Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Niwiyegereze Imana

“Ivya kera ntibizokwibukwa”

“Ivya kera ntibizokwibukwa”

IVYO umuntu yibuka birashobora kuba isôko ry’umunezero. Kwibuka ibihe vyiza twamaranye n’abacu birashobora gutuma twumva duhimbawe. Ariko hari igihe ivyo umuntu yibuka vyosa n’uko ari isôko ry’umubabaro. Woba ubuzwa amahoro n’ibintu bibabaje wibuka vyabaye muri kahise? Nimba ari ukwo biri, hari aho wokwibaza uti: ‘Vyoba bizokwigera bimva mu bwenge?’ Inyishu ihumuriza cane y’ico kibazo turayisanga mu majambo yanditswe n’umuhanuzi Yesaya.​—Soma Yesaya 65:17.

Yehova afise umugambi wo kurandura ibintu bibabaje twibuka ahereye ku muzi wavyo. Uti gute? Mu gukuraho iyi si mbi n’imibabaro yose iri kuri yo akayisubiriza ibintu vyiza kuruta. Yehova abicishije ku muhanuzi Yesaya, asezerana ibi: “Ehe ndiko ndema amajuru mashasha n’isi nshasha.” Gutahura ivyo bintu adusezeranira birashobora gutuma tugira icizigiro mu mitima yacu.

Ayo majuru mashasha ni iki? Bibiliya iravuga ibintu bibiri bishobora kudufasha kumenya ico asobanura. Ubwa mbere, ivy’amajuru mashasha biravugwa n’abandi banditsi babiri ba Bibiliya, kandi bompi ayo majambo bayasanisha n’amahinduka akomeye azoba kuri iyi si. (2 Petero 3:13; Ivyahishuwe 21:1-4) Ubwa kabiri, muri Bibiliya ijambo “amajuru” rishobora gusobanura ubutegetsi, canke intwaro. (Yesaya 14:4, 12; Daniyeli 4:25, 26) Amajuru mashasha rero ni intwaro nshasha ishoboye gutuma kw’isi harangwa ubugororotsi. Nta bundi butegetsi bwobishikako atari Ubwami bw’Imana, ya ntwaro yo mw’ijuru Yezu yatwigisha gusenga dusaba. Ubwo Bwami buzotuma ivyo Imana igomba bigororotse bikorwa kw’isi.​—Matayo 6:9, 10.

Isi nshasha yoyo ni iki? Rimbura ibintu bibiri Bibiliya yerekana bishobora kudufasha kumenya ico isobanura. Ubwa mbere, hari igihe Bibiliya ikoresha ijambo “isi” idashaka kuvuga uyu mubumbe tubako, ahubwo ishaka kuvuga abantu bawubako. (Itanguriro 11:1; Zaburi 96:1) Ubwa kabiri, Bibiliya yari yaravuze ko ku ntwaro y’Imana abantu b’abizigirwa bokwize ubugororotsi, bugakwira isi yose. (Yesaya 26:9) Isi nshasha rero ni ikibano c’abantu bazoba bayobokera ubutegetsi bw’Imana kandi bakabaho bisunga ingingo ngenderwako zigororotse zayo.

Woba utanguye gutahura ukuntu Yehova azorandura ibintu bibabaje twibuka ahereye ku muzi wavyo? Vuba Yehova agiye gushitsa mu buryo bwuzuye umuhango yatanze w’amajuru mashasha n’isi nshasha, atume haba isi nshasha igororotse. * Muri iyo si nshasha, imibabaro yo ku mubiri, iyo mu mutima canke iyindi, yo nkomoko y’ibintu bibabaje twibuka, izoba yarakuweho. Abantu b’abizigirwa bazohimbarirwa ubuzima bimwe bishitse, banezerwe no kwibuka ibintu biteye umunezero bazogenda baribonera ku musi ku musi.

Ariko tuvuge iki ku mubabaro woba utuma tudundumirwa ku mutima muri iki gihe? Biciye kuri Yesaya, Yehova abandanya asezerana ati: “Ivya kera ntibizokwibukwa, eka mbere ntibizoza mu mutima.” Umubabaro uwo ari wo wose ushobora kuba waradushikiye muri iyi si ishaje uzogenda uratuvamwo bukebuke. Ico cizigiro coba kigushimisha? Nimba kigushimisha, ubona gute urondeye kumenya ukuntu worushiriza kwiyegereza iyo Mana idusezeranira ako kazoza keza utoraba?

Aho turemeshejwe gusoma muri Ntwarante:

Yesaya 63-66Yeremiya 1-16

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 5 Ushaka ayandi makuru ku vyerekeye Ubwami bw’Imana be n’ico bugiye gukora, raba ikigabane ca 3, ica 8, n’ica 9 mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 19]

Yehova afise umugambi wo kurandura ibintu bibabaje twibuka ahereye ku muzi wavyo