Kwibuka Yezu Kristu
“Muragume mugira ibi mu kunyibuka.”—LUKA 22:19.
Imvo imwe ituma bamwebamwe bahimbaza Noweli.
Hari abavuga ko Noweli ijanye na Yezu, ko bayihimbaza kugira bibuke ivuka ryiwe.
Kubera iki bitoroshe?
Imiziki ikundwa cane ya Noweli be n’imigenzo myinshi ijanye n’uwo musi mukuru usanga ata ho bihuriye na Yezu Kristu. Abantu amamiliyoni bawuhimbaza ntibamwizera; bamwebamwe ntibanemera yuko yabayeho. Mu bijanye n’urudandazwa na ho, Noweli isigaye ari akaryo ko kumenyekanisha ibidandazwa aho kuba akaryo ko kwibuka Yezu.
Ni ivyiyumviro ibihe vyo muri Bibiliya vyofasha?
“Umwana w’umuntu yaje . . . kugira atange ubuzima bwiwe bwa ncungu ya benshi.” (Mariko 10:45) Arya majambo yo mu ntango z’iki kiganiro, biragaragara ko Yezu atayavuze igihe yavuka, ahubwo ko yayavuze buca apfa. Kuri uwo mugoroba, yaratanguje ibirori bisanzwe vyo kwibuka urupfu rwiwe. None ni kubera iki Yezu yashimye ko abayoboke biwe bibuka urupfu rwiwe aho kwibuka ivuka ryiwe? Kubera ko inkuka y’incungu ya Yezu ironsa abantu bumvira Imana akaryo ko kuzobaho ibihe bidahera. Bibiliya ivuga iti: “Impembo igicumuro gitanga [ni] urupfu, mugabo ingabirano Imana itanga ni ubuzima budahera biciye kuri Kristu Yezu Umukama wacu.” (Abaroma 6:23) Ku bw’ivyo, buri mwaka ku musi wo kwibuka urupfu rwa Yezu Kristu, abayoboke biwe baramwibuka, atari nk’akayoya ata co kishoboje, ahubwo nk’“umukiza w’isi.”—Yohani 4:42.
“Kristu yababajwe ku bwanyu, aba abasigiye akarorero kugira ngo mukurikire neza intambuko ziwe.” (1 Petero 2:21) Kugira ngo wibuke Yezu wongere umutere iteka, ukwiye kwiga ivyerekeye akarorero yadusigiye amaze kuba umuntu akuze kandi aciye ubwenge. Vyongeye, nuzirikane ku kuntu yagaragaje impuhwe, ukwihangana n’umutima rugabo wo gukora ikibereye wongere urondere uturyo two kumwigana mu buzima bwawe.
“Ubwami bw’isi bucitse ubwami bw’Umukama wacu n’ubwa Kristu wiwe, kandi azoganza ibihe bitazoshira.” (Ivyahishuwe 11:15) Igihe wibuka Yezu Kristu, nuzirikane ico ariko arakora muri iki gihe. Ubu ni Umwami aganza ari mw’ijuru. Ijambo ry’Imana ryari ryaravuze ku bijanye na Yezu riti: “Azocira urubanza koko abantu batobato mu bugororotsi, atange igikangiro mu kugororoka ku neza y’abatekereza bo kw’isi.” (Yesaya 11:4) Ivyo bintu bihimbaye ntibishobora gukorwa n’akayoya, ahubwo vyokorwa n’Umutegetsi akomeye.