Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Niwiyegereze Imana

Irahemba abayikorera bose

Irahemba abayikorera bose

“URAKOZE.” Ni nde ga yemwe ataryoherwa no kwumva bamushimira ku gikorwa ciza yakoze canke ku ngabirano ivuye ku mutima yatanze? Twese turashaka kwiyumvamwo ko abandi, na canecane abo dukunda, bashima utwigoro twacu. Ariko ntiwumve, uwo dukunda kuruta abandi bose ni Imana yacu Yehova. Yoba aha agaciro utwigoro tugira mu kumukorera? Reka twihweze ivyo yagiriye Ebedi-meleki, umuntu yemeye gushira ubuzima bwiwe mu kaga kugira akize umwe mu bahanuzi bavugishwa n’Imana.​—Soma Yeremiya 38:7-13; 39:16-18.

Ebedi-meleki yari nde? Biboneka ko yari umukozi wo ku kirimba ca Zedekiya umwami wa Yuda. * Ebedi-meleki yabayeho mu gihe kimwe na Yeremiya, umwe Imana yatuma kuburira ubwami bwa Yuda bwari bwarahemutse ko bwari bwimirije gutikizwa. Naho Ebedi-meleki yari akikujwe n’abaganwa badasenga Imana, yaratinya Imana kandi akubaha cane Yeremiya. Kamere zishimwa n’Imana za Ebedi-meleki zaragejejwe igihe abaganwa b’ababisha babeshera Yeremiya ngo aragumura abantu, maze bamuta mw’itangi ririmwo ibishanga ngo apfireyo. (Yeremiya 38:4-6) None Ebedi-meleki yari gukora iki?

Ebedi-meleki yarerekanye ubutwari aragira ico akoze, ata gutinya ko yogiriwe nabi n’abaganwa. Yaregereye icese Zedekiya, ariyamiriza akarenganyo kari kagiriwe Yeremiya. Yabwiye umwami ati: ‘Abo bagabo bagiriye nabi Yeremiya,’ akaba ashobora kuba yariko adoma urutoke ku bari bakoze ico kibi. (Yeremiya 38:9) Ebedi-meleki yarumviwe maze Zedekiya amutegeka gutora abagabo 30 ngo baje kurokora Yeremiya.

Ico gihe na ho, Ebedi-meleki yaragaragaje iyindi kamere nziza: ubuntu. Yaratoye “imishambara n’ibipande vy’impuzu vy’imishire, abimanurira Yeremiya . . . akoresheje imigozi.” Kubera iki yamumanuriye iyo mishambara n’ivyo bipande vy’impuzu? Kugira Yeremiya yikingire mu kwaha ntamyoke bariko baramuduza bamukura muri nya cobo c’ivyondo.​—Yeremiya 38:11-13.

Yehova yarabonye ivyo Ebedi-meleki yakoze. Yoba none yarabikengurutse? Biciye kuri Yeremiya, Imana yabwiye Ebedi-meleki ko ubwami bwa Yuda bwari bwimirije gutikizwa. Yaciye iha Ebedi-meleki ico umuhinga umwe yita “ikimenyamenya kigizwe na bitanu c’uko azorokoka.” Yehova yavuze ati: “Nzokurokora . . . Ntuzotangwa mu kuboko kw’a[bo] bagabo . . . Nzogukiza ata kabuza . . . Ntuzogwishwa n’inkota . . . Ntuzobura kunyaga amagara yawe.” Kubera iki Yehova yasezeraniye Ebedi-meleki kumukingira? Yehova yamubwiye ati: “Kuko wanyizigiye.” (Yeremiya 39:16-18) Yehova yari azi ko ivyo Ebedi-meleki yakoze atari yabitumwe gusa n’uko yitaho Yeremiya ariko kandi ko yari yabitumwe n’uko yizigira Imana kandi akayizera.

Icigwa kiratomoye: Yehova arashima ivyo tumukorera. Bibiliya idusubiriza umutima mu nda ko yibuka n’akantu kari hanyuma y’ibindi mu vyo dukora mu kumusenga tubikuye ku mutima wuzuye ukwizera. (Mariko 12:41-44) Woba uvyuriwe umutima wo kurushiriza kwiyegereza iyo Mana ishima ivyo uyirangurira? Nimba ari ukwo, numenye neza ko izoshitsa ivyo Ijambo ryayo bwite riyivugako riti: “Ihemba abayironderana ubwira.”​—Abaheburayo 11:6.

Aho turemeshejwe gusoma muri Rusama:

Yeremiya 32-50

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 2 Bibiliya ivuga ko Ebedi-meleki yari “inkone.” (Yeremiya 38:7) Naho iryo jambo ryakoreshwa mu kuvuga umuntu w’igitsina-gabo yashahuwe, ryarakoreshwa kandi mu buryo bwagutse mu kuvuga umukozi uwo ari we wese yaba ajejwe ibikorwa ku kirimba c’umwami.