Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Gufasha abari n’ivyo bakeneye

Gufasha abari n’ivyo bakeneye

“Uw’ijisho ryiza azohezagirwa, kuko yahaye umuntu mutoyi ku bifungurwa vyiwe.”​—IMIGANI 22:9.

Imvo imwe ituma bamwebamwe bahimbaza Noweli.

Kubera ko Yezu yafashije aboro, abarwaye n’abari mu marushwa, hari abipfuza kwigana akarorero kiwe. Babona ko igihe ca Noweli gishobora kuba ari co gihe ciza kuruta co kubikora, kuko ari ho amashirahamwe y’abagiraneza akunda kugira akigoro kadasanzwe ko kwegeranya imfashanyo.

Kubera iki bitoroshe?

Mu gihe c’imisi mikuru, abantu benshi usanga bitwararika cane ukugura ibintu, ukwinezereza n’ukuja kuramutsa incuti n’abagenzi. Ivyo bituma basigarana umwanya muke, inguvu nke canke amahera make bokoresha mu kwitaho aboro n’abandi bari n’ivyo bakeneye, atari gusa mu gushikiriza imfashanyo ishirahamwe kanaka ry’abagiraneza.

Ni ivyiyumviro ibihe vyo muri Bibiliya vyofasha?

“Ntureke kugirira iciza abagikwiriye kandi ukuboko kwawe kuri n’ububasha bwo kugikora.” (Imigani 3:27) Aboro, abashonje, n’abari mu marushwa ntibakenera imfashanyo mu gihe ca Noweli gusa. Ubonye ko umuntu akeneye gufashwa kandi “ukuboko kwawe” kukaba kuri n’“ububasha” bwo kubikora, kubera iki worindira umusi mukuru ngo abe ari ho umufasha? Uwo mutima mwiza be n’ico kintu uzoba ukoze kubera impuhwe bizokuviramwo ivyiza.

“Buri musi wa mbere w’iyinga, umwe wese muri mwebwe mu nzu yiwe bwite, nashire ikintu ku ruhande mu bubiko nk’uko azoba atunganiwe.” (1 Abakorinto 16:2) Intumwa Paulo yahaye iyo mpanuro abakirisu bari bafise icipfuzo co gufasha aboro. Woba ushobora ‘gushira ku ruhande’ canke gutegekanya amahera woza urafashisha abantu kanaka canke woza uraha ishirahamwe ry’abagiraneza riyakoresha ico yagenewe? Niwabigira, uzoba witwararitse abari n’ivyo bakeneye kandi uhuje n’uburyo ufise.

“Ntimwibagire gukora iciza be no gusangira ibintu n’abandi, kuko mwene ivyo bimazi ari vyo bihimbara Imana rwose.” (Abaheburayo 13:16) Urabona ko tudakwiye gusa “gusangira ibintu n’abandi,” ahubwo ko dukwiye no kwibuka “gukora iciza,” ni ukuvuga gufasha abandi. Nk’akarorero, abavyeyi b’inkerebutsi baramenyereza abana babo gufasha abageze mu zabukuru mu dukorwa twa misi yose, kuremesha abarwaye mu kubandikira agakete, mu kubagendera canke mu kubaterefona, bakabigisha no kwitwararika abandi bana bakenye canke bafise ubumuga kanaka. Ivyo bituma abana biga kugaragaza umutima mwiza no gutanga mu kiringo cose c’umwaka.

Abavyeyi b’inkerebutsi baramenyereza abana babo gufasha abageze mu zabukuru, abarwaye n’abandi bana bigorewe. Ivyo bituma abana biga kugaragaza umutima mwiza no gutanga mu kiringo cose c’umwaka