Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ukuri

Ukuri

Wogukura hehe?

Ni gute kwokugirira akamaro wewe n’umuryango wawe?

Kugira uronke inyishu z’ivyo bibazo, turagutumiye n’igishika cinshi kw’ikoraniro ry’imisi itatu ryo muri uyu mwaka ry’Ivyabona vya Yehova.

UMUTWE-SHIMIKIRO:

‘Ijambo ry’Imana ni ukuri!’

wakuwe mu majambo Yezu yavuze muri Yohani 17:17.

IBINTU NYAMUKURU BIZOKWIHWEZWA:

Insiguro ikabura ubwenge ivuga ngo “Ukuri ni iki?”

Iyo nsiguro izokwerekana igituma dukwiye kwizigira Ijambo ry’Imana, Bibiliya.

Ibikino bibiri vyo kurorera. Ivyo bikino bizokwerekana ivyigwa twigira ku nkuru zivugwa muri Bibiliya.

ABASHOBORA KURYITABA:

Uwo ari we wese. Kwinjira ni ku buntu, kandi nta mahera azotozwa.

UMWANYA N’IKIBANZA:

Kugira ngo umenye ahantu iryo hwaniro rizobera hafi y’aho uba, no kugira ngo urorere ividewo yerekeye ivy’amahwaniro yacu, nuje ku muhora wo kuri Internet www.pr418.com. (Raba ahavuga ngo QUI SOMMES-NOUS ?/​RASSEMBLEMENTS)

Kugira ngo ubone urutonde rw’ibizoshikirizwa, ja ku muhora wo kuri Internet www.pr418.com. (Raba ahavuga ngo PUBLICATIONS/LIVRES & BROCHURES)