Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Bibiliya yoba yigisha Ubutatu?

Bibiliya yoba yigisha Ubutatu?

Abasomyi bacu barabaza . . .

Bibiliya yoba yigisha Ubutatu?

▪ Bumwe mu buryo bwinshi Ubutatu busigurwa ni ubu: “Hari abaperesona batatu (Data, Mwana na Mutima Mweranda canke Mpwemu Yera), umwe wese akavugwa ko ahoraho, ko ashoboye vyose, kandi ko ata n’umwe aruta uwundi; umwe wese avugwa ko ari Imana, ngo ariko bose hamwe bakaba bagize Imana imwe rudende.” Iyo nyigisho yoba none ishingiye kuri Bibiliya?

Abemera iyo nyigisho bakunze kwishimikiza amajambo yanditse muri Matayo 28:19. Twisunze Bibiliya Yera, Yezu yavuze ati: “Nuko ni mugende, muhindure amahanga yose abigishwa, mubabatiza mw izina rya Data wa twese n’iry’Umwana n’irya Mpwemu Yera.” Ni ivy’ukuri yuko ico canditswe kivuga Data, Umwana n’impwemu yera (canke mutima mweranda). Ariko ivy’uko bagize umwe nta vyo kivuga. Igihe Yezu yavuga ayo majambo, yariko ashinga abayoboke biwe b’Abayuda igikorwa co kwigisha no kubatiza abantu mw’izina rya Data, iry’Umwana n’iry’impwemu yera. None Abayuda uko bari bagize ihanga bemera iki?

Igihe Imana yagirana n’ihanga rya Isirayeli rya sezerano rishingiye kw’Itegeko, rino rikaba riri mu bigize Bibiliya, yabategetse iti: “Ntuze wigere ugira izindi mana izo ari zo zose unzana mu maso.” (Gusubira mu vyagezwe 5:7) Ico gihe none ni bangahe bariko baravuga? Mu Gusubira mu vyagezwe 6:4 haravuga hatomora hati: “Umviriza, ewe Isirayeli: Yehova Imana yacu ni Yehova umwe,” si batatu bagize umwe. Hari haciye igihe gito Isirayeli ikuwe mu Misiri, aho abantu basenga imana Ozirisi, Izisi na Horisi (zerekanywe aho ibubamfu), ubwo bukaba ari bumwe mu butatu bwinshi bwasengwa. Ni co gituma Abisirayeli bategetswe gusenga Imana imwe rudende. Vyoba vyari bihambaye ko abantu batahura iryo tegeko? Umurabi umwe yitwa J. H. Hertz avuga ati: “Ayo majambo y’agahore, ayerekana yuko hakwiye gusengwa Imana imwe itarenga ntirenguke, yari nk’itangazo ry’intambara yo kurwanya ugusenga imana nyinshi kwose . . . Igisabisho Shema kirerekana ko ubutatu bwigishwa n’abakirisu buvuguruza ukuba Imana ari imwe.” *

Kubera ko Yezu yavutse ari Umuyuda, yari yarigishijwe gukurikiza iryo tegeko nyene. Inyuma y’aho abatirijwe, igihe Shetani yamugerageza yavuze ati: “Ja hiyo, Shetani! Kuko vyanditswe ngo: ‘Yehova Imana yawe ni we utegerezwa gusenga, kandi ni we wenyene utegerezwa gukorera igikorwa ceranda.” (Matayo 4:10; Gusubira mu vyagezwe 6:13) Ico kintu cabaye kiratwigisha n’imiburiburi ibintu bibiri. Ica mbere, Shetani yariko agerageza kwosha Yezu ngo asenge uwundi atari Yehova, ico kigeragezo kikaba ata nsobanuro cari kuba gifise iyo Yezu aba ari umwe mu bagize iyo Mana nyene. Ica kabiri, Yezu yaratomoye yuko Imana ikwiye gusengwa ari imwe gusa igihe yavuga ngo “we wenyene;” iyo aba yari umwe mu bagize Ubutatu ntiyari kubura kuvuga ngo “twe twenyene.”

Igihe abantu baronse ubumenyi butagira amakosa bwerekeye Imana kandi bakaba bipfuza kuyikorera, barabatizwa “mw’izina rya Data n’iry’Umwana n’iry’impwemu nyeranda.” (Matayo 28:19) Baratahura kandi bakemera ubukuru bwa Yehova be n’uruhara Yezu Kristu afise mw’iranguka ry’umugambi wa Yehova. (Zaburi 83:18; Matayo 28:18) Vyongeye, barategera uruhara be n’igikorwa vy’impwemu nyeranda y’Imana, ni ukuvuga inguvu yayo ikora.​—Itanguriro 1:2; Abagalatiya 5:22, 23; 2 Petero 1:21.

Inyigisho y’Ubutatu yaramaze ibinjana n’ibindi ivuruga abantu ubwenge. Ariko Yezu we yaramurikiye abayoboke biwe arabafasha kwiyegereza ya “Mana yonyene y’ukuri,” Yehova.​—Yohani 17:3.

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 5 Ukwatura yuko hari Imana imwe nk’uko bivugwa muri ca gisabisho citwa Shema gishingiye ku Gusubira mu vyagezwe 6:4, ni kimwe mu bintu nyamukuru bigize ugusenga kw’Abayuda kugirirwa mw’isinagogi.

[Abo dukesha ifoto ku rup. 23]

Musée du Louvre, Paris