Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

‘Nimugume mw’ijambo ryanje’

‘Nimugume mw’ijambo ryanje’

‘Nimugume mw’ijambo ryanje’

“Nimwaguma mw’ijambo ryanje, muri abigishwa banje vy’ukuri, kandi muzomenya ukuri, kandi ukuri kuzobagira abidegemvya.”​—YOHANI 8:31, 32.

Ivyo bisobanura iki? Iryo “jambo” rya Yezu ni inyigisho yigishije, zino akaba yazikuye ku wumuruta. Yezu yavuze ati: “Data ubwiwe yandungitse ni we yampaye ibwirizwa ry’ivyo ntegerezwa kumenyesha n’ivyo ntegerezwa kuvuga.” (Yohani 12:49) Igihe yariko arasenga Se wiwe wo mw’ijuru Yehova Imana, yavuze ati: “Ijambo ryawe ni ukuri.” Yezu yarakunda gusubiramwo ibivugwa mw’Ijambo ry’Imana igihe yaba ariko arigisha. (Yohani 17:17; Matayo 4:4, 7, 10) Abakirisu b’ukuri rero ‘baguma mw’ijambo ryiwe,’ ivyo bikaba bisobanura ko bemera Ijambo ry’Imana, Bibiliya, bakabona ko ari “ukuri” be n’uko ari co kintu nyamukuru bisunga mu vyo bemera no mu vyo bakora.

Abakirisu bo mu ntango boba barabishitsa? Intumwa Paulo, ari na we mukirisu yanditse ibitabu vyinshi vyo muri Bibiliya kuruta abandi, yarubaha Ijambo ry’Imana nka Yezu. Yanditse ati: “Icanditswe cose cahumetswe n’Imana kandi ni ngirakamaro.” (2 Timoteyo 3:16) Mu bakirisu bo mu ntango, abagabo bagenwa kugira bigishe abakirisu bagenzi babo babwirizwa “kwumira kw’Ijambo ry’Imana ry’ukuri kandi ryo kwizigirwa.” (Tito 1:7, 9, The Amplified Bible) Abakirisu bo mu ntango baremeshejwe kwamirira kure “filozofiya [n’]uruhendo rugaragara bishingiye ku migenzo y’abantu, bishingiye ku bintu vy’intango vyo mw’isi, bidashingiye kuri Kristu.”​—Abakolosayi 2:8.

Ni bande babishitsa muri iki gihe? Ibwirizwa-shingiro rya Vatikano rigenga inyigisho za Ekeleziya (Dogmatic Constitution on Divine Revelation) ryemejwe mu 1965 rigashirwa no mw’Ikatikisimu ya Ekeleziya Gatolika, rivuga riti: “Ivyanditswe Vyeranda si vyo vyonyene bikura amazinda Ekeleziya [Gatolika] ku bijanye n’ikintu cose cahishuwe. Ku bw’ivyo, imigenzo myeranda n’Ivyanditswe Vyeranda bikwiye vyompi kwemerwa no kwubahwa cane, umuntu akabona ko ari ivyo gukurikizwa rwose no gusonerwa rwose ku rugero rumwe.” Ikiganiro co mu kinyamakuru kimwe (Maclean’s) carasubiyemwo amajambo y’umumenyeshamana w’i Toronto muri Kanada, uwabajije ati: “Kubera iki dukeneye kuyoborwa n’ivyo uwitwa ngo ni imboneza haciye imyaka ibihumbi bibiri avuze? Turifitiye ivyiyumviro vyacu bwite vyiza utoraba vyama bitakaza inguvu kubera tubwirizwa kubihuza na Yezu be n’Ivyanditswe.”

Ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova, igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi ca Gatolika (New Catholic Encyclopedia) kivuga giti: “Babona ko Bibiliya ari yo yonyene bakwiye kwisunga ku bijanye n’ivyo bemera be n’ukuntu bigenza.” Mu misi iheze, igihe Icabona ca Yehova yariko yidondora umugabo umwe wo muri Kanada, uwo mugabo yaramuciriye mw’ijambo maze amubwira atunga urutoki Bibiliya y’ico Cabona ati: “Ndazi uwo uri we, mfatiye kuri ico kintu kibaranga.”