Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ubupfumu hari ico butwaye?

Ubupfumu hari ico butwaye?

Ubupfumu hari ico butwaye?

Kuva Barbara * akiri muto, yarabonekerwa, akumva amajwi, kandi yabona neza ko avugana n’incuti ziwe zapfuye. We n’umugabo wiwe Joachim bari abasomyi b’ibitabu bivuga ivy’ubupfumu, kandi bari basigaye barakanongoreye mu vyo gusoma amakarata yo kuragurirako. Ayo makarata yaraberetse ko boronse amahera menshi, kandi koko barayaronse biciye ku rudandazwa. Umusi umwe, ayo makarata yarababuriye ko abantu bateye akaga bobagendeye i muhira yongera ababwira ukuntu bokwirwanira.

NAHO ivy’ubupfumu womengo ni ikintu cataye igihe, mu mihingo myinshi y’isi abantu bararondera kumenya ibintu bisiga ubwenge. Hirya no hino kw’isi abantu usanga bambara ibiheko, bagakoresha utubaho two kuragurirako bita oui-ja, bakongera bakitura abapfumu ngo bababwire kazoza kabo canke ngo babakingire ivyobagirira nabi. Ikinyamakuru kimwe co mu Budagi (Focus), mu kiganiro caco kivuga ngo “Orodinateri ngendanwa na Lusiferi,” cavuze giti: “Ubuhinga bwa Internet buriko burateza imbere ubupfumu.”

Wari uzi ko hari ico Bibiliya ivuga ku bupfumu? Hari aho wosanga ivyo ivuga bigutangaje.

Ico Bibiliya ivuga ku bupfumu

Itegeko Imana yahaye abasavyi bayo muri Isirayeli ya kera ryavuga riti: “Muri wewe ntihaze haboneke . . . uwuragura, umunyamageza canke umuntu arondera ibimenyetso bitara ibizoba canke umupfumu, canke uwuzirikisha abandi ubupfumu canke umuntu ahanuza uwuvugana n’ibiremwa vy’impwemu canke uwagize umwuga ukubura ibizoba canke umuntu asiguza abapfuye. Kuko uwukora ivyo bintu wese ari ikintu giteye ishishi kuri Yehova.” (Gusubira mu vyagezwe 18:10-12) Kubera iki iryo tegeko ryiyamiriza ukuraho ivy’ubupfumu?

Nk’uko irya nkuru yo mu ntango ivyerekana, abantu benshi baremera ko bashobora kuvugana n’abapfuye be n’uko amakuru baronka biciye ku vy’ubupfumu aba avuye ku bapfuye. Ivyo vyiyumviro bishingiye ku nyigisho yigishwa n’amadini menshi yuko abapfuye babandaniriza ubuzima mu karere k’impwemu. Ariko igihushanye n’ivyo, Bibiliya ivuga itomora iti: “Abapfuye, nta co bazi namba.” (Umusiguzi 9:5) Yerekana ko abapfuye ari nk’aho bari mw’itiro rinini, batazi na gato ibiriko biraba hirya no hino yabo. * (Matayo 9:18, 24; Yohani 11:11-14) Hari aho woca rero ubaza uti: None wosigura gute ibintu bisiga ubwenge bishikira abantu? Ni bande vy’ukuri bavugana n’abo bantu?

Kuvugana n’ibiremwa vy’impwemu

Inkuru zo mu Njili zirerekana ko igihe Yezu yari kw’isi, yavuganye n’ibiremwa vy’impwemu. Muri Mariko 1:23, 24 havuga yuko “impwemu ihumanye” yabwiye Yezu iti: “Ndazi neza uwo uri we.” Nta gukeka ko ibiremwa vy’impwemu bizi uwo nawe uri. Ariko none, woba nawe uzi ivyo biremwa?

Imbere y’uko Imana irema abantu, yararemye amasinzi y’abana bayo b’impwemu, ari bo bamarayika. (Yobu 38:4-7) Abamarayika ni ibinyabuzima birengeye abantu. (Abaheburayo 2:6, 7) Barafise ububasha n’ubwenge buhanitse, kandi baremwe ngo bakore ivyo Imana igomba. Umwanditsi w’amazaburi yaririmvye ati: “Hezagire Yehova, yemwe bamarayika biwe, mukomeye mu bubasha, mushitsa ijambo ryiwe.”​—Zaburi 103:20.

Bibiliya yerekana yuko bamwe mu bamarayika bahavuye batangura kuvugana n’abantu mu buryo Imana idashima. Bari bafise intumbero iyihe? Uwatanguye kubigira yakoresheje ikinyoma kugira atume ba bantu ba mbere Adamu na Eva bava ku Mana yabo ikaba n’Umuremyi wabo. Ivyo vyatumye acika Shetani Umubesheranyi, uwubeshera Imana akongera akayirwanya.​—Itanguriro 3:1-6.

Mu nyuma, abandi bamarayika “[barataye] ahantu habo ho kuba hababereye” mw’ijuru biyambika imibiri y’abantu, maze batangura kubana n’abagore bezabeza kw’isi. (Yuda 6; Itanguriro 6:1, 2) Abo bamarayika bataye umurongo be n’abana babo b’imvange baratera ubwoba abantu ku buryo isi yahavuye “yuzura ubukazi.” Ushobora kuba uzi inkuru yo muri Bibiliya ivuga ukuntu Imana yaranduye iryo yaruka ry’inkazi kandi ry’iribisha ikoresheje rya Segenya ryo mu gihe ca Nowa.​—Itanguriro 6:3, 4, 11-13.

Iryo Segenya ryatumye biba ngombwa ko ivyo biremwa vy’impwemu vyiyambura imibiri y’abantu bikisubirira mu karere k’impwemu. Ariko Umuremyi ntiyabikundiye gusubira “ahantu ha[vyo] ho kuba” ha mbere. Ahubwo riho, vyagumijwe mu “vyobo vy’umwiza w’umuzitanya” bigereranya ugucishwa bugufi. (2 Petero 2:4, 5) Abo bamarayika b’abagarariji Bibiliya ibita “amadayimoni.” (Yakobo 2:19) Ni bo nguvu yihishije inyuma y’ubupfumu.

Ico amadayimoni arondera

Intumbero ya mbere ituma ibiremwa vy’impwemu vy’ibibisha bikorana n’abantu ni ukubatesha gusenga Imana y’ukuri Yehova. Ingabirano canke ububasha abantu bakora ivy’ubupfumu bavuga ko bafise ni uburyo gusa bwo gusamaza abantu kugira ntibaronke ubumenyi bwerekeye Imana no kugira ngo ntibagiranire ubucuti na yo.

Intumbero igira kabiri y’amadayimoni tuyibonera mu vyo umukuru wayo Shetani yagerageje kwosha Yezu ngo akore. Shetani yemereye Yezu “ubwami bwose bw’isi be n’ubwiza bwabwo.” None Shetani yashaka ko Yezu na we akora iki kugira abimuhe? Yabwiye Yezu ngo ‘yikubite hasi amusenge.’ Urabona rero ko Shetani n’amadayimoni bipfuza gusengwa. Ariko Yezu yaramiriye kure iciyumviro co guheba Imana n’ugusenga kw’ukuri.​—Matayo 4:8-10.

Muri iki gihe, ni gake ibiremwa vy’impwemu vy’ibibisha bivugana n’abantu gutyo imbonankubone. Ahubwo nyabuna birondera guta mu mutego abantu ata co binona bikoresheje uburyo bwo kwisamaza womengo nta co butwaye, nk’imburungu zibonerana (boule de cristal), ivy’ukuragura barabiye ku turongorongo two mu kiganza, amakarata yo kuragurirako, utuntu bazungazungisha mu kugota (pendules), n’ibicapo baragurirako bafatiye ku nyenyeri (horoscopes). Ntugahendwe n’ayo mayeri! Si uburyo busanzwe gusa bwo kumenya ibintu bisiga ubwenge. Ibiremwa vy’impwemu vy’ibibisha birafatira ku kuntu abantu barondera cane kumenya ibintu nsigabwenge kugira bikwegakwege abantu maze bibate mu mutego bifise intumbero yo kubatesha gusenga Yehova. Igihe ivyo biremwa vy’impwemu vy’ibibisha bidashitse ku ntumbero yavyo, akenshi bica biturubika abafashwe mu mutego wavyo bakahabonera. Nimba ivyo vyaragushikiye, wokora iki ngo uvyiganzure?

Ingene wokwigobotora ubupfumu

Ntiwihende: ibiremwa vy’impwemu bivugana n’abantu ni abansi b’Imana bazorandurwa ata gisivya. (Yuda 6) Ni abangushi n’ababeshi bigira abantu bapfuye. Wokwiyumva gute hamwe womenya yuko uwitwa ngo ni umugenzi wawe ari umwangushi arondera gusa kugutesha ivyokubera vyiza? Wovyifatamwo gute hamwe wosanga wahora ucudika utabizi biciye kuri Internet n’umuntu arondera kuguhumbisha? Kugwa mu mutego wo gucudika n’amadayimoni vyo ntibiteye akaga ngo bisigaze. Urakeneye kugira uko ushoboye kwose ngo uvavanure na yo. Wokora iki none?

Aho bamwebamwe mu baba i Efeso ha kera bamariye kumenya ico Ijambo ry’Imana rivuga ku bupfumu, baciye batahura ko bakwiye guturira ibitabu vyabo vy’amageza naho vyari bizimvye cane. Baciye “babituririra imbere ya bose.” (Ivyakozwe 19:19, 20) Muri iki gihe, ibitabu, ibiheko, twa tubaho two kuragurirako bita oui-ja be n’ibindi mwene ivyo si vyo vyonyene bikoreshwa mu vy’ubupfumu; harakoreshwa kandi ivyo mu buhinga bwa none bwa elegitoronike. Nuce kure ikintu cose gisa n’icokujana mu vy’ubupfumu.

Ibuka wa mugabo n’umugore bavugwa mu ntango z’iki kiganiro. Barabiye kuri ya makarata yabo yo kuragurirako, bashitse ku ciyumviro c’uko hari abantu bateye akaga bobagendeye i muhira mugabo ko batari bakwiye kubumviriza canke ngo bemere ikintu na kimwe babahaye. Ariko rero, igihe Ivyabona vya Yehova babiri Connie na Gudrun bashika ku muhana wabo bakababwira ko babazaniye inkuru nziza yerekeye Imana, Joachim na Barbara bafashe ingingo yo kubumviriza. Barayaze barateba barashika ku vy’ubupfumu, maze Connie na Gudrun barabereka amakuru y’ukuri Ijambo ry’Imana ritanga ku bijanye n’ubupfumu. Kuva ubwo baciye baza barayaga ivya Bibiliya.

Joachim na Barbara ntibatevye gufata ingingo yo kuvavanura n’amadayimoni. Ivyo Vyabona barabasiguriye yuko hari aho ivyo biremwa vy’impwemu bitoshima iyo ngingo. Nkako, Joachim na Barbara baraciye mu bihe bitoroshe, amadayimoni arabagirako ibitero biteye ubwoba. Baramaze igihe kinaka bararana ubwoba gushika aho bimukiye mu yindi nzu bakabona kuronka agahengwe. Muri ivyo bihe bitoroshe baciyemwo, bagumye bizigiye amajambo yo mu Bafilipi 4:13 agira ati: “Muri vyose, ndonka inkomezi ndabikesheje umwe ampa ububasha.” Yehova yarahezagiye ingingo ntabanduka bafashe, maze nya biremwa vy’impwemu birateba birareka kubaturubika. Ubu Joachim na Barbara ni abasavyi ba Yehova Imana y’ukuri bahimbawe.

Ijambo ry’Imana rihimiriza abipfuza guhezagirwa na Yehova bose riti: “Muyobokere Imana . . . ; mugabo murwanye Shetani, na we azobahunga. Mwiyegereze Imana, na yo izobiyegereza.” (Yakobo 4:7, 8) Ubishatse, Yehova Imana arashobora kugufasha kuvavanura n’akosho k’amadayimoni kandi azobigufashamwo. Joachim na Barbara bibutse ukuntu babohowe bakava mu bupfumu, baremeranya n’umutima wabo wose n’aya majambo yo muri Zaburi 121:2 agira ati: “Ugutabarwa kwanje kuva kuri Yehova.”

[Utujambo tw’epfo]

^ ing. 2 Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa kubera ko bitashimwe ko bamenyekana.

^ ing. 7 Ushaka kumenya ido n’ido ku kuntu abapfuye bamerewe, raba ikigabane ca 6 kivuga ngo “Abapfuye bari hehe?” mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 21]

Ivy’ubupfumu birabuza abantu kugiranira ubucuti bwiza n’Imana

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 22]

“Mwiyegereze Imana, na yo izobiyegereza.”​—YAKOBO 4:8