Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

‘Si ab’isi’

‘Si ab’isi’

‘Si ab’isi’

“Isi yarabanse, kubera ko atari ab’isi.”​—YOHANI 17:14.

Ivyo bisobanura iki? Kubera ko Yezu atari uw’isi, nta ho yahengamira mu matati yo mu kibano canke y’ivya politike yo mu gihe ciwe. Yasiguye ati: “Iyo ubwami bwanje buba ari ubwo muri iyi si, abasuku banje bari kurwana ngo sinshikirizwe Abayuda. Ariko noneho, ubwami bwanje ntibukomoka ino.” (Yohani 18:36) Yararemesheje kandi abayoboke biwe kwamirira kure udutima, imvugo n’inyifato Ijambo ry’Imana ryiyamiriza.​—Matayo 20:25-27.

Abakirisu bo mu ntango boba barabishitsa? Umwanditsi umwe w’ivy’idini yitwa Jonathan Dymond yavuze yuko abakirisu bo mu ntango “ban[ka] kwisuka mu [ntambara], naho ivyo vyari gutuma bashikirwa n’ibintu bimeze gute, kwaba ari ugusigwa iceyi, ugupfungwa canke ukwicwa.” Bahitamwo kugirirwa nabi aho guhemuka ngo bagire aho bahengamiye. Amategeko agenga inyifato runtu bisunga na yo nyene yatuma baba abatandukanye n’abandi bantu. Abakirisu babwiwe bati: “Kubera ko mutabandanya kwiruka hamwe na bo muri iyo nzira muja mu rushanga rumwe rw’ubuhumbu, barazazanirwa bakabandanya kubatuka.” (1 Petero 4:4) Ku bijanye n’abakirisu, umutohozakahise Will Durant yanditse ati: “Kubera ko bayobokera Imana kandi bakigenza rupfasoni, baradugarika imitima y’abapagani bahurumbira ukwinezereza.”

Ni bande babishitsa muri iki gihe? Ku bijanye n’uko abakirisu batagira aho bahengamiye, igitabu c’inkoranyabumenyi c’abagatolika (New Catholic Encyclopedia) cemeza giti: “Nta mvo n’imwe yotuma [umukirisu] adafata ibirwanisho ngo ni kubera ijwi ryiwe ryo mutima.” Ikiganiro co mu kinyamakuru kimwe (Reformierte Presse) kivuga yuko raporo ishirahamwe rimwe riharanira agateka ka zina muntu (African Rights) ryasohoye ku bijanye na rya honyabwoko ryaba mu Rwanda mu 1994 yerekanye neza yuko amadini yose yagize uruhara muri iryo honyabwoko “kiretse Ivyabona vya Yehova.”

Ku bijanye na rya Honyabwoko ryagirwa n’Abanazi, umwigisha umwe wo kw’ishure ryisumbuye yaraseruye akababaro afise kubona “ata mugwi n’umwe canke ishirahamwe na rimwe vy’abanyagihugu basanzwe vyateye ivyatsi ibinyoma bitagira uko bingana [vyavuzwe], ubunyamaswa [bwagizwe] be n’amabi y’agahomerabunwa yahavuye akorwa.” Aho amariye kugendera Ubushinguro bw’utwa kera bwo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika bw’ivya rya Honyabwoko ryagirwa n’Abanazi, yanditse ati: “Nararonse inyishu.” Yaramenye ko Ivyabona vya Yehova batigeze badohoka ku vyo bemera naho bakorewe amabi.

Tuvuge iki ku bijanye n’inyifato runtu igenga abakirisu? Ikinyamakuru kimwe c’abagatolika (U.S. Catholic) kivuga giti: “Benshi mu rwaruka rugeze mu bigero rwo muri Gatolika ntibemera inyigisho Ekeleziya yigisha ku bijanye n’ukubana kw’abatubakanye [n’] uguhuza ibitsina imbere y’ukwabirana.” Ico kinyamakuru kirasubiramwo amajambo umudiyakoni wo muri Ekeleziya yavuze ati: “Igice kinini c’abo mbona, ngirango nk’abarenga ibice 50 kw’ijana, bubakana bari basanzwe babana.” Igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (The New Encyclopædia Britannica) kivuga yuko Ivyabona vya Yehova “bashimika ku kubaho umuntu yisunga amategeko agenga inyifato runtu ari hejuru.”