Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Zigama umutima wawe!”

“Zigama umutima wawe!”

“Zigama umutima wawe!”

Ihwaniro ry’intara ry’Ivyabona vya Yehova

UMUTWE-SHIMIKIRO WO KU WA GATANU

“Yehova we, abona ico umutima uri”​—1 SAMWELI 16:7.

UMUTWE-SHIMIKIRO WO KU WA GATANDATU

“Ibibogaboga mu mutima ni vyo akanwa kavuga”​—MATAYO 12:34.

UMUTWE-SHIMIKIRO WO KU W’IYINGA

“Nukorere Yehova n’umutima ukwiye”​—1 NGOMA 28:9.

Bibiliya iravuga umutima hafi incuro igihumbi. Akenshi ntiba iriko iravuga urya mutima w’inyama, ariko iba iriko iravuga umutima w’ikigereranyo. None umutima w’ikigereranyo ni iki? Iryo jambo rishobora gusobanura ukuntu umuntu ameze imbere muri we, ni ukuvuga ivyo yiyumvira, uko yiyumva be n’ivyipfuzo afise.

Kubera iki dukwiye kuzigama umutima wacu w’ikigereranyo? Imana yaratumye Umwami Salomo yandika ati: “Zigama umutima wawe kuruta ikindi cose kibwirizwa kurindwa, kuko ari wo uvamwo amasôko y’ubuzima.” (Imigani 4:23) Ubuzima bwacu be n’ivyizigiro dufise ku bijanye na kazoza bihagaze ku kuntu umutima wacu w’ikigereranyo umeze. Kubera iki? Kuko Imana ibona ibiri mu mutima wacu. (1 Samweli 16:7) Ico turi imbere, mu “muntu yihishije wo mu mutima,” ni co Imana ifatirako mu kuntu itubona.​—1 Petero 3:4.

None twozigama gute umutima wacu? Inyishu y’ico kibazo izokwihwezwa mu buryo buramvuye ku mahwaniro Ivyabona vya Yehova bazogira hirya no hino kw’isi kuva muri uku kwezi. Uratumiwe n’igishika cinshi kuzoba uhari mu misi itatu yose iryo hwaniro rizomara. * Ivyo uzohigira bizogufasha gukora mu buryo bunezereza umutima wa Yehova Imana.​—Imigani 27:11.

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 11 Kugira umenye aho ihwaniro rikwegereye rizobera, turagusavye uje kuri uyu muhora wo kuri Internet: www.pr418.com. Woshobora kandi kuvugana n’Ivyabona vya Yehova bo mu karere iwanyu canke ukandikira abasohoye iki kinyamakuru.

[Abo dukesha ifoto ku rup. 32]

Ifoto y’iburyo: Aus dem Fundus der MÜNCHNER OLYMPIAPARK GMBH, München