Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | INTAMBARA YAHINDUYE ISI

Ni nde vy’ukuri ateza intambara n’imibabaro?

Ni nde vy’ukuri ateza intambara n’imibabaro?

Ku wa 11 Munyonyo 1918, Intambara ya mbere y’isi yose yararangiye. Urudandazwa rumwerumwe rwarahagaze, abantu na bo baratambira mu mabarabara. Ariko umunezero bari bafise ntiwamaze na kabiri. Ngo amabi ntasiga ayandi, hari ikiza caciye gikurikira iyo ntambara y’isi yose, kikaba mbere cahitanye abantu baruta abahitanywe n’iyo ntambara.

Hari ikiza gitikiza inganda ciswe ngo akamangu ko muri Espanye cari cateye ingabo z’Abafaransa muri Ruheshi 1918. Ako kamangu ntikatevye kwiha inkumbi. Nk’akarorero, mu mezi nk’angahe, karahitanye abasoda b’Abanyamerika bari mu Bufaransa baruta abishwe n’abansi babo. Vyongeye, igihe iyo ntambara y’isi yarangira, abasoda basubiye mu bihugu vyabo bagiye bajanye ako kamangu, gutyo gaca gakwiragira ningoga kw’isi yose.

Imyaka yakurikiye iyo ntambara yaranzwe kandi n’inzara be n’ubukene. Igice kinini c’Abanyaburaya cari kigeramiwe n’inzara igihe iyo ntambara yarangira mu 1918. Mu 1923, ifaranga ry’Ubudagi nta gaciro ryari rigifise. Imyaka itandatu inyuma y’aho, isi yose yaracupiye mu vy’ubutunzi. Amaherezo, mu 1939 haciye haduka Intambara ya kabiri y’isi yose, mu mice imwimwe ikaba ari ya Ntambara ya mbere y’isi yose yari ibandanije. None ayo mabi yakurikiranye gutyo yagaragaza iki?

IKIMENYETSO C’IMISI YA NYUMA

Ubuhanuzi bwo muri Bibiliya buradufasha kumenya igituma ibintu bimwebimwe vyagiye biraba, na canecane Intambara ya mbere y’isi yose. Yezu Kristu yaravuze ivyerekeye igihe ‘ihanga ryohagurukiye irindi hanga,’ ibiza n’amapfa na vyo bigakwiragira kw’isi yose. (Matayo 24:3, 7; Luka 21:10, 11) Yabwiye abigishwa biwe yuko ivyago nk’ivyo vyobaye ari ikimenyetso c’imisi ya nyuma. Mu gitabu c’Ivyahishuwe turahasanga ayandi makuru ajanye n’ivyo, kino kikaba cerekana isano riri hagati y’ivyago biba kw’isi be n’intambara yabaye mw’ijuru.—Raba uruzitiro ruvuga ngo  “Intambara kw’isi be n’intambara mw’ijuru.”

Ico gitabu nyene co muri Bibiliya c’Ivyahishuwe kiradondora ibijanye n’abagendera ku mafarasi bane. Batatu muri bo bagereranya vya vyago nyene Yezu yari yaramenyesheje, ari vyo intambara, amapfa n’ikiza. (Raba uruzitiro ruvuga ngo  “Ya mafarasi yoba ariko ariruka vy’ukuri?”) Si ivy’imbeshere, intambara ya mbere y’isi yose yatanguje ikiringo c’amarushwa atigeze agabanuka. Vyongeye, Bibiliya irerekana yuko Shetani ari we nkomoko y’ayo marushwa. (1 Yohani 5:19) None ububasha afise bwoba buzokwigera buhagarikwa?

Igitabu c’Ivyahishuwe kiraturemesha kandi mu kutubwira yuko Shetani asigaje “igihe gito” gusa. (Ivyahishuwe 12:12) Ni co gituma yuzuye uburake, bigatuma ateza isi amarushwa atovugwa. Naho ari ukwo, ivyago tubona vyerekana ko Shetani asigaje umwanya uri ku rushi.

GUSAMBURA IBIKORWA VYA SHETANI

Intambara ya mbere y’isi yose yaratumye vy’ukuri haba amahinduka akomeye. Yabaye intango y’ikiringo c’intambara zikomakomeye, ukutizigirwa kw’abategetsi be n’imigumuko yo guharanira amahinduka mu vya politike. Vyongeye, ni ikimenyamenya gikomeye c’uko Shetani yirukanywe mw’ijuru. (Ivyahishuwe 12:9) Ariko kandi uwo mutware w’isi ataboneka yaciye akora nk’intwazamukazo itagira ikigongwe izi yuko isigaje igihe gito. Ico gihe nicahera, ikiringo c’ivyago catanguranye n’Intambara ya mbere y’isi yose na co nyene kizoca kirangira.

Twisunze ubuhanuzi bwo muri Bibiliya, uri n’imvo zo kwizigira ko Umwami wacu wo mw’ijuru, ari we Yezu Kristu, vuba agiye “[gusambura] ibikorwa vya Shetani.” (1 Yohani 3:8) Abantu amamiliyoni bama basenga basaba ko Ubwami bw’Imana bwoza. Weho bite? Biciye kuri ubwo Bwami, abantu b’abizigirwa amaherezo bazobona ingene kw’isi haranguka ivyo Imana igomba, aho kuba ivyo Shetani agomba. (Matayo 6:9, 10) Ubwami bw’Imana nibwaganza isi, nta ntambara y’isi yose canke intambara iyo ari yo yose zizokwongera kuvugwa! (Zaburi 46:9) Niwige ivyerekeye ubwo Bwami, ubone kuzobaho igihe isi izoba yuzuye amahoro!—Yesaya 9:6, 7.