Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ikete rivuye mu Burusiya

Guhiga itunga mu misozi y’inzahabu ya Alutayi

Guhiga itunga mu misozi y’inzahabu ya Alutayi

NI MURI Rusama; ikirere kimeze neza aha muri Repubulika ya Alutayi, akarere karyoheye ijisho ko mu mfuruka ya Siberiya yo mu bumanuko bushira uburengero. Turabiye mw’idirisha, turabona utugwitugwi tw’ibiti tw’ishamba ryijimye, hirya inyuma yavyo hakaba hari imisozi miremire y’ibara ry’ubururu ridakaze ifise amasonga yambaye ibibarafu. Ako karere ka kure kataringaniye kabamwo Abanyalutayi, abantu bo muri Aziya bameze ukwabo bakagira n’ururimi rwabo bwite. Barumva bisanze bari mu Misozi Alutayi, iryo rikaba ari izina bayihaye bafatiye kw’ijambo ryo mu rurimi rw’igitirki-mongoliya risobanura “inzahabu.”

Ubu haraciye imyaka mikeyi twe n’umukenyezi wanje twize ururimi rw’ibimenyetso rw’Abarusiya maze tugatangura kugendera amashengero n’imigwi mitomito vy’Ivyabona vya Yehova vy’abatumva (ni ukuvuga abantu bafise ubumuga bwo kutumva) bikoresha ururimi rw’ibimenyetso. Muri iki gihugu, amoko arenga 100 be n’imico kama itandukanye irenga 70 bisangiye ururimi rumwe ruvugwa: ikirusiya. Abatumva bo muri twebwe bavuga urundi rurimi: ururimi rw’ibimenyetso rw’Abarusiya. Abo bantu batumva barafatanye mu nda kandi benshi mu bo duhura usanga bashashaye kutuyagira ivyo baciyemwo no kutugaragariza ubwakiranyi. N’abo muri Alutayi ni ko nyene bameze.

Mu gisagara ca Gorno-Altaïsk, turaronka amakuru y’uko hari abatumva bakeyi baba mu kagwati kari ku birometero 250 uvuye muri ico gisagara. Turazi ko hariyo Ivyabona vya Yehova bakeya, mugabo nta n’umwe muri bo azi ururimi rw’ibimenyetso. Turazirikana ivy’abo Banyalutayi batumva maze tugafata ingingo yo kujayo n’umuduga kubarondera. Yury na Tatyana, umugabo n’umugore batumva, babonye ukuntu tubishashaye bararyoherwa cane bagaca bemera kujana natwe. Turashira mu kaduga gatoya ama DVD yo mu rurimi rw’ibimenyetso be n’icuma bakoresha mu kuyaraba. Turashiramwo kandi iteremosi nini, udukate twa sandwishi turimwo amasosisi yokeje, na piroshki yokeje igishushe (piroshki ni igicumbe co mu Burusiya bashiramwo amashu n’ibiraya). Maze duca twipompa neza umuti wirukana inyondwe, tugapompa rwose n’impuzu zacu be n’ibirato vyacu kubera yuko muri ako karere indwara yitwa encéphalite iterwa n’inyondwe igwiriyeyo cane.

Duca mw’ibarabara rigenda rirakata amakorosi mu misozi iryoheye ijisho bimwe utoraba. Akayaga kari aho ntiwokwumva ingene kamota cane kubera ibimera vyitwa jasmin n’ivyitwa lilas. Turumva agatege kiyongereye! Turaryoherwa cane no kubona ubusho bw’impongo zo muri Siberiya ziriko zirarisha ata co zinona. Ibigwati vy’Abanyalutayi bigizwe n’amazu y’imbaho yegeranye asakajwe amabati. Menshi muri ayo mazu usanga iruhande yayo hari izindi nzu zitwa ayyl zikunze kuba zifise imfuruka zitandatu, zisakaye nk’umubirikira wubitse. Zimwezimwe zimeze nk’amahema ameze nk’umubirikira wubitse usakajwe n’ibishishwa vy’ibiti. Imiryango myinshi y’Abanyalutayi iba muri izo nzu kuva muri Rusama gushika muri Nyakanga, kuva muri Nyakanga gushika muri Rusama na ho ikaba mu nzu nkuru.

Ivyabona vya Yehova bo muri nya kigwati baratwakirana igishika bagaca batujana aho umugabo n’umugore b’Abanyalutayi batumva baba. Bararyoherwa batubonye bagaca bipfuza kumenya iyo tuva n’ikitugenza. Turahava tukabona ko bafise orodinateri; tugize ngo turasokorora akadisiki ka DVD, baca badusaba bashimitse ngo tugashire muri nya orodinateri barabe ibirimwo. Haca haba agacerere ukamengo si ho turi. Bagumiza amaso kuri ya orodinateri bakaja baracishamwo basubiramwo ibimenyetso babonye, bakomanga umutwe bikugura. Ntibitworohera kubumvisha ko twohagarika iyo DVD tukayisubiza ku mashusho yo mu ntango yerekana Iparadizo y’akaroruhore kw’isi. Turahagarara kw’ishusho imwe tukaganira ivyo Imana izokorera abantu n’abazoba muri iyo Paradizo abo ari bo. Turaremeshwa n’ukuntu bashimishijwe n’ico kiyago, maze tugira tugende bakatubwira ko hari uwundi mugabo n’umugore batumva baba mu kindi kigwati kiri ku rugendo rw’amasaha makeyi uvuye ng’aho.

Turasubira gufata urugendo tugaca mu nzira y’urubuyebuye itangaje yimburuye mu misozi, tugaca tujana ibarabara rinyororomba buyoka tugashika mu kigwati gitoyi ugereranije n’ico tuvuyemwo. Turahasanga umuryango w’abatumva ugizwe n’umugabo, umugore, nyina w’uwo mugore n’agahungu kabo, bagahimbarwa no kuronka abashitsi batari biteze. Turinjira mu karyango gatoyi cane k’inzu yabo yo muri bwa bwoko bwitwa ayyl imota neza kubera akamoto k’imbaho be n’amata y’amatererwa. Ku gisenge cayo kimeze nk’umubirikira wubitse hari igitoboro gicamwo umuco. Mu mfuruka imwe uhabona ifuru be n’iziko bisize ishwagara, ku mpome na ho hapfutswe n’ibitambara vy’ubwoya bitukura bihimbaye. Uwo mugabo n’umugore baratuzimana icibo c’Abanyalutayi kigizwe n’ibitumbura n’icayi mu dusahani dupfukuye tw’Abanyaziya. Turababaza ko boba bamaze kwibaza nimba bishoboka ko umuntu aba umugenzi w’Imana. Barazirikana kuri ico kibazo, nyina wa nya mugore agaca atubwira ko akiri umwana yigeze kujana ahantu hamwe mu misozi imfungurwa zo guterekera ibimana. Aca aduza ibitugu akavuga amwenyura ati: “Ariko ico ivyo vyasobanura, ntumbaze. Wari umugenzo wacu.”

Turabereka DVD ivuga ivy’ico kibazo, tugaca tubona mu maso habo hakeye. Baripfuza cane ko n’ikindi gihe twobandanya ico kiyago, ariko gute? Naho kenshi ubutumwa bwanditse bwo kuri telefone budufasha kuvugana n’abatumva, nta antene n’imwe y’amatelefone ngendanwa irangwa muri ako karere. Duca tubasezeranira ko tuzoza turandikiranira amakete.

Izuba ritanguye kurenga turabasezera n’igishika tugaca dufata rya barabara rirerire dusubira i Gorno-Altaïsk, turushe ariko twumva ko twaryimaze. Haciye igihe turabaza Ivyabona vya Yehova baho amakuru y’uwo muryango maze bakatubwira yuko rimwe mu ndwi zibiri wa mugabo afata urugendo akaja mu gisagara kinini aho yiga Bibiliya akongera akitaba amakoraniro afashijwe na mushiki wacu wo muri ico gisagara azi ururimi rw’ibimenyetso. Ntiworaba ukuntu turyoherwa kubona utwigoro twacu tutapfuye ubusa!

Ico gikorwa cacu co kurondera abantu batumva b’umutima nziraburyarya twokigereranya no kurondera ubutunzi bunyegejwe kure mu misozi. Tumaze amasaha n’amasaha turondera, turaheza tukubuka ku kabuye k’agaciro kari ukwa konyene. Tuzokwama tubona ko imisozi ya Alutayi ari imisozi y’inzahabu, itwibutsa abantu b’inziraburyarya twahuriye hagati y’amasonga yayo ataringaniye.