Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Yezu umubona gute?

Yezu umubona gute?

Yezu umubona gute?

Woba ubona Yezu nk’uruyoya rukivuka, nk’umugabo ari ku mpfiro, canke nk’Umwami yashizwe hejuru?

Bibiliya yerekana ko Yezu ari Umwami w’umunyabubasha. Ariko none ivyo bisobanura iki kuri wewe?

Abantu benshi baremera ko Yezu yabapfiriye. Ariko none, urupfu rw’umuntu umwe haheze imyaka nka 2.000 rubaye, rushobora gute gutuma abandi bantu bo muri iki gihe baronka ubuzima?

Uratumiwe n’igishika cinshi kwumviriza ukuntu Ivyanditswe vyishura ivyo bibazo. Izo nyishu zizotangwa igihe Ivyabona vya Yehova bazoba bahuriye hamwe kugira ngo bibuke urupfu rwa Yezu. Uyu mwaka igenekerezo Yezu yapfiriyeko rizohurirana no ku wa kane igenekerezo rya 5 Ndamukiza izuba rirenze.

Turagusavye ubaze Ivyabona vya Yehova bo ng’aho iwanyu isaha n’ikibanza bizoberako.

Ku mpera y’uwo mushamvu uzoberako urwo rubanza, Ivyabona vya Yehova bazoshikiriza kandi insiguro ishimishije cane ishingiye kuri Bibiliya izoba ivuga ngo “Woba ubona ko iherezo ryegereje cane?” Iyo nsiguro izoba ari kimwe mu bintu bihambaye vyerekana utwigoro turiko turagirwa kw’isi yose kugira ngo abantu bose bakunda ukuri kandi bipfuza kumenya n’ibindi ku bijanye na Yezu bumve inkuru nziza. Uratumiwe kuza kwumviriza iyo nsiguro.