IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | IVYO IMANA IMAZE KUGUKORERA
Urwo rubanza ntiruze rugucike!
Mw’ijoro ry’imbere y’uko Yezu atanga ubuzima bwiwe, yarategetse abayoboke biwe b’abizigirwa kwibuka ikimazi yagira atange. Akoresheje umukate utambiwe n’umuvinyu utukura, yaratanguje Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba maze abategeka ati: “Muragume mugira ibi mu kunyibuka.”
Buri mwaka, Ivyabona vya Yehova bo kw’isi yose barahimbaza urupfu rwa Yezu kw’igenekerezo rwabereyeko. Muri uwu mwaka wa 2014, ico Cibutso kizoba ku wa mbere igenekerezo rya 14 Ndamukiza, izuba rirenze.
Uratumiwe n’igishika cinshi kuri iryo koraniro, ahazosigurwa vyinshi ku bijanye n’insobanuro y’incungu Yezu yatanze mu kudupfira. Kwitaba iryo koraniro ni ku buntu kandi nta mahera azotozwa. Uwaguhaye iki kinyamakuru arashobora kukubwira isaha ico Cibutso kizoberako n’aho kizobera ng’aho iwanyu, canke ukavyirabira ku muhora wacu jw.org. Turagusavye iryo genekerezo uryandike ahantu, kugira ngo urwo rubanza ntiruze rugucike.