Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Icizigiro ku bapfuye: Izuka

Icizigiro ku bapfuye: Izuka

Woba wemera umuhango dusanga muri Bibiliya werekeye izuka? * Tuvugishije ukuri, gusubira kubona abacu bapfuye vyoduhimbara. Ariko none, vyoba bizoshoboka? Kugira ngo twishure ico kibazo, reka twihweze akarorero k’intumwa za Yezu Kristu.

Intumwa zaremera zidakekeranya ko hariho izuka ry’abapfuye. Kubera iki? Kubera imvo zibiri n’imiburiburi. Ubwa mbere, bizigira izuka ahanini kubera ko Yezu ubwiwe yari yarazuwe mu bapfuye. Yezu amaze kuzuka yariyeretse intumwa be na “bene wacu barenga amajana atanu icarimwe.” (1 Abakorinto 15:6) Vyongeye, abantu benshi barashingiye intahe bongera baremeza izuka rya Yezu, nk’uko za Njili zine zivyerekana.—Matayo 27:62–28:20; Mariko 16:1-8; Luka 24:1-53; Yohani 20:1–21:25.

Ubwa kabiri, intumwa zariboneye ingene Yezu yazuye n’imiburiburi abantu batatu, uwa mbere i Nayini, uwa kabiri i Kaperinawumu, uwa nyuma i Betaniya. (Luka 7:11-17; 8:49-56; Yohani 11:1-44) Uwo wa nyuma yari uwo mu muryango wakundana cane na Yezu, akaba yavuzwe mu biganiro vyo mu ntango. Reka turabe n’ibindi vyabaye ico gihe.

“NI JEWE ZUKA”

“Musazawe arazuka.” Ayo ni yo majambo Yezu yabwiye Marita mushiki wa Lazaro, uwari amaze imisi ine apfuye. Mu ntango Marita ntiyategereye ivyo Yezu avuze. Kubera ko yiyumvira ko vyobaye muri kazoza, yishuye ati: “Ndazi ko azozuka.” Iyumvire ukuntu Marita yatangaye yumvise Yezu avuze ati: “Ni jewe zuka n’ubuzima,” hanyuma akazura musazawe!—Yohani 11:23-25.

None Lazaro yari hehe muri iyo misi ine? Lazaro nta kintu na kimwe yavuze cerekena ko muri iyo misi ine yari ahandi hantu ari muzima. Nta mutima w’ubwenge udapfa Lazaro yari afise wagiye kuba mw’ijuru. Igihe Yezu yamuzura, ntiyamugarukanye kw’isi amukuye mu munezero yari yibereyemwo mw’ijuru hafi y’Imana. None Lazaro yari hehe muri iyo misi ine? Mu vy’ukuri, yari asinziriye mu mva.—Umusiguzi 9:5, 10.

Niwibuke yuko Yezu yagereranije urupfu n’itiro umuntu ashobora kuvamwo biciye kw’izuka. Iyo nkuru ivuga iti: “ ‘Lazaro umugenzi wacu araruhutse, mugabo ndagiyeyo kumukangura mw’itiro.’ Abigishwa rero bamubwira bati: ‘Mukama, nimba aruhutse, azokira.’ Ariko Yezu yari avuze ivyerekeye urupfu rwiwe. Mugabo biyumviriye ko yariko avuga ukuruhukira mw’itiro. Ico gihe rero, Yezu ababwira atomora ati: ‘Lazaro yapfuye.’ ” (Yohani 11:11-14) Biciye kw’izuka, Yezu yaratumye Lazaro asubira kuba muzima, yongera kubonana n’umuryango wiwe. Ese ukuntu Yezu yakoreye uwo muryango ikintu ciza igitangaza!

Kuba Yezu yarazuye abantu igihe yari ng’aha kw’isi, vyabaye imponjo y’ivyo azokora muri kazoza ari Umwami w’Ubwami bw’Imana. * Igihe Yezu azoba aganza isi ari mw’ijuru, azotuma abapfuye basinziriye mu mva basubira kuba bazima. Ni co gituma yavuze ati:“Ni jewe zuka.” Iyumvire umunezero uzogira niwasubira kubona abawe bapfuye! Iyumvire kandi umunezero abazozuka bazogira!—Luka 8:56.

Iyumvire umunezero uzogira niwasubira kubona abawe bapfuye!

NIWIZERE URONKE UBUZIMA BUDAHERA

Yezu yabwiye Marita ati: “Uwunyizera, naho yopfa, azoba muzima; kandi uwuriho wese akanyizera ntazokwigera apfa.” (Yohani 11:25, 26) Abo Yezu azozura mu kiringo ca ya ngoma yiwe y’imyaka igihumbi bazoshobora kubaho ibihe bidahera, nibabandanya kumwizera vy’ukuri.

“Uwunyizera, naho yopfa, azoba muzima.”—Yohani 11:25

Yezu ahejeje kuvuga ayo majambo adasanzwe, yaciye abaza Marita ikibazo gituma umuntu yirimbura, ati: “ ‘Uremera ivyo?’ Amubwira ati: ‘Egome, Mukama; ndemera ko uri Kristu Umwana w’Imana.’ ” (Yohani 11:26, 27) Weho bite? Woba wipfuza kwizera izuka nk’ukwo kwa Marita? Ukwiye kubanza kumenya umugambi Imana ifitiye abantu. (Yohani 17:3; 1 Timoteyo 2:4) Ivyo birashobora gutuma ugira ukwizera. Ubona gute usavye Ivyabona vya Yehova bakakwereka ico Bibiliya ibivugako? Bazohimbarwa no kukuyagira ivy’ico cizigiro ciza igitangaza c’izuka.

^ par. 2 Raba ikiganiro kivuga ngo “Urupfu si iherezo rya vyose!” kiri ku rupapuro rwa 6 rw’iki kinyamakuru.

^ par. 9 Wipfuza kumenya n’ibindi ku bijanye n’umuhango Bibiliya itanga w’uko hazoba izuka, raba ikigabane ca 7 c’igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.