Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Iyi nkuru nziza y’ubwami izokwamamazwa”

“Iyi nkuru nziza y’ubwami izokwamamazwa”

“Iyi nkuru nziza y’ubwami izokwamamazwa”

“Iyi nkuru nziza y’ubwami izokwamamazwa mw’isi yose ngo bibe intahe ku mahanga yose; maze iherezo rizoca riza.”​—MATAYO 24:14.

Ivyo bisobanura iki? Wa mwanditsi w’Injili Luka yavuze ku bijanye na Yezu ati: “Agendagenda ava mu gisagara aja mu kindi, ava mu kigwati aja mu kindi, yamamaza yongera amenyesha inkuru nziza y’ubwami bw’Imana.” (Luka 8:1) Yezu ubwiwe yavuze ati: “Ntegerezwa kumenyesha n’ibindi bisagara inkuru nziza y’ubwami bw’Imana, kubera ko ico ari co natumwe.” (Luka 4:43) Yararungitse abigishwa biwe kwamamaza inkuru nziza mu bisagara no mu bigwati, mu nyuma na ho abategeka ati: “Muzombera ivyabona . . . gushika mu karere ka kure rwose k’isi.”​—Ivyakozwe 1:8; Luka 10:1.

Abakirisu bo mu ntango boba barabishitsa? Abigishwa ba Yezu ntibatevye gukora ivyo yababwiye. Inkuru ivuga iti: “Imisi yose mu rusengero n’inzu ku nzu, babandanya kwigisha no kumenyesha inkuru nziza yerekeye Kristu . . . badatezura.” (Ivyakozwe 5:42) Ico gikorwa nticakorwa n’abantu bakomakomeye gusa bo mw’ishengero. Umutohozakahise Neander yavuze yuko “Celse, umwanditsi wa mbere yanditse arwanya ubukirisu, yanebaguye ukuntu abahingura ubwoya bw’ibikoko, abashonyi b’ibirato, abahinguzi b’insato, abantu batize na gato kandi basanzwe, bari abamamaji b’injili b’abanyamwete.” Uwitwa Jean Bernardi, mu gitabu ciwe Ibinjana vya mbere vy’ishengero (mu gifaransa), yanditse ati: “[Abakirisu] babwirizwa kugenda bakavuga [inkuru nziza] hose kandi bakabwira bose. Mu mayira no mu bisagara, mu bibanza vya bose no mu mihana. Babakira canke batabakira. . . . Gushika ku mpera y’isi.”

Ni bande babishitsa muri iki gihe? Umupatiri w’umwangilikani yitwa David Watson yanditse ati: “Kuba idini ritafatanye uburemere igikorwa co kwamamaza no kwigisha ni imwe mu mvo zituma abenshi batitaho Imana muri iki gihe.” Uwitwa José Luis Pérez Guadalupe, mu gitabu ciwe Kubera iki abagatolika bariko baraheba idini? (mu congereza) yaranditse ibijanye n’ibikorwa birangurwa n’abevanjelike, abaventisi, n’abandi, avuga yuko “batamamaza inzu ku nzu.” Ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova yanditse ati: “Bamamaza inzu ku nzu mu buryo buri ku rutonde.”

Muri raporo imwe (Cato Supreme Court Review, 2001-2002) turahasanga aya majambo ashimishije kandi y’ukuri yavuzwe na Jonathan Turley agira ati: “Uvuze Ivyabona vya Yehova, abantu benshi baca babona abavugabutumwa batugendera i muhira mu masaha atatworohereza. Ivyabona vya Yehova babona ko kuvuga ubutumwa inzu ku nzu batabigira gusa kugira bakwiragize ukwizera kwabo, ariko kandi ko biri mu bigize ukwizera kwabo.”

[Uruzitiro ku rup. 9]

Ubona ari bande babishitsa?

Muri ibi biganiro, twaciye irya n’ino ibintu bivugwa mw’Ijambo ry’Imana biranga abakirisu b’ukuri. None wewe ubona ari bande babishitsa? Naho hari amadini ibihumbi mirongo avuga ko ari aya gikirisu, niwibuke ko Yezu yabwiye abayoboke biwe ati: “Si umuntu wese ambwira ngo: ‘Mukama, Mukama’ azokwinjira mu bwami bwo mw’ijuru, atari uwukora ukugomba kwa Dawe ari mw’ijuru.” (Matayo 7:21) Kumenya abakora ukugomba kwa Data wa twese, ari na bo bashitsa ibiranga abakirisu b’ukuri, ukongera ukifatanya na bo birashobora gutuma uronka imihezagiro y’ibihe bidahera ku ntwaro y’Ubwami bw’Imana. Tukuremesheje kubaza Ivyabona vya Yehova bakuzaniye iki kinyamakuru, bakubwire vyinshi ku bijanye n’Ubwami bw’Imana be n’imihezagiro buzozana.​—Luka 4:43.