Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 NIWIYEGEREZE IMANA

‘Kamere zayo zitaboneka ziribonekeza neza’

‘Kamere zayo zitaboneka ziribonekeza neza’

Woba wemera Imana? Nimba uyemera, woba ushobora gutanga ivyemeza ko ibaho? Ico womenya co ni uko hari ibimenyamenya umuyoro vyerekana ko hariho Umuremyi afise ubukerebutsi, ububasha n’urukundo. Ivyo bimenyamenya ni ibihe? Vyoba bijijura? Kugira ngo turonke inyishu, reka turimbure amajambo y’intumwa Paulo ari mw’ikete yandikiye abakirisu b’i Roma.

Paulo yavuze ati: “Kamere [z’Imana] zitaboneka zibonwa neza uhereye kw’iremwa ry’isi, kubera ko zitahurirwa ku bintu vyaremwe, ni zo bubasha bwayo bw’ibihe bidahera n’Ubumana bwayo, ku buryo ata co bireguza.” (Abaroma 1:20) Nk’uko Paulo yavyerekanye, igikorwa c’Umuremyi kirashira ahabona kamere ziwe. Reka dusuzume twitonze ayo majambo Paulo yavuze.

Paulo avuga yuko kamere z’Imana zibonwa “uhereye kw’iremwa ry’isi.” Muri uwu murongo, ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “isi” ntirishaka kuvuga umubumbe w’isi. Ahubwo rishaka kuvuga abantu. * Ku bw’ivyo, Paulo ashaka kuvuga yuko kuva igihe abantu baremwa gushika ubu, bishoboka ko babona kamere z’Umuremyi bafatiye ku vyo yahinguye.

Ivyo bimenyamenya biri ahantu hose. Ntivyihishije mu bidukikije, ahubwo ‘biribonekeza neza.’ Kuva ku biremwa bininibinini gushika kuri bitobito, ivyaremwe birerekana neza yuko hariho Uwabiremye be n’uko afise kamere z’igitangaza. None uravye ukuntu ibidukikije bihinguwe ku buhinga, ntuca ubona ubukerebutsi bw’Imana? Mbega amajuru yuzuye inyenyeri be n’imipfunda ikomeye y’ikiyaga ntivyerekana ububasha bwayo? Imfungurwa zitandukanye zituryohera be n’ubwiza bw’izuba riserutse canke rirenze ntivyerekana urukundo Imana ikunda abantu?—Zaburi 104:24; Yesaya 40:26.

None ivyo bimenyamenya biboneka ku rugero rungana iki? Biribonekeza cane ku buryo abatabibona bigatuma batemera Imana “ata co bireguza.” Umuhinga umwe abitangira aka karorero: Iyumvire umushoferi yirengagije icapa kimusaba gukatira ibubamfu. Umupolisi aciye amuhagarika akamuca amande. Uwo mushoferi arisigura avuga ko ico capa atakibonye. Ariko ico citwazo ntigifashe kuko ico capa cibonekeza neza kandi uwo mushoferi akaba ata ngorane afise y’amaso. Vyongeye, umushoferi asabwa kugenda araraba ivyapa nk’ivyo kandi agakurikiza ubuyobozi bimuha. Ukwo nyene ni ko bimeze ku bintu vyo mu bidukikije vyerekana ko Imana ibaho. Ivyo bimenyamenya, ivyogereranywa n’ivyapa, biribonekeza neza. Kubera turi ibiremwa vyiyumvira, turashoboye rero kubona ivyo bimenyamenya. Uwuvyirengagiza nta co yireguza.

Igikorwa c’Umuremyi kirashira ahabona kamere ziwe

Vy’ukuri, ivyaremwe bimeze nk’igitabu gihishura vyinshi ku Muremyi wacu. Ariko rero, hariho ikindi gitabu gihishura n’ibindi vyinshi ku bimwerekeye, na co kikaba ari Bibiliya. Biciye kuri Bibiliya, turashobora kuronka inyishu y’iki kibazo gihambaye: Ni umugambi uwuhe Imana ifitiye isi n’abayibako? Kumenya inyishu y’ico kibazo birashobora gutuma wiyegereza iyo Mana “kamere zayo zitaboneka zibonwa neza” ahantu hose wotereza akajisho.

Aho tukuremesheje gusoma muri Myandagaro

Abaroma 1-16

^ par. 5 Bibiliya iravuga kandi ko “isi” yagirwa n’igicumuro kandi ko ikeneye umukiza, ivyo bikaba vyerekana ko iyo “si” yerekeza ku bantu atari kw’isi-butaka.—Yohani 1:29; 4:42; 12:47.