Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Niwigishe abana bawe

‘Yagumye yumiye kuri Yehova’

‘Yagumye yumiye kuri Yehova’

VYOBA bimaze gushika ukamadika agafoto ahantu hanaka?​ * Nimba uburembo ukoresha ari bwiza, ako gafoto gaca kaguma kumiye ku co wakamaditseko. ‘Kwumira’ ku kintu bisobanura kuguma ufashe kuri co. Tugira tuvuge ibijanye n’umuntu Bibiliya ivuga ko ‘yagumye yumiye kuri Yehova,’ Imana y’ukuri. Uwo muntu yitwa Hezekiya. Reka turabe ico twokwigira ku karorero kiwe.

Hezekiya akiri umwana, yaraciye mu bintu bibabaje. Se wiwe Ahazi, umwami wa Yuda, yararetse gukorera Yehova. Hezekiya akiri agahungu, Ahazi yari asigaye ari we aja imbere abandi mu gusenga imana z’ikinyoma. Ahazi yaranatanze n’imiburiburi umwe mu bana biwe, ni ukuvuga mwene wabo na Hezekiya, ngo yicwe ashikanirwe imana Ahazi yasenga!

Naho Ahazi yabandanije gukora ibintu bibi, Hezekiya we yagumye agamburukira Yehova. Woba wibaza ko vyamworoheye?​— Emwe, bitegerezwa kuba bitamworoheye. Ariko Hezekiya ntiyaciye aheba! Reka turabe icamufashije kuguma yumiye kuri Yehova n’ukuntu twomwigana.

Hezekiya yarize ivyerekeye abandi bari barumiye kuri Yehova. Umwe muri abo yari Dawidi. Naho hari haciye imyaka amajana n’amajana Dawidi abayeho, Hezekiya yarashobora kwiga ivyerekeye Dawidi mu Vyanditswe. Dawidi yanditse ati: “Hamwe data na mama bonta, Yehova ubwiwe yonyitorera.”

Woba ubona icafasha Dawidi kugamburukira Yehova?​— Ni ukwizera yari afise! Dawidi yari azi neza ko agumye agamburuka, Yehova yomufashije. Dawidi yaravyemera adakekeranya! Kuzirikana kuri Dawidi bitegerezwa kuba vyarafashije Hezekiya kwumira kuri Yehova mu kumugamburukira. Na wewe urashobora kwizigira udakeka ko Yehova azogufasha niwaguma umwumiyeko mu kumugamburukira.

Ariko wobigenza gute hamwe so wawe canke nyoko wawe yoba adasenga Yehova?​— Imana isaba abana kugamburukira abavyeyi babo. Nawe rero ukwiye kugamburukira abavyeyi bawe. Ariko rero, abavyeyi baramutse bakubwiye ngo ukore ikintu Imana ivuga ko udakwiye gukora, wobasigurira igituma udashobora kugikora. Ntukwiye kubesha, kwiba, canke gukora ikindi kintu na kimwe Imana ivuga ko ari kibi, naho uwukubwiye kugikora yoba ari nde. Kugamburukira Imana ni vyo vyiza!

Hari uburorero bwiza dushobora kwigana. Hezekiya ntiyari afise akarorero ka Dawidi gusa; yari afise n’aka sekuru Yotamu. Naho Yotamu yapfuye Hezekiya ataravuka, Hezekiya yarashobora kwiga ibimwerekeye nk’uko nyene natwe dushobora kuvyiga muri Bibiliya zacu muri iki gihe. Hari ubundi burorero wibuka dushobora kwigana?​

Ni ivy’ukuri yuko Bibiliya ivuga amakosa amwamwe Hezekiya, Dawidi, Yotamu n’abandi bantu badatunganye bakoze. Ariko abo bantu barakunda Yehova, bakemera amakosa bakoze, kandi bakihatira gukora ivyiza. Wibuke ko Umwana w’Imana, Yezu, ari we wenyene yari atunganye. Ese twokwiga canecane ibimwerekeye hanyuma tukagerageza kwigana akarorero kiwe.

^ ing. 3 Nimba uriko urasoma uri kumwe n’umwana, ako gakwego kakwibutsa yuko ukwiye guhagarara maze ukamuremesha guserura iryo agona.