Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Guhurira hamwe mu muryango

Guhurira hamwe mu muryango

“Raba! Ese ukuntu ari vyiza kandi bihimbaye ko abavukana babana mu bumwe!”​—ZABURI 133:1.

Imvo imwe ituma bamwebamwe bahimbaza Noweli.

Kubera ko Abisirayeli bose bakomoka ku mugabo umwe Yakobo, uwitwa kandi Isirayeli, bari “abavukana,” abo mu muryango umwe. Igihe baba bakoraniye hamwe ku misi mikuru i Yeruzalemu, wasanga ari “vyiza” kandi “bihimbaye.” Nk’ukwo kw’Abisirayeli, abantu benshi muri iki gihe usanga bashashaye kwifatanya n’imiryango yabo kuri Noweli kugira bamarane umwanya ‘mwiza’ kandi ‘uhimbaye.’

Kubera iki bitoroshe?

Igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (Encyclopedia of Christmas and New Year’s Celebrations) kivuga giti: “Utugorane tuba dusanzwe turi mu muryango mu kiringo cose c’umwaka, akenshi cane usanga turushiriza gukomera no kwigaragaza igihe umuryango uhuriye hamwe ku misi mikuru.”

Ni ivyiyumviro ibihe vyo muri Bibiliya vyofasha?

‘Nimugume mwishura abavyeyi banyu na ba sokuru na ba nyokuru banyu inshumbusho ibakwiriye.’ (1 Timoteyo 5:4) Uko bishoboka kwose, nimutunganye ivy’uko muza muraja kuramutsa abo mu muryango wanyu uko haciye igihe. Nimba incuti zanyu ziba kure cane, murashobora guhanahana amakuru na bo. Murashobora kubandikira agakete, mukabaterefona, mukabandikira ubutumwa bwo kuri telefone canke mukaganira biciye ku buhinga bwa Internet. Kuguma muhanahana amakuru biragabanya ingorane z’ukutumvikana.

“Mwagiwe mu kibabarwe canyu bwite. . . . Nimwaguke.” (2 Abakorinto 6:12, 13) Abantu b’incuti mubonana rimwe gusa mu mwaka biroroshe cane ko basigara bameze nk’abantu mutazinanyi, na canecane ku bana. Abana bamwebamwe babona ko ata co bapfana na ba sekuru canke ba inakuru babo canke incuti zabo za kure. Ku bw’ivyo, nuremeshe abana bawe ‘kwaguka’ mu kibabarwe cabo mu kwiyegereza n’incuti zanyu zigeze mu zabukuru. * Abana bakunda kumarana umwanya n’abantu bageze mu zabukuru usanga kenshi barushiriza kugirira impuhwe no guha agaciro ababakurira.

“Kuvuga ijambo ribereye ku gihe kibereye birahimbara rwose.” (Imigani 15:23, New Century Version) Wokora iki kugira ngo ukutumvikana canke utundi tugorane ntibitume ubucuti bw’abo mu muryango butosekara? Kimwe mu vyo ushobora gukora ni ukuraba “igihe kibereye” co kuganira ibibazo bihambaye. Igihe mwama muganira, uzosanga vyoroshe cane ko wegera umwumwe wese mu bagize umuryango kugira ngo mutorere umuti ingorane iyo ari yo yose, maze igihe muhuriye hamwe mushobore kumarana umwanya ‘mwiza’ kandi ‘uhimbaye.’

^ ing. 9 Raba ikiganiro kivuga ngo “Kubera iki norondera kumenya sogokuru na nyogokuru?” n’ikivuga ngo “Nokora iki ngo ndushirize gushikirana na sogokuru na nyogokuru?” biri muri Be maso! (mu gifaransa) yo ku wa 22 Ndamukiza n’iyo ku wa 22 Rusama 2001, zasohowe n’Ivyabona vya Yehova.