Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
Bibiliya yoba vy’ukuri ari Ijambo ry’Imana?
Umuntu yokwitega ko Ijambo ry’Imana riba iridasanzwe, kandi Bibiliya ni ko imeze. Amakopi amamiliyaridi yayo aramaze gucapurwa mu ndimi amajana n’amajana. Ubukerebutsi dusanga muri Bibiliya burafise ububasha bwo guhindura abantu bakarushiriza kumera neza.
Ikitwemeza ko Bibiliya yavuye ku Mana ni uko ivuga ibizoba muri kazoza ata kwihenda. Ivyo nta muntu yobishobora. Raba nk’akarorero igitabu ca Yesaya. Hari ikopi y’ico gitabu yubuwe mw’isenga rimwe riri hafi y’Ikiyaga c’Umunyu, ikaba yanditswe hagisigaye imyaka irenga ijana ngo Yezu avuke. Ico gitabu cari caravuze yuko igisagara ca Babiloni kitosubiye kubamwo abantu. Ivyo vyatanguye kuranguka haheze imyaka myinshi Yezu avuye kw’isi.
Bibiliya yanditswe gute?
Bibiliya yanditswe mu kiringo c’imyaka nka 1.600. Yanditswe n’abantu nka 40, ivyo banditse bikaba bishimika ku kintu nyamukuru kimwe, ata kuvuguruzanya. Ivyo vyashobotse gute? Imana ni yo yabayoboye igihe bandika.
Rimwe na rimwe Imana yavugana n’abanditse Bibiliya biciye ku bamarayika, ku ndoto canke ku kwerekwa. Kenshi Imana yarashira mu bwenge bwabo ivyo yashaka ko bandika, igaca ireka bakihitiramwo amajambo bakoresha mu kuvyandika.