Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Yezu yoba ari Imana?

Yezu yoba ari Imana?

Ikiyago Icabona ca Yehova agirana n’uwo abwira inkuru nziza​—Yezu yoba ari Imana?

IVYABONA VYA YEHOVA barakunda kuyaga n’abandi ibijanye na Bibiliya. Hoba hari ikintu kijanye na Bibiliya woba umaze kwibazako ibibazo? Woba wipfuza kumenya ivyo Ivyabona vya Yehova bemera canke ivyo bakora mu bijanye no gusenga? Nimba ari ukwo biri, ntuze witinye kubaza niwasubira guhura n’Icabona ca Yehova. Azohimbarwa no kuyaga nawe ku bibazo nk’ivyo.

Ibikurikira birerekana ingene ikiyago Icabona ca Yehova agirana n’uwo abwira inkuru nziza gishobora kuba kimeze. Reka dufate ko Icabona ca Yehova umwe twise Mado yagendeye umugore twise Anita.

Nankana ngo ntimwemera Yezu?

Anita: Pasitori wacu avuga ko Ivyabona vya Yehova batemera Yezu. Nankana?

Mado: Ico womenya co, Yezu turamwemera koko. Mu vy’ukuri, turemera ko kwizera Yezu bihambaye cane kugira turonke ubukiriro.

Anita: Nanje ndavyemera.

Mado: Urumva ko tubihurizako. Ariko ntitwidondoranye; jewe nitwa Mado. Mweho?

Anita: Nitwa Anita.

Mado: Ni vyiza. Ushobora kuba wibaza uti: ‘Nimba Ivyabona vya Yehova bemera Yezu vy’ukuri, kubera iki none abantu bavuga ko batamwemera?’

Anita: Ahubwo nyene mbwira!

Mado: Muri make Ani, turizera cane Yezu, ariko ntitwemera ivyo abantu bamuvugako vyose.

Anita: Wompa akarorero?

Mado: Neza cane. Hari abavuga ko Yezu yari umuntu ameze neza gusa. Ariko twebwe si ko tubibona.

Anita: Eka na je ni ukwo.

Mado: Ico rero ni ikindi kintu duhurizako. Ehe akandi karorero: Ivyabona vya Yehova ntibemera inyigisho ziteye kubiri n’ivyo Yezu ubwiwe yavuze ku bijanye n’ubucuti afitaniye na Se.

Anita: Ushatse kuvuga iki?

Mado: Amadini menshi yigisha ko Yezu ari Imana. Kumbure nawe ni ko wigishijwe.

Anita: Ego, pasitori wacu yatwigishije ko Imana na Yezu ari bamwe.

Mado: Ariko woba nawe wemera ko uburyo bwiza bwo kumenya ukuri ku vyerekeye Yezu ari ukwihweza ivyo yavuze ku bimwerekeye?

Anita: Ego.

Yezu yavuze iki?

Mado: Reka turabe icanditswe co muri Bibiliya kidufasha kubitahura. Raba ibivugwa muri Yohani 6:38. Yezu yavuze ati: “Namanutse mva mw’ijuru atari ukugira ngo nkore ukugomba kwanje, mugabo ngo nkore ukugomba kw’uwandungitse.” Uca ubona ko ayo majambo yogorana gutahura hamwe Yezu yoba ari Imana.

Anita: Ushatse kuvuga iki?

Mado: Urabona ko Yezu yavuze ko atamanutse avuye mw’ijuru kugira akore ukugomba kwiwe.

Anita: Ni vyo, yavuze ko yaje gukora ivyo Uwamurungitse agomba.

Mado: Nimba rero Yezu ari Imana, ni nde none yamurungitse? Vyongeye, kubera iki Yezu yemeye gukora ivyo Uwamurungitse agomba?

Anita: Ndumva ico ushaka kuvuga. Ariko simbona ko uwo murongo umwe wonyene ushobora kwerekana ko Yezu atari Imana.

Mado: Raba ivyo Yezu yavuze ikindi gihe. Yaravuze ibisa n’ivyo mu kigabane gikurikira co muri Yohani. Ubona wosoma Yohani 7:16?

Anita: Nta ngorane. Hagira hati: “Yezu na we arabishura, avuga ati: ‘Ivyo nigisha si ivyanje, ahubwo ni ivy’uwandungitse.’”

Mado: Urakoze, Ani. Wisunze uwo murongo, Yezu yoba yigisha ivyiyumviro vyiwe bwite?

Anita: Oya, yavuze ko ivyo yigisha vyari ivy’Uwamurungitse.

Mado: Neza cane. Duca dusubira rero kwibaza duti: ‘None ni nde yamurungitse? Kandi ni nde yamuhaye ivyo yigisha?’ None ntiwumva ko yoba ari Uwuruta Yezu? Nakare, uwatumwe aba arutwa n’uwamutumye.

Anita: Uzi ko ari vyo? Sinari bwasome ico canditswe.

Mado: Raba n’aya majambo Yezu yavuze muri Yohani 14:28: “Mwarumvise ko nababwiye nti: Ndiko ndagenda kandi ndiko ndagaruka kuri mwebwe. Iyo muba munkunda, mwari kunezerwa n’uko ngiye kwa Data, kuko Data anduta.” Ufatiye kuri uwo murongo, wumva Yezu yabona ko afise ikibanza ikihe yigereranije na Se?

Anita: Yavuze ko Se amuruta. Nibaza ko yabona ko Se ari hejuru yiwe.

Mado: Ni vyo. Ehe akandi karorero: raba ivyo Yezu yabwiye abigishwa biwe muri Matayo 28:18. Havuga hati: “Ububasha bwose narabuhawe mw’ijuru no kw’isi.” Ubona Yezu avuga ko yamye afise ububasha bwose?

Anita: Oya, yavuze ko yabuhawe.

Mado: Nimba Yezu ari Imana, ni gute yari guhabwa ubundi bubasha? Kandi yabuhawe na nde?

Anita: Nzovyiyumvira neza nitonze.

Yariko abwira nde?

Mado: Hari ikindi kintu cogorana gutahura hamwe Yezu yoba vy’ukuri ari Imana.

Anita: Ikihe?

Mado: Ni ico dusoma ku bijanye n’ibatisimu ya Yezu. Raba inkuru iri muri Luka 3:21, 22. Ubona wohasoma?

Anita: “Abantu bose bamaze kubatizwa, Yezu na we nyene arabatizwa, maze ariko arasenga, ijuru riruguruka hanyuma impwemu nyeranda imanuka kuri we mu mero y’umubiri nk’inuma, maze ijwi riva mw’ijuru riti: ‘Uri Umwana wanje, umukundwa; naragushimye.’”

Mado: Wabonye ico Yezu yakoze igihe yabatizwa?

Anita: Yarasenze.

Mado: Ni vyo. Duca rero twibaza duti: ‘Nimba Yezu ari Imana, yasenze nde?’

Anita: Ico ni ikibazo ciza. Nzobaza pasitori.

Mado: Tukiri aho nyene, urabona ko Yezu avuye mu mazi hari uwavuganye na we ari mw’ijuru. Wabonye ivyo Uno yavuze?

Anita: Yavuze ko Yezu ari Umwana wiwe, ko amukunda be n’uko yamushimye.

Mado: Wishuye neza. Ariko nimba Yezu ari Imana, ni nde none yavugiye ayo majambo mw’ijuru?

Anita: Uzi ko ntari bwigere ndavyiyumvira muri ubwo buryo!

Kubera iki umwe yitwa “Se” uwundi akitwa “Umwana”?

Mado: Ehe ikindi kintu co kuzirikana: Twasomye ko Yezu yise Imana Se wiwe wo mw’ijuru. Kandi igihe Yezu yabatizwa, uwavuze ari mw’ijuru yise Yezu Umwana wiwe. Kanatsinda, Yezu ubwiwe yiyise Umwana w’Imana. Hamwe woba ushaka kunyereka ko abantu babiri bangana, wovuga ko bapfana iki?

Anita: Novuga ko ari cene wabo na cene wabo.

Mado: Neza cane; hari n’uwovuga amahasa asa nk’igiharo n’igiharage. Ariko Yezu yavuze ko Imana ari Se, na we akivuga ko ari Umwana. Wibaza none ko Yezu yashaka kwerekana iki?

Anita: Ndakwumva. Yezu ashaka kwerekana ko umwe arusha uwundi imyaka n’ububasha.

Mado: Ni ukwo nyene. Zirikana iki kintu: Washoboye kwiyumvira akarorero k’abavukana canke k’amahasa asa kugira werekane abantu bangana. Iyaba Yezu ari Imana vy’ukuri, ntiwibaza ko bwa Mwigisha ahambaye yari kwiyumvira akarorero nk’ako nyene, canke mbere agatomoye kukaruta, kugira yerekane ko we na Se bangana?

Anita: Nawe uravyumva.

Mado: Ariko urabona ko yakoresheje ijambo “Dawe” n’ijambo “Umwana” kugira yerekanye ubucuti afitaniye n’Imana.

Anita: Ico ciyumviro ni co.

Abayoboke biwe bo mu ntango bamuvugako iki?

Mado: Imbere y’uko tuvana, hari uwundi muce w’ico kibazo noshima ko tuyaga nimba ufise akanya.

Anita: Ego, ndafise iminuta mike.

Mado: Nimba Yezu ari Imana vy’ukuri, ntiwibaza none ko abigishwa biwe bari kuvyigisha batomora?

Anita: Ivyo bisa n’ivyumvikana.

Mado: Yamara, nta na hamwe muri Bibiliya dusoma ko bavyigishije. Ahubwo riho, raba ivyo intumwa Paulo, umwe mu bigishwa ba Yezu bo mu ntango, yanditse. Mu Bafilipi 2:9, aravuga ico Imana yakoze aho Yezu amariye gupfa hanyuma akazuka, ati: ‘Imana yaramudugije imushira mu kibanza co hejuru cane, imuha n’umutima ukunze izina riri hejuru y’ayandi mazina yose.’ Ubona uwo murongo uvuze ko Imana yakoreye iki Yezu?

Anita: Uvuze ko Imana yamudugije imushira mu kibanza co hejuru cane.

Mado: Ni vyo. Mugabo nimba Yezu yarangana n’Imana imbere y’uko apfa maze mu nyuma ikamuduza ikamushira mu kibanza co hejuru kuruta, ntiwumva none ko Yezu yoba yaciye aja hejuru y’Imana? Hari uwoshobora kuruta Imana?

Anita: Urumva ko bitoshoboka.

Mado: Uvuze ukuri. None ufatiye kuri ivyo bimenyamenya vyose, woba wovuga ko Bibiliya yigisha ko Yezu ari Imana?

Anita: Bisa n’uko atari ukwo biri. Bibiliya ivuga ko ari Umwana w’Imana.

Mado: Neza cane. Ariko ico womenya co Anita, Ivyabona vya Yehova barubaha cane Yezu. Twemera ko urupfu rwa Yezu nka we Mesiya yasezeranywe rwugururiye abantu bose b’abizigirwa inzira yo kuronka ubukiriro.

Anita: Nanje ndavyemera.

Mado: Ariko hari aho wokwibaza uti: ‘Twokwereka Yezu gute ko dukenguruka kubona yaratanze ubuzima bwiwe ku bwacu?’ *

Anita: Ico kibazo ndamaze kucibaza.

Mado: Ubishimye nogaruka nkakwereka inyishu Bibiliya itanga. Woba uzoba uri muhira mu ndwi iza nk’aya mango?

Anita: Ni ho nzoba ndi.

Mado: Ni vyiza. Ni ah’ubutaha.

[Akajambo k’epfo]