Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

BIBILIYA IRAHINDURA UBUZIMA BW’ABANTU

“Naripfuza cane kuba umupatiri”

“Naripfuza cane kuba umupatiri”
  • YAVUTSE MU 1957

  • IGIHUGU AKOMOKAMWO: MEGIZIKE

  • IVYO YACIYEMWO: YARIZE MW’ISEMINARI; YARAKAZA ISHAVU

KAHISE KANJE:

Navukiye mu gasagara gatoyi kitwa Texcoco. Ico gihe, amabarabara menshi yari ay’ivu kandi yari yuzuye inkungugu. Twarakunda kubona abantu bo mu bigwati bibanyi bazanye mu gisagara indogobwa zabo zipakiye ibidandazwa. Umuryango wacu wari ukenye. Twavukana turi abana icenda, jewe nkaba nagira indwi. Dawe yashona ibirato kugira aronke igitunga umuryango. Ariko yapfuye mfise imyaka indwi. Kuva ico gihe, mawe

Sokuru yavuza indonongo y’ikizungu yitwa violon, akaba kandi yari ayoboye umugwi w’abacuraranzi bacuraranga canecane utuziki tw’Imana tuyengera. Abo mu muryango wacu nka bose bari abacuraranzi. Mawe yaririmba mw’ikorare yo mu rusengero, marume na we akaba yaririmba indirimbo z’ibikino vyitwa opéra akongera akavuza ipiyano. Twarakunda ivyo gusenga, kandi kubera ko nari umukorezi, naripfuza cane kuba umumisiyonari w’umugatolika. Ariko kandi, narakunda cane amasenema yerekana amakarate. Uko narushiriza kurorera ayo masenema, ni ko naguma ndushiriza kuba inkazi.

Naragiye kwiga mw’ishure rimeze nk’iseminari ryo mu gisagara citwa Puebla. Nari mfise intumbero yo kuba umupatiri muri Gatolika. Ariko rero, igihe nariko ndarangiza ivyo vyigwa, idini rya Gatolika ryaramvunye umutima. Hari umubikira akiri muto yansavye ngo turyamane. Naho namwankiye, ico kintu catumye ngira icipfuzo co kwubaka urwanje. Vyongeye, narabonye ko abapatiri benshi biyorobeka. Nahavuye rero mpeba uwo mugambi wo kuba umupatiri.

Igihe nari umukorezi, naripfuza cane kuba umumisiyonari w’umugatolika, mugabo kandi narakunda cane amasenema yerekana amakarate, akaba yatuma ndushiriza kuba inkazi

Naciye mfata ingingo yo kuja kwiga ivy’umuziki kw’ishure ry’umuziki ryo mu gisagara ca Mexico. Ndangije ivyo vyigwa, narubatse urwanje, turahava twibaruka abana bane. Kuririmba mu misa ni vyo vyandonsa ico gutunga umuryango.

Umubano wacu waranzwemwo ingorane kuva mu ntango. Jewe n’umukenyezi wanje twarafatana nabi, ahanini bikaba vyava ku kuntu twagiranira ishari. Mu ntango twaraterana amajambo, ariko mu nyuma twahavuye dushira mu migere. Amaherezo, tumaranye imyaka 13, twaratandukanye, mu nyuma turahukana.

UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE:

Natanguye kubonana n’Ivyabona vya Yehova imbere y’uko mvana n’umugore wanje. Hari Ivyabona vya Yehova babiri batugendeye kugira batuganirize ku vyerekeye Bibiliya. Kubera niyumvira ko nari nzi ivy’Imana cane, naciye ntangura kubereka ko batari mu kuri. Narababajije ibibazo bigoye, ivyo nabona ko ata woshobora kwishura. Ariko icantangaje ni ukubona ingene bishura neza ivyo bibazo bishimikije Bibiliya. Naciye ntangura kubona yuko vy’ukuri nazi nzi bike. Ariko rero, kubera ko umugore wanje yafata nabi Ivyabona vya Yehova, nanje nkaba narafatirwa cane, ntivyakunze ko baguma batugendera.

Haciye imyaka itanu, narasubiye kubonana n’Ivyabona vya Yehova, ico gihe nkaba nari mfise uwundi mugore yitwa Elvira. Kuba Elvira atarwanya Ivyabona vya Yehova, vyatumye noroherwa no kuza ndiga Bibiliya ntahorereza. Naho ari ukwo, vyasavye imyaka myinshi kugira ngo mpinduke.

Naratahuye yuko nimba nipfuza gusenga Yehova n’umutima wanje wose, nari nkeneye kugira amahinduka akomeye. Nategerezwa kubanza guheba ivyo kuririmba mu misa, ivyo bikaba bisigura ko nategerezwa kurondera ubundi buryo bwo kwibeshaho. (Ivyahishuwe 18:4) Nari nkeneye kandi kwandikisha umubano wanje na Elvira.

Ariko rero ikintu cambereye urugamba kuruta ibindi vyose, ni ugucungera ishavu ryanje rikaze. Hari imirongo ibiri yo muri Bibiliya yamfashije rwose: Zaburi 11:5, aherekana ko Yehova yanka ubukazi, be na 1 Petero 3:7, ahanyigishije yuko nimba nipfuza ko Yehova yumva amasengesho yanje, ntegerezwa gutera iteka umukenyezi wanje. Kuguma nzirikana kuri iyo mirongo no gusenga Yehova ngo amfashe, vyatumye nshobora gucungera ishavu ryanje.

Bibiliya yaranyigishije yuko nimba nipfuza ko Yehova yumva amasengesho yanje, ntegerezwa gutera iteka umukenyezi wanje

IVYIZA NAHAKUYE:

Ubu ndahimbawe mu muryango. Ndihatira kunagura ubucuti mfitaniye n’abana navyaranye n’umugore wa mbere, nkongera ngafasha umuryango wanje mushasha gukomera mu kwizera.

Nkiri umwana, naripfuza cane kuba umupatiri no gufasha abantu. Ubu ndabona ko ubuzima bwanje bufise intumbero vy’ukuri. Kwigisha ivy’umuziki ni vyo bindonsa ico gutunga umuryango. Ndashimira cane Yehova kubona yaranyihanganiye, akampa akaryo ko guhinduka nkaba umuntu mwiza!