Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
Ni nde vy’ukuri atwara iyi si?
Abantu benshi bemera ko Imana y’ukuri ari yo itwara iyi si. Ariko none iyo Imana iba ari yo itwara iyi si, ubwo isi iba yuzuye imibabaro gutya? (Gusubira mu vyagezwe 32:4, 5) Bibiliya ivuga ko isi iri mu bubasha bw’umubisha.
None vyagenze gute ngo umubisha yigarurire abantu? Igihe abantu batangura kubaho, hari umumarayika yagararije Imana maze yosha umugabo n’umugore ba mbere ngo na bo nyene bagararize. (Itanguriro 3:1-6) Uwo mugabo n’umugore bahisemwo kwumvira uwo mumarayika w’umugarariji Shetani, bamugira umutware wabo. Imana Mushoboravyose ni yo yonyene ifise uburenganzira bwo kuba Umutware, ariko ishaka ko abantu bahitamwo ubutegetsi bwayo babitumwe n’urukundo bayifitiye. (Gusubira mu vyagezwe 6:6; 30:16, 19) Ikibabaje ni uko abantu benshi bahenzwe bakagira ihitamwo ribi nk’iry’uwo mugabo n’umugore ba mbere.
Ni nde azotorera umuti ingorane z’abantu?
Imana yoba izoreka Shetani akabandanya ubutegetsi bwiwe bubi? Haba namba! Imana izokoresha Yezu kugira akureho ibibi Shetani yakoze.
Yezu abishobojwe n’Imana, azorandura Shetani. (Abaroma 16:20) Imana rero izoca itegeka abantu yongere itume babaho mu mahoro no mu gahimbare nk’uko yabigomba mu ntango.