Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Urashobora guhitamwo kazoza keza—Gute?

Urashobora guhitamwo kazoza keza—Gute?

Urashobora guhitamwo kazoza keza​—Gute?

WOKORA iki ngo uroranirwe vy’ukuri mu buzima? Uburyo bumwe ni ugukoresha ubushobozi butangaje ufise bwo kuzirikana ingaruka z’igihe kirekire zishobora kuva ku ngingo ufata ubu.

Tuvugishije ukuri, hari aho vyokugora gufata ingingo zokugirira akamaro igihe kirekire. Kubera iki? Kubera ko benshi mu badukikuje usanga bipfuza kuronka ubwo nyene ivyo bashaka. Nk’akarorero, urashobora kuba ubona ko gushira mu ngiro impanuro za Bibiliya bishobora kugufasha gukomeza ubucuti bwo mu muryango. (Abanyefeso 5:22–6:4) Mugabo ivyo bisaba ko wama umarana umwanya n’umuryango wawe, ntutwarwe birenze urugero n’akazi, ukwiruhura canke ukwinezereza. Nk’uko bimeze mu mice myinshi cane y’ubuzima, utegerezwa guhitamwo hagati y’ukunezerwa kw’igihe gitoyi n’ukuroranirwa kw’igihe kirekire. None ni igiki cogufasha guhitamwo inzira iranga ubukerebutsi? Nutere izi ntambwe zine.

1 Gerageza kubona ingaruka z’ingingo ugomba gufata

Igihe hari ingingo ubwirizwa gufata, gerageza kubona ata kwihenda ingaruka zishobora kuvamwo. Bibiliya itanga iyi mpanuro igira iti: “Umunyabwenge ni uwubonye ivyago akihisha.” (Imigani 22:3) Usuzumye utibesha ingaruka zishobora kuvamwo, hari aho vyokuvyurira umutima wo kwirinda ingendo yoshobora kukugirira nabi. Ku rundi ruhande, ugerageje kubona ivyiza vy’igihe kirekire vyovamwo ufashe ingingo iranga ubukerebutsi, vyoshobora gukomeza umwiyemezo wawe wo gufata iyo ngingo.

Niwibaze uti: ‘Ingingo ngomba gufata izovamwo ingaruka izihe mu mwaka umwe, mu myaka 10 canke mu myaka 20? Izongirako ingaruka iyihe mu mutima no ku magara yanje? Ihitamwo ngomba kugira rizogira ingaruka iyihe ku muryango wanje no ku bandi nitwararika?’ N’igihambaye kuruta, niwibaze uti: ‘Iyi ngingo yoba izohimbara Imana? Izogira ico ikoze gute ku bucuti mfitaniye na yo?’ Kubera ko Bibiliya yahumetswe n’Imana, irashobora kugufasha gutahura ibihimbara Imana ivyo ari vyo, ikakugabisha no ku mitego wohava usanga utabonye.​—Imigani 14:12; 2 Timoteyo 3:16.

2 Niwisuzumire ubwawe amahitamwo ushobora kugira

Abantu benshi, aho kwifatira ingingo zabo bwite, bashima kugira nk’abandi. Mugabo inzira yinaka ntizotuma uroranirwa ngo ni uko gusa yemerwa na benshi. Niwisuzumire ubwawe amahitamwo atandukanye ushobora kugira. Raba nk’akarorero ivyashikiye Natalie. * Asigura ati: “Narashaka kugira urugo ruhire. Mugabo narabona ko bitari gushoboka kubera uburyo nari mbayeho. Kw’ishure, abagenzi banje bose bari abana baciye ubwenge cane. Ariko ico nticabuza ko baguma bafata ingingo mbi mu buzima bwabo. Bama bahindagura abahungu canke abakobwa bakundana. Naje nari mfise abahungu batari bake dukundana. Ubwo buzima bwatumye ngira intuntu nyinshi.”

Natalie yaratanguye kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Avuga ati: “Mu Vyabona vya Yehova narabonyeyo abakiri bato bahimbawe, ndabona n’imibano y’abubatse ikomeye. Naho bitanyoroheye, nagiye ndahindura intambwe ku yindi imico nagenderako be n’ukuntu nari mbayeho.” None havuyemwo iki? Natalie abandanya ati: “Nari ncipfuza kwubakana n’umuntu nemera cane. Nahavuye nubakana n’umugabo twemera bimwe mu vy’Imana. Mbona ko Imana yampaye ubuzima bwo mu rugo bwiza kuruta ubwo nari gushobora kwiyumvira.”

3 Nubone kure

Kugira wirinde kwiyumvira ivy’igihe gito, urakeneye kandi kuba ubona neza mu bwenge kazoza wipfuza ukaba ufise kandi umugambi w’ingene wogashikako. (Imigani 21:5) Ntiwiyumvire gusa ivyo mu myaka 70 canke 80 twebwe abantu tumara. Ahubwo nubone mu bwenge uriko urahimbarirwa kazoza k’ibihe bidahera Bibiliya idondora.

Bibiliya isigura ko Imana, biciye ku nkuka y’incungu ya Kristu Yezu, yatunganije yuko abantu baronka ubuzima budahera. (Matayo 20:28; Abaroma 6:23) Imana isezerana ko vuba umugambi yari ifitiye abantu kuva mu ntango uzoranguka. Abakunda Imana bazoronka akaryo ko kubaho ibihe bidahera mw’isi izoba yasubiye kuba nziza cane. (Zaburi 37:11; Ivyahishuwe 21:3-5) Ako kazoza urashobora kuzokaronka hamwe wogerageza kubona kure.

4 Niwihatire gushika ku migambi yawe

Woshikira gute ako kazoza Imana isezerana? Nutangurire ku kwironsa ubumenyi bwerekeye Imana. (Yohani 17:3) Ubumenyi butagira amakosa bwa Bibiliya buzotuma wizigira udakeka ko ivyo Imana yasezeranye ku bijanye na kazoza bizoranguka koko. Ukwo kwizera kurashobora kugukomeza ugahindura ibikenewe vyose kugira ushimwe n’Imana.

Raba ivyashikiye Michael. Yigana ati: “Natanguye kunywa inzoga zirenze urugero no kwihereza ibiyayuramutwe mfise imyaka 12. Nari mu kagwi k’inkazi kandi nari niteze gupfa ntarashikana imyaka 30. Kubera ishavu n’akababaro nari mfise, akatari gake naragerageje kwiyahura. Nari nizigiye ko ubuzima burimwo n’ibindi uretse ukuntu nari mbayeho, yamara sinashobora kubishikira.” Michael ari mu mashure yisumbuye, umwe mu bo bari kumwe muri nya kagwi yaratanguye kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Michael na we nyene yaremeye kwiga Bibiliya.

Ivyo Michael yize muri Bibiliya vyarahinduye ukuntu yabona kazoza kiwe. Avuga ati: “Naramenye ko muri kazoza isi izosubira kuba iparadizo be n’uko abantu bazokwibera mu mahoro, ata maganya bafise. Naratanguye kubona ko ako ari ko kazoza nzogira. Kwunga ubucuti bwiza na Yehova ryaciye riba ryo hangiro ryanje. Yamara, hari ivyagiye biragorana. Mbere maze gutangura kwiga Bibiliya, naraborewe nka kangahe. N’ikindi kandi, nararyamanye n’umukobwa.”

Michael yashoboye gute gutsinda ivyaza biramuciramwo maze arahindura uburyo yari abayeho? Avuga ati: “Uwanyigisha Bibiliya yarandemesha kuyisoma ku musi ku musi no kwifatanya n’abantu bipfuza guhimbara Imana. Narabonye ko abo twari kumwe muri ka kagwi bari bakingirako akosho kabi. Naho bari bamaze igihe kirekire ari nk’umuryango wanje, twaravavanuye.”

Michael yarishingiye imigambi y’igihe gito be n’ivyo akwiye kwitwararika imbere y’ibindi mu gihe gito, bino bikaba vyaramufashije gushika ku mugambi wiwe uhambaye kuruta wo guhuza ubuzima bwiwe n’ingingo ngenderwako z’Imana. Nawe urashobora kubigenza gutyo nyene. Niwandike umugambi w’igihe kirekire ushaka gushikako be n’intambwe zizogufasha kuwushikako. Imigambi yawe nuyibwire abo ubona ko bazogufata mu mugongo, kandi ubasabe baze barakurabira aho uteje ikivi.

Kwiga ivyerekeye Imana no gukurikiza mu buzima bwawe ubuyobozi itanga ntuvyigize inyuma. Nutere intambwe ubu zo gutsimbataza urukundo ukunda Imana n’Ijambo ryayo Bibiliya. Ku bijanye n’umuntu akurikiza ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Ico akora cose kizokunda.”​—Zaburi 1:1-3.

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 8 Muri iki kiganiro, bamwebamwe si ko basanzwe bitwa kubera ko bitashimwe ko bamenyekana.