Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

‘Mugiriranire urukundo hagati yanyu’

‘Mugiriranire urukundo hagati yanyu’

‘Mugiriranire urukundo hagati yanyu’

“Ndabahaye ibwirizwa rishasha: mukundane. Nk’uko nabakunze, abe ari ko namwe mukundana. Iki ni co bose bazomenyerako yuko muri abigishwa banje: nimwagiriranira urukundo hagati yanyu.”​—YOHANI 13:34, 35.

Ivyo bisobanura iki? Kristu yabwiye abayoboke biwe ngo bakundane nk’uko yabakunze. None Yezu yabakunze gute? Urukundo rwiwe rwararengera ukwinubana gushingiye ku bwenegihugu no ku gitsina kwari kwiraye mu gihe ciwe. (Yohani 4:7-10) Urukundo rwaratumye yemera gutanga umwanya wiwe n’inguvu ziwe no guheba ivyo kubaho yorohewe kugira afashe abandi. (Mariko 6:30-34) Amaherezo Kristu yaragaragaje urukundo mu buryo buhambaye kuruta ubundi bwose. Yavuze ati: “Ni jewe mwungere w’agahebuza; umwungere w’agahebuza arigura intama.”​—Yohani 10:11.

Abakirisu bo mu ntango boba barabishitsa? Mu bakirisu bo mu kinjana ca mbere, umwe wese yita mugenziwe “mwene wacu” canke “mushiki wacu.” (Filemoni 1, 2) Baraha ikaze mw’ishengero rya gikirisu abantu bo mu mahanga yose, kuko bemera yuko “ata tandukaniro ririho hagati y’Umuyuda n’Umugiriki, kuko hari Umukama umwe kuri bose.” (Abaroma 10:11, 12) Inyuma ya Pentekoti yo mu 33 G.C. (G.C. bisobanura “mu Gihe Cacu”), abigishwa b’i Yeruzalemu “baragurisha amatongo yabo n’ivyo batunze, bakagaburira bose ibivuyemwo, nk’uko umuntu wese yaba akeneye.” Kubera iki? Kugira ngo abari baherutse kubatizwa bagume i Yeruzalemu, babandanye “kwihebera inyigisho y’intumwa.” (Ivyakozwe 2:41-45) None ivyo babitumwa n’iki? Haciye imyaka idashika 200 inyuma y’urupfu rw’intumwa, Terituliyano yarasubiyemwo amajambo abandi bantu bavuze ku bakirisu, ati: “Ese ingene bakundana . . . n’ingene umwe wese yiteguriye gupfira mugenziwe!”

Ni bande babishitsa muri iki gihe? Igitabu kimwe casohowe mu 1837 (The History of the Decline and Fall of the Roman Empire) cavuze yuko mu binjana n’ibindi abavuga yuko ari abakirisu “bagiye barakoreranira amabi atagira izina akomeye kuruta ayo bari barakorewe n’abatemera b’abanyeshaka.” Itohoza rimwe riheruka kugirwa muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika ryerekanye yuko abanyamadini batari bake, benshi muri bo bakaba ari abiyita abakirisu, binuba abo badasangiye ibara ry’urukoba. Abanyedini bo mu gihugu kimwe akenshi usanga ata co bahuriyeko n’abo basangiye idini bo mu kindi gihugu, ivyo bigatuma batipfuza canke badashobora gufashanya igihe bikenewe.

Mu 2004, inyuma y’ibivumbuzi bine vyateye muri Floride vyikurikiranya mu mezi abiri, umuhagarikizi wa Komite ijejwe gutabara abashikiwe n’ivyago yo muri Floride yarasuzumye ko imfashanyo zoba zariko zirakoreshwa neza. Yavuze ko ata rindi dini ryari ritunganijwe neza nk’Ivyabona vya Yehova, aca asezeranira Ivyabona kubaronsa ivyo bakeneye vyose. Imbere y’aho, mu 1997, umugwi ujejwe gutabara w’Ivyabona vya Yehova warafashe urugendo uja muri Repubulika iharanira demokarasi ya Kongo, ugenda ujanye imiti, ibifungurwa n’ivyambarwa kugira bafashe bene wabo basangiye ugusenga be n’abandi bari bakeneye gufashwa. Ivyabona bagenzi babo bo mu Buraya bari batanze imfashanyo ziciye umuliyoni w’amadolari y’amanyamerika (ni ukuvuga amarundi arenga umuliyaridi).