Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ubuzima bwo mu bihe vya Bibiliya—Umwungere

Ubuzima bwo mu bihe vya Bibiliya—Umwungere

“Kurya kw’umwungere, azoragira ubusho bwiwe. Azokwegeranya imyagazi y’intama n’ukuboko kwiwe; azoyitwara mu gikiriza ciwe.”​—YESAYA 40:11.

ABUNGERE baravugwa incuro n’izindi muri Bibiliya, kuva mu gitabu ca mbere c’Itanguriro gushika mu ca nyuma c’Ivyahishuwe. (Itanguriro 4:2; Ivyahishuwe 12:5) Abantu b’ijunja, nka Aburahamu, Musa n’Umwami Dawidi bari abungere. Umwanditsi w’amazaburi Dawidi yaradondoye neza amabanga y’umwungere mwiza be n’ivyamuraza ishinga. Vyongeye, izaburi yitirirwa Asafu ivuga ko Dawidi yari umwungere w’abasavyi b’Imana bo mu bihe vya kera.​—Zaburi 78:70-72.

Mu nyuma, mu gihe ca Yezu, kuba umwungere cari kikiri igikorwa gihambaye cane. Yezu yavuze ko ubwiwe yari “umwungere w’agahebuza,” kandi kenshi yarigishije ivyigwa bihambaye afatiye ku biranga umwungere mwiza. (Yohani 10:2-4, 11) Mbere na Yehova Imana Mushoboravyose agereranywa n’“umwungere.”​—Yesaya 40:10, 11; Zaburi 23:1-4.

None ni ibitungwa bwoko ki umwungere yitwararika? Ico gikorwa camusaba iki? Vyongeye, ni ibiki twokwigira kuri abo bantu bakora bagatama?

Intama n’impene

Mu bitungwa abungere bo muri Isirayeli ya kera bitwararika, birashoboka ko hari harimwo intama zo mu bwoko bwo muri Siriya z’ibitsembetsembe bininibinini binuze be n’ubwoya bwinshi. Amapfizi yo muri ubwo bwoko usanga afise amahembe, ariko izivyara zozo nta yo zifise. Ivyo bitungwa bitekereje usanga vyoroshe kuyobora kandi bidashobora kwikingira ibintu bibikikuje vyohava bibigirira nabi canke ibikoko vy’ibiryanyi.

Abungere baritwararika n’impene. Impene zose zaba zifise ibara rimwe, iryirabura canke iry’inginagina. Kubera zaba zifise amatwi maremare arebera, wasanga vyoroshe ko ataburwa n’amahwa canke n’imikere igihe zaba ziriko ziradugagira ku nkike y’imisozi y’ibitandara canke igihe zaba ziriko zirarisha mu bisaka.

Umwungere yama ariko ararwana urugamba rwo kwigisha intama n’impene kugamburuka amategeko yaziha. Naho ari ukwo, abungere beza baritwararikana ikibabarwe ibitungwa baba bajejwe, bakabiha n’amazina bazobihamagara bikagamburuka.​—Yohani 10:14, 16.

Umwungere be n’ibiringo vy’umwaka

Mu mpeshi, buri musi umwungere yarasohora ibitungwa mu ruhongore rwaba ruri mu hafi y’i muhira iwe akabijana kurisha ubwatsi buremvye mu buragiriro bw’ikigwati bwo mu micungararo. Muri ico kiringo, imyagazi y’intama n’iy’impene yavuka yatuma ibitungwa bigwira mu ruhongore. Muri ico gihe nyene, abakozi barakemura kandi ubwoya bw’intama, ico kikaba cari ikiringo giteye umunezero!

Umunyagihugu warashobora gusanga afise intama nkeyi gusa. Yarashobora rero kurondera umwungere w’umucangero yaziragirana n’izindi. Vyari bizwi ko abungere b’abacangero bitwararika buhoro ibitungwa vy’abandi bantu kuruta uko bitwararika ivy’iwabo.​—Yohani 10:12, 13.

Imirima iri hafi y’ikigwati imaze kwimburwa, umwungere yarajana intama ziwe kurisha iminago n’intete zaba zasigaye mu bishakara. Ici rituritse, abungere baca bajana ibitungwa vyabo ku buragiriro bwo hejuru ku misozi ahapfutse. Abungere baramara imisi n’imisi baragirira mu gahinga kandi bararayo, ibitungwa bikaronka akaryo ko kurisha ubwatsi buremvye bwo ku nkike z’imisozi maze mw’ijoro bakabirarīra. Hari igihe abungere baraza ibitungwa vyabo mw’isenga, bakabikingira imbwebwe n’imfyisi. Bishitse ibitungwa bikarandurwa umutima n’ijwi ry’imfyisi mu mwiza w’ijoro, umwungere yaca avugana ijwi rihumuriza akazisubiriza umutima mu nda.

Buri musi ku mugoroba, umwungere yaraharura intama ziwe akongera agasuzuma amagara y’ibitungwa vyiwe. Mu gitondo, yarahamagara ibitungwa bikamukurikira mu buragiriro. (Yohani 10:3, 4) Ku mutaga, abungere baca bajana ibitungwa ku ngomero z’amazi apfutse. Mu gihe ingomero zaba zitagiramwo amazi, umwungere yaca abijana kw’iriba agaheza akabivomera amazi.

Ici riri mu kurangira, umwungere yarashobora guca ajana ibitungwa vyiwe mu biyaya vyo ku nkengera z’ikiyaga be no mu mibande. Ku mutasuro, yarasubiza ivyo bitungwa muhira bikamara urushana mu ruhongore. Ahandiho, vyohaboneye, bikicwa n’imvura nyinshi, urubura na shelegi. Kuva muri Munyonyo gushika mu mpeshi, abungere ntibaturutsa ibitungwa vyabo.

Ibikoresho vy’umwungere

Umwungere yambara ivyambarwa bisanzwe yamara bikomeye. Kugira ngo yikingire imvura be n’imbeho y’ijoro, yarashobora kwambara icambarwa gikozwe mu rushato rw’intama, ubwoya bukaraba imbere ku mubiri. Munsi y’ico cambarwa yambara agahuzu katagira amaboko. Yarambara n’inkweto zimukingira amahwa be n’ibitandara bikarishe, ku mutwe na ho akahazingira igitambara gihinguwe mu bwoya.

Ng’ibi ibikoresho bimwebimwe umwungere yakunda gukenera: Isaho yo mu rushato yashiramwo imfungurwa, nk’umukate, imyelayo, ivyamwa vyumye be n’iforomaji; inkoni yakoresha nk’ikirwanisho gikomeye; yakunda kuba ireha n’imetero imwe, ikaba yacomekwamwo igisate c’ibuye kw’ipfundo ryo ku mutwe wayo; imbugita; ikibando yishimikiza igihe yaba ariko aragenda canke ariko araduga umusozi; ico yashiramwo amazi; indobo y’urushato izingika yo kuvoma amazi mu mariba; umugozi umeze nk’itopito yakoresha mu gutera ibuye hafi y’intama canke impene zaba zitaye inzira kugira azigarure, canke akabigira kugira ngo yirukane ibikoko bizibundiye; n’umwironge ukozwe mw’irenga yavuza kugira abe arimara ubute, atume n’ibitungwa vyoroherwa.

Ibitungwa na vyo vyararonsa umwungere ibintu vya nkenerwa mu buzima, nk’amata n’inyama. Inshato n’ubwoya vyarakoreshwa mu guhingura ivyambarwa n’imikuza, canke bigakabwa ibindi bintu. Ubwoya bw’impene barabuhingira bakabukuramwo ivyambarwa, kandi impene n’intama zarakoreshwa bwa bimazi.

Ni akarorero ko kwigana

Abungere beza bari n’ishaka, bakaba abizigirwa n’intatinyurukamvye. Baremera n’ubuzima bwabo bukaja mu kaga kugira ngo bakingire ibitungwa.​—1 Samweli 17:34-36.

Ntibitangaje rero kubona Yezu n’abigishwa biwe barakoresheje akarorero k’umwungere mu kwerekana ukuntu abacungezi bo mw’ishengero rya gikirisu bakwiye kumera. (Yohani 21:15-17; Ivyakozwe 20:28) Kurya kw’umwungere mwiza wo mu bihe vya Bibiliya, abacungezi bo mw’ishengero bo muri iki gihe barihatira ‘kuragira ubusho bw’Imana bajejwe, batagoberewe, ahubwo babikunze; batabitumwe n’ugukunda inyungu mbi, ahubwo babishashaye.’​—1 Petero 5:2.