Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 NIWIYEGEREZE IMANA

“Ihemba abayironderana ubwira”

“Ihemba abayironderana ubwira”

Yehova yoba ashima ivyo abamusenga bakora kugira ngo bamuhimbare? Hari abovuga yuko Imana itabishima, ngo kubera itatwitaho. Ariko ico ciyumviro gituma abantu babona Imana ukutari ko. Ijambo ryayo Bibiliya riratubwira ukuri ku bijanye n’ivyo. Riradukura amazinda yuko Yehova akenguruka utwigoro abamwizera bagira. Rimbura ivyo intumwa Paulo yavuze mu Baheburayo 11:6.

None hasabwa iki kugira ngo umuntu ahimbare Yehova? Paulo yanditse ati: “Ata kwizera ntibishoboka kuyihimbara rwose.” Urabona yuko Paulo atavuga ko bigoye yuko umuntu ahimbara Imana mu gihe atagira ukwizera. Ahubwo iyo ntumwa ivuga yuko bidashoboka. Mu yandi majambo, ukwizera ni kimwe mu bintu nyamukuru umuntu asabwa kugira ngo ahimbare Imana.

Ni ukwizera bwoko ki guhimbara Yehova? Ukwizera kwacu gukwiye kuba kugizwe n’imice ibiri. Ubwa mbere, umuntu “ategerezwa kwemera yuko iriho.” Hari izindi Bibiliya zivuga ngo “kwemera ko [Imana] atari umugani” canke “kwemera ko ibaho.” Nkako, wumva twohimbara Imana gute mu gihe twoba dukekeranya yuko iriho? Ariko ntiwumve, ukwizera nyakuri si ukwemera gusa ko Yehova ariho, kuko n’amadayimoni aremera ko Yehova abaho. (Yakobo 2:19) Kwizera ko Imana atari umugani bikwiye gutuma tugira ico dukoze, ni ukuvuga tukerekana ukwizera kwacu mu kubaho mu buryo buyihimbara.Yakobo 2:20, 26.

Ubugira kabiri, umuntu “ategerezwa kwemera yuko” Imana “ihemba” abayo. Umuntu afise ukwizera nyakuri arizigira rwose yuko utwigoro agira kugira abeho mu buryo buhimbara Imana atari impfagusa. (1 Abakorinto 15:58) Wumva none twohimbara Yehova gute mu gihe twoba dukekeranya ku bijanye n’uko ashoboye kandi yipfuza kuduha impembo? (Yakobo 1:17; 1 Petero 5:7) Umuntu yibaza ko Imana ititwararika abantu, ko idakenguruka ivyo bakora, be n’uko idatanga ntaba azi iyo Mana ivugwa muri Bibiliya.

None ni bande Yehova aha impembo? Paulo avuga ati: “Abayironderana ubwira.” Igitabu kimwe gifasha abahinduzi ba Bibiliya kivuga yuko ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo ‘kuyironderana ubwira’ ridasobanura “ukuja kurondera” Imana, ahubwo ko ririmwo iciyumviro co kwiyegereza Imana “kugira uyisenge.” Hari ikindi gitabu gisobanura yuko iryo rivuga ry’ikigiriki riri mu mero itanga iciyumviro co kugira ishaka be n’akigoro gakomeye. Egome, Yehova araha impembo abafise ukwizera gutuma bamusenga babigiranye ishaka n’umutima wabo wose.Matayo 22:37.

Twohimbara Imana gute mu gihe twoba dukekeranya ku bijanye n’uko ishoboye kandi yipfuza kuduha impembo?

None Yehova aha impembo gute abamusenga babigiranye ukwizera? Yasezeranye kuzobaha impembo y’agaciro ntangere ishira ahabona urukundo rwiwe be n’ugutanga cane kwiwe, iyo na yo ikaba ari ukubaho ibihe bidahera mw’Iparadizo ng’aha kw’isi. (Ivyahishuwe 21:3, 4) Abarondera Yehova babigiranye ubwira, no muri iki gihe barironkera imihezagiro myinshi. Bivuye ku mpwemu nyeranda y’Imana no ku bukerebutsi bwo mw’Ijambo ryayo, baragira ubuzima bumeze neza kandi burimwo agahimbare.—Zaburi 144:15; Matayo 5:3.

Mu vy’ukuri, Yehova ni Imana ikenguruka kandi iha agaciro igikorwa abasavyi biwe bamwihebeye barangura babigiranye ukwizera. Kumenya ivyo bintu vyoba bikuvyurira umutima wo kurushiriza kumwiyegereza? Nimba ari ko biri, ubona gute urondeye kumenya n’ibindi ku bijanye n’ukuntu wotsimbataza ukongera ukagaragaza ukwizera kuzotuma Yehova aguha impembo ikomeye?

Aho tukuremesheje gusoma muri Munyonyo

Tito 1-3; Filemoni 1-25; Abaheburayo 1-13Yakobo 1-5