Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Abasomyi bacu barabaza . . .

Ni nde yarungitse ya “nyenyeri”?

Ni nde yarungitse ya “nyenyeri”?

▪ Woba umaze kubona amashusho canke ibikino bijanye n’ivuka rya Yezu vyerekana abami canke abanyabwenge batatu baje kuraba akana Yezu karyamye mu bwato bw’ibitungwa? Iyo nkuru ivuga ko ngo Imana yakoresheje inyenyeri kugira ibajane kuri ubwo buraro bw’ibitungwa i Betelehemu. Abana benshi cane usanga mbere barafashe ku mutwe amazina y’abo bami batatu: Melikiyoro, Gasupari na Balutazaro. Ariko none, iyo nkuru imenyerewe na benshi yoba ihuje n’ivyo Bibiliya ivuga koko? Uwokubesha. Iyo nkuru irimwo amahinyu atari make.

Ubwa mbere, abo bagabo bari bande? Mu kigiriki Bibiliya yanditswemwo mu ntango, Bibiliya ntibita abami canke abanyabwenge. Bari abamajusi ni ukuvuga abaragurira ku nyenyeri. Biboneka ko bakora umwuga w’abapagani wo kuragura bafatiye ku nyenyeri. Bibiliya ntivuga amazina y’abo bantu baje kuraba Yezu canke igitigiri cabo.

Ubwa kabiri, abo bagabo baje kuraba Yezu ryari? Ntibaje kumuraba ari akayoya karyamye mu bwato bw’ibitungwa. Tuvyemezwa n’iki? Umwanditsi w’Injili Matayo avuga ati: “Binjiye mu nzu babona wa mwana mutoyi ari kumwe na Mariya nyina wiwe.” (Matayo 2:11) Urabona ko Yezu atari akiri akayoya kakivuka, ariko ko yari “umwana mutoyi.” Mariya na Yozefu ntibari bakirara mu buraro bw’ibitungwa; ahubwo ico gihe baba mu nzu.

Ubwa gatatu, ni nde yarungitse iyo “nyenyeri” kugira iyobore abo baragurira ku nyenyeri? Indongozi z’amadini zikunze kwigisha ko Imana ari yo yarungitse iyo “nyenyeri.” Yoba vy’ukuri ari yo yayirungitse? Ibuka ko iyo “nyenyeri” itashotse ijana abo bagabo i Betelehemu. Ahubwo yabanje kubajana ku Mwami Herodi i Yeruzalemu. Barahishuriye uwo mwicanyi w’umunyeshari kandi akomeye ivy’uko Yezu yari yavutse, mbere bamubwira ikintu catumye yanka uwo mwana yobaye “umwami w’Abayuda.” (Matayo 2:2) N’urwenge n’akantu, Herodi yaciye abasaba ngo baze bagaruke kumubwira ahantu nyezina uwo mwana ari, ngo data wanje na we nyene azoje kumutera iteka. Iyo “nyenyeri” yaciye ijana abo baragurira ku nyenyeri aho Yozefu na Mariya baba. Urabona ko abo bagabo bari guhava bakwegera akarambaraye uwo mwana mutoyi iyo Imana idaca ihaseruka. Aho Herodi aboneye ko nya bagabo batamugarukaniye inkuru, ishavu ryaciye rigera i mutwe aca ategeka ngo bice abana bose b’abahungu b’i Betelehemu no mu micungararo yaho, kuva ku myaka ibiri kumanuka.​—Matayo 2:16.

Mu nyuma Yehova yise Yezu “Umwana wanje, umukundwa, uwo nashimye.” (Matayo 3:17) Zirikana: Uwo Muvyeyi yuzuye urukundo kandi agororotse yoba yari gutora abaragurira ku nyenyeri b’abapagani, abantu bakora umwuga w’ivy’amageza wari ubujijwe mw’Itegeko ryiwe, ngo babe intumwa ziwe? (Gusubira mu vyagezwe 18:10) Yoba yari gukoresha inyenyeri ngo ibajane ku mwicanyi ateye akaga kandi akomeye kurusha abandi bose mu gihugu, bamushiriye ubutumwa bwari gutuma koko uwo mwicanyi Herodi yuzura urwanko n’ishari? Imana yoba yari guca ikoresha iyo nyenyeri nyene n’abo baragurira ku nyenyeri kugira yerekane aho umwana wayo atagira gitabara ari?

Reka tubitangire akarorero: Umukomanda wa gisirikare mwiza ararungitse umusoda wiwe mwiza kuruta abandi mu karere k’abansi gukora igikorwa kirimwo akaga. Ubwo none yohishurira umwansi ahantu yosanga uwo musoda? Nawe urumva ko atobigira! Na Yehova yaratumye Umwana wiwe muri iyi si irimwo akaga. Wumva none yari guhishurira Umwami Herodi w’umugesera ahari Umwana wiwe atari ashoboye kwirwanira? Oya nawe nu!

Ni nde none yarungitse iyo “nyenyeri,” canke ico kintu gisa n’inyenyeri? None, ni nde vyari guhimbara kuruta abandi ko umwana Yezu yicwa, ntabe agikuze ngo ashitse igikorwa yarungitswe gukora kw’isi? Ni nde arondera kuzimiza abantu akongera akaremesha ibinyoma, ubukazi n’ubwicanyi? Yezu ubwiwe yarerekanye “umunyakinyoma akaba na se w’ikinyoma” uwo ari we, umwe “yari umwicanyi kuva mu ntango,” uwo na we akaba ari Shetani wa Mubesheranyi.​—Yohani 8:44.