imbere isaha imwe ku gihugu ca Portigale, mugabo ico ni co kintu conyene c’itandukaniro cigaragaza muri iyo Ngoro y’Ubwami. Igihe iyo nyubakwa yari ikeneye gusanurwa, Komite y’ubwubatsi y’akarere iri muri Esupanye ni yo yahagarikiye abakozi bakora baryohewe bo muri ayo mashengero abiri. Umwe Paolo avuga ati: “Abafundi babimenyereye bo muri Esupanye baraje kudufasha, bamwe bakaba bari bavuye ku bilometero birenga 160. Ico gikorwa co gusanura carakomeje urukundo hagati y’amashengero yacu.”

Reka ubu na ho turabe akarorero kagira kabiri kerekana ingene Ivyabona vya Yehova barengera imbibe zibatandukanya.

Ubumwe mu mubande ugabuwemwo kubiri

Puigcerdá ni igisagara co muri Esupanye gihana urubibe n’Ubufaransa. Kiri hagati na hagati mu mubande wimbuka ukikujwe n’amasonga maremare y’imisozi Pyrénées. Uwo mubande wose witwa Cerdaña wahora ari uwa Esupanye. Mugabo mu 1659, mu masezerano y’amahoro yiswe Amasezerano y’i Pyrénées, Esupanye yarahebeye Ubufaransa igice c’uwo mubande.

Muri iki gihe, Abafaransa barasumira aho i Puigcerdá, ari na co gisagara gikuru co muri uwo mubande. Kuva mu 1997, Ivyabona vya Yehova b’i Puigcerdá na bo barahaye ikaze mu Ngoro y’Ubwami yabo bagenzi babo b’Abafaransa. Muri uwo mwaka, Ivyabona vya Yehova b’Abafaransa babwirizwa kuva mu nyubakwa bari bapanze. Ingoro y’Ubwami yo mu Bufaransa yitwa ko iri hafi yari ku rugendo rw’isaha imwe n’umuduga, kandi mu mezi y’urushana inzira yo muri iyo misozi miremire abantu babwirizwa gucamwo kugira bashike kuri iyo Ngoro kenshi iba yuzuyemwo ibibarafu.

Igihe Ivyabona vya Yehova b’Abafaransa basigurira bene wabo bo muri Esupanye ko bakeneye vyihuta aho kugirira amakoraniro, bano baciye ubwo nyene bababwira ko bashobora gukoresha Ingoro y’Ubwami yabo. Icabona ca Yehova umwe wo ng’aho yitwa Prem yibuka ibi: “Abavukanyi bose bo muri Esupanye barahimbawe cane n’iciyumviro co gusangira iyo ngoro. Ariko ntiwumve, icatumye tugira ako gatima ni inyigisho zo muri Bibiliya twari tumaze imyaka turonka. Haciye amayinga nk’angahe, twaratanguye gusangira na bo Ingoro y’Ubwami yacu, ubu tukaba tumaze imyaka 13 turi kumwe.”

Umucungezi w’ishengero ryo mu Bufaransa yitwa Eric, asigura ati: “I Puigcerdá ni ho hantu habereye twari dukeneye kuronka Ingoro y’Ubwami. N’ubu ndacibuka ingene ishengero ryo muri Esupanye ryatwakiranye igishika. Barasharije ingoro yabo n’amashurwe menshi, bashiraho n’icapa kivuga ngo: ‘Kaze, bavukanyi.’”

Eric yongerako ati: “Abantu biyumviriye ko kwugara Ingoro y’Ubwami yacu yo mu Bufaransa vyasobanura yuko ishengero ryari rizimanganye. Mugabo babonye ukuntu tuguma twamamaza muri ako karere, tukaza turabaha n’ubutumire bwo kwitaba amakoraniro yacu muri Esupanye, ntibatevye guca babona ko ishengero ata ho ryagiye. Abashimishwa n’inkuru nziza barahimbarwa no kuza kuri iyo ngoro yo muri Esupanye. N’ikindi kandi, kuba dusangiye ingoro n’abavukanyi bacu bo muri Esupanye, vyaratumye turushiriza kwiyumvanamwo. Tutarajayo, twari tuzi ko hakurya y’urubibe hari ishengero ry’Abanya-Esupanye, mugabo twari dufitaniye imigenderanire mike. Ariko ubu, kubera ko twama tubonana, ntitwiyumva turi twenyene muri uwo mubande uri mu misozi iyo catawe.”

Ukudahuza imico kama vyoba vyarateje ingorane? Icabona ca Yehova w’Umufaransa ageze mu myaka 80 yiyemereye ati: “Ncumva ko tugiye kuzoza turagirira amakoraniro hakurya y’urubibe muri Esupanye, numvise umengo ndahagaritse umutima. Mugabo bivuye ku kuntu abavukanyi b’i Puigcerdá batwakiriye bakadufata kigenzi, iryo hinduka nta ngorane n’imwe ryaduteje. Ahubwo riho, kabaye akaryo ko gushira ahabona ubumwe mpuzamakungu abasavyi ba Yehova bafitaniye.”

Umushinge w’ubumwe bukomeye

Abashinze ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya bavuze yuko ibihugu bibugize vyari “vyiyemeje gushinga imishinge y’ubumwe burushirije kuba ubukomeye hagati y’abanyagihugu b’ibihugu vya Buraya.” Iyugarwa ry’amazu yo ku mbibe bacungereramwo abinjira mu gihugu n’abasohoka ryabaye mu myaka ya 1980 n’iya 1990 ryagizwe kugira ngo uwo mugambi unyaruke kuja mu ngiro. Ariko kandi abantu barakeneye kurengera imbibe zo mu mutwe, ni ukuvuga ukuntu babona abo mu bindi bihugu.

Ivyabona vya Yehova barita ku rutare kugira barandurane n’imizi ukwikekana n’ukutizigirana. Baratahura yuko kuba bava mu mico kama no bihugu bitandukanye ari ngirakamaro be n’uko “Imana itagira nkunzi.” (Ivyakozwe 10:34) Ku mahwaniro mpuzamakungu bagira no ku Ngoro z’Ubwami zabo, baribonera “ukuntu ari vyiza kandi bihimbaye ko abavukana babana mu bumwe!” (Zaburi 133:1) Ubumwe Ivyabona vya Yehova b’i Valença n’ab’i Puigcerdá bafitaniye n’abavukanyi babo bo mu bihugu bibanyi buravyerekana neza cane.

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 13]

“Womenga biratangaje, ariko ntitunibuka ko turi abo mu bihugu bitandukanye. Twibonera gusa ko tuvukana mu vy’Imana, nta bindi”

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 14]

“Ico gikorwa co gusanura carakomeje urukundo hagati y’amashengero yacu”

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 15]

“Ese ukuntu ari vyiza kandi bihimbaye ko abavukana babana mu bumwe!” ZABURI 133:1

[Ifoto ku rup. 12, 13]

Igisagara ca Tui be n’Uruzi Minho ubirabiye ku gisagara gikikujwe n’impome ca Valença do Minho

[Ifoto ku rup. 14]

Ivyabona vya Yehova bo muri Esupanye no muri Portigale

[Ifoto ku rup. 15]

Imisozi Pyrénées n’umubande Cerdaña

[Ifoto ku rup. 15]

Abakurambere 2 bo muri ya mashengero 2, iryo muri Esupanye n’iryo mu Bufaransa, agirira amakoraniro mu Ngoro y’Ubwami y’i Puigcerdá