Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 ABASOMYI BACU BARABAZA . . .

Kubera iki abantu bamwebamwe bo muri Bibiliya batavugwa amazina?

Kubera iki abantu bamwebamwe bo muri Bibiliya batavugwa amazina?

Mu gitabu ca Rusi co muri Bibiliya, haravugwamwo umugabo yanse gukora ikintu yasabwa n’Itegeko rya Musa, hakamwita gusa ngo “naka.” (Rusi 4:1-12) Twoba dukwiye guca twiyumvira yuko abantu bose bavugwa muri Bibiliya mugabo batavugwa amazina bari abantu babi canke ata co bamaze?

Habe namba. Raba akandi karorero gatandukanye n’ako. Mu ntumbero yo gutegura imfungurwa za Pasika ya nyuma Yezu yahimbaje, yabwiye abigishwa biwe ngo “gende mu gisagara kwa naka [“kwa ntuze,” Bibiliya Yera]”, ngo abe ari ho bategurira nya mfungurwa. (Matayo 26:18) Twoba dukwiye kwiyumvira ko uwo mugabo yitwa “naka” muri uwo murongo atavuzwe izina kubera ko yari umuntu mubi canke ko ata co yari amaze? Oya; nta gukeka ko uwo “ntuze” avugwa ng’aho yari umwigishwa wa Yezu. Izina ryiwe ntiryavuzwe kubera yuko ritari rihambaye muri iyo nkuru.

Vyongeye, Bibiliya irimwo inkuru zivugwamwo amazina y’abantu babi benshi; irimwo kandi uburorero bw’abantu benshi b’abizigirwa mugabo batavugwa amazina. Nk’akarorero, nta muntu atazi izina rya wa mugore wa mbere, ari we Eva. Yamara, ubwikunzi bwiwe n’ubugambarazi bwiwe biri mu vyatumye Adamu acumura, ivyo bikaba vyaradukwegeye twese. (Abaroma 5:12) Igihushanye n’ivyo, naho umukenyezi wa Nowa atavugwa izina muri Bibiliya, hari ibintu vyinshi twungukira ku kugamburuka kwiwe be n’agatima kazira ubwikunzi yagaragaje mu gushigikira umugabo wiwe mu gikorwa gihambaye yari yashinzwe. Biragaragara rero ko kuba atavugwa izina biterekana ko ata co yari amaze canke ko atashimwa n’Imana.

Hariho n’abandi bantu batavugwa amazina muri Bibiliya bagize uruhara rukomeye mw’iranguka ry’umugambi wa Yehova, mbere bakaba barabaye intwari. Iyumvire ka Kisirayelikazi kari agashumba kwa Namani, umukuru w’ingabo za Siriya. Kabigiranye ubutinyutsi, karabwiye inabuja, ari we muka Namani, ivyerekeye umuhanuzi wa Yehova yari muri Isirayeli. Ivyo vyatumye haba igitangaro gikomeye. (2 Abami 5:1-14) Umwigeme wa wa mucamanza Yefuta wo muri Isirayeli na we nyene yarabaye akarorero kadasanzwe mu bijanye n’ukwizera. Yaremeye guheba ivyo kwubaka urwiwe no kwibaruka ibibondo, kugira ngo ashitse ivyo se wiwe yari yasezeraniye Imana. (Abacamanza 11:30-40) Ikigeretseko, hariho abantu batunganije amazaburi arenga 40 batavugwa amazina, hamwe n’abahanuzi b’Imana b’abizigirwa baranguye ibikorwa bihambaye mugabo bakaba batavugwa amazina.—1 Abami 20:37-43.

Kumbure akarorero gatangaje kuruta ni akerekeye abamarayika b’abizigirwa. Naho igitigiri cabo ari amamiliyoni n’amamiliyoni, babiri gusa ni bo bavugwa amazina muri Bibiliya, na bo bakaba ari Gaburiyeli na Mikaheli. (Daniyeli 7:10; Luka 1:19; Yuda 9) Abasigaye nta mazina yabo avugwa muri Bibiliya. Nk’akarorero, hari umumarayika yabajijwe na Manowa se wa Samusoni ati: “Witwa nde, kugira ngo ijambo ryawe niryaranguka ntituze tubure kugutera iteka?” None yishuye iki? Yishuye ati: “Umbariza iki izina ryanje?” Uwo mumarayika yarifashe ruto aranka guhabwa icubahiro cari kibereye Imana gusa.—Abacamanza 13:17, 18.

Inkuru zimwezimwe zo muri Bibiliya ntizisigura igituma zivuga amazina y’abantu bamwebamwe, ay’abandi na yo ntiziyavuge. Naho ari ukwo, turashobora kwigira ibintu vyinshi ku bantu n’abamarayika b’abizigirwa bakoreye Imana batipfuza kumenyekana canke kuba abahambaye.